Ja ku birimwo

25 MUKAKARO 2014
Croatia

Ivyabona batabara abashikiwe n’ivyago mu karere ka Balkans

Ivyabona batabara abashikiwe n’ivyago mu karere ka Balkans

I ZAGREB muri Krowasiya—Kuva ku wa 13 gushika ku wa 15 Rusama 2014, imvura y’isegenya yaguye mu karere ka Balkans yarasenyuye imisozi mu bibanza bishika 3000 yongera ituma haba imyuzurira itari bwakaboneke muri Bosnie-Herzégovine, muri Krowasiya no muri Serbiya. Amakomite yo gutabara agizwe n’Ivyabona, abifashijwemwo n’abaserukira ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova biri mu Budagi, yaragarukiye ku bashikiwe n’ivyo vyago.

Ayo makomite yaciye yihutira gufasha abantu kuva muri ivyo bibanza, arabaronsa ibifungurwa, ivyambarwa hamwe n’aho baba barakitse umusaya. Naho ata Cabona ca Yehova n’umwe yahasize ubuzima canke ngo akomereke, n’imiburiburi amazu yabo ashika kuri 14 yarasenyutse canke arononekara bikomeye. Inzu imwe Ivyabona basengeramwo na yo nyene yarasenyutse. Ubu ayo makomite ariko arahagarikira igikorwa co gusanura amazu no kuronsa za nzu z’imyuzuriraho abatagira aho bakika umusaya kubera ico cago.

Josip Liović, umuvugizi w’ibiro vy’Ivyabona vya Yehova muri Krowasiya, agira ati: “Twarahumurijwe no kwumva ko ata Cabona n’umwe yakomeretse, ariko turifadikanije n’abo bose baburiye incuti n’abagenzi muri ico cago. Turiko turakora ibishoboka vyose ngo twirure ababanyi bacu mu karere ka Balkans kose. Turakengurukira kandi bene wacu bo mu Budagi baje kudufasha gutegura igikorwa co gutabara kizobandanya gushika mu misi iri imbere.”

Abajejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000

Krowasiya: Josip Liović, tel. +385 91 5336 511

Serbiya: Daniel Domonji, tel. +381 11 405 99 00