Ja ku birimwo

7 GITUGUTU 2015
Austria

Ibirori vyo kwibuka Icabona wo muri Otrishe yishwe n’Abanazi

Ibirori vyo kwibuka Icabona wo muri Otrishe yishwe n’Abanazi

Gabriele Votava, umukuru w’igisagara citwa Meidling c’i Vienne, ariko arashikiriza ijambo muri vya birori.

I VIENNE: Ku wa 13 Rusama 2015, abantu bashika 400 baritavye ibirori vyo gushira ahabona icibutso ceguriwe Gerhard Steinacher. Gerhard ni Icabona ca Yehova haciye imyaka 75 yishwe n’Abanazi kubera ko yanse kuja mu gisoda c’Abadagi. Umukuru w’igisagara citwa Meidling c’i Vienne ari we Gabriele Votava, ni we yashikirije ijambo mu birori vyo gushira ahabona ico cibutso camanitswe hanze ku ruhome rw’inzu umuryango wa ba Steinacher wahora ubamwo i Meidling ku murwa mukuru Vienne, kw’ibarabara ryitwa Lägenfeldgasse 68.

Iryo jambo yashikirije ryari rifise umutwe uvuga ngo “Sinshobora kurasa,” ayo akaba ari amajambo yavuzwe na Gerhard igihe yariko ariburanira. Ayo majambo make arerekana neza impanuro zo muri Bibiliya Gerhard yisunga, nk’iyo Yezu yatanze muri Matayo 19:19 igira iti: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.”

Gerhard yatanguye kwiga Bibiliya akiri muto. Ashikanye imyaka 17, yarafashe ingingo yo kuba Icabona ca Yehova. Ku wa 15 Nyakanga 1939, yarafashwe ahorwa ko yanse kuja mu gisirikare kubera ivyo yemera no kubera yanse kuvuga indamutso yo guhayagiza Hitler. Amaze ukwezi n’indwi zibiri mu gasho k’i Vienne, yaciye yimurirwa mw’ibohero ry’i Moabit i Berlin mu Budagi.

Ku wa 11 Munyonyo 1939, igihe yarengutswa ari bwo bwa mbere, Gerhard yagirijwe ko aca intege abari ku rugamba maze acirwa urwo gupfa. Yarasavye ko yogabanirizwa igihano kubera ko ingingo yafashe ishingiye ku vyo yemera. Ariko ku wa 2 Ntwarante 1940, Sentare ya gisirikare (Reichskriegsgericht) yaremeje ico gihano co gupfa. Haciye ukwezi, ni ukuvuga ku wa 30 Ntwarante, Gerhard yarishwe aciwe umutwe mw’ibohero ry’i Berlin ryari rizwi cane ryitwa Plötzensee. Yapfuye afise imyaka 19.

Ibirori vyo gushira ahabona ico cibutso vyabandanirije mu nzu y’ibiteramo ya Volkshochschule. Harerekanywe ibintu vyaranga umuryango wa ba Steinacher. Muri ivyo bintu harimwo agakarato katowe mu 1976 karimwo amakete 28 abavyeyi ba Gerhard ari bo Ignatz Steinacher na Luise bandikiye uwo muhungu wabo igihe yari mw’ibohero be n’amakete 25 Gerhard yandikiye abavyeyi biwe kugira abaremeshe no kugira abereke ko atadohotse ku vyo bemera.

Aka gakarato karimwo amakete, katowe mu nzu ya ba Steinacher igihe nyina wa Gerhard ari we Luise yapfa mu 1976.

Ku bijanye n’ivyo birori, ikinyamakuru kimwe gisohoka buri ndwi c’i Vienne (Wiener Bezirkszeitung), cavuze ko ari “icibutso kidasanzwe” cashize “ahabona” ikintu kiranga umutima rugabo Gerhard yakoze. Ico kiganiro caciye gishemagiza Gerhard giti: “Yaremeye gupfa azira ivyo yemera, kandi ni vyo yabaho yisunga.”

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Muri Otrishe: Johann Zimmermann, tél. +43 1 804 53 45

Mu Budagi: Wolfram Slupina, tél. +49 6483 41 3110