5 MUNYONYO 2014
Kyrgyzstan
Sentare nkuru ya Kirgistani ishigikira umwidegemvyo wo gusenga w’Ivyabona vya Yehova
Igenekerezo rya 4 Nyakanga 2014 ni umusi w’intibagirwa ku Vyabona vya Yehova no ku bijanye n’umwidegemvyo mu vyo gusenga muri Kirgistani. Kuri uwo musi Sentare nkuru ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa nshingiro yo muri Kirgistani yaremeje ko hari ingingo zo mw’Itegeko rigenga amadini ryo mu 2008 ziteye kubiri n’Ibwirizwa nshingiro. Ingingo yafashwe yaremeje ko Ivyabona bafise uburenganzira bwo gukora ibikorwa vyabo bijanye n’idini mu mwidegemvyo mu turere two mu bumanuko bwa Kirgistani, muri utwo turere hakaba hari haheze imyaka ine baza barasaba ko bokwemerwa imbere y’amategeko ariko bikanka.
Ivyabona vya Yehova bemewe n’amategeko muri Kirgistani mu 1998, kandi hirya no hino muri ico gihugu, barafise umwidegemvyo wo gusenga ku rugero kanaka. Ariko, kuva hatanguye gukoreshwa rya Tegeko rigenga amadini ryo mu 2008, akenshi abapolisi baza baraburabuza amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova mu turere two mu bumanuko bwa Kirgistani, bakavuga ko ibikorwa vy’Ivyabona muri utwo turerere “bitemewe n’ amategeko” kubera ko Ivyabona vya Yehova batari banditswe muri utwo turere. Muri ico gihe nyene, Urwego rwa Leta rucungera ibikorwa vy’amadini rwarakoresheje nabi ingingo zimwezimwe zabuza ibintu kanaka zo mw’Itegeko rigenga amadini ryo mu 2008 kugira ngo rutume utwigoro Ivyabona bariko baragira barondera kwemerwa n’amategeko muri utwo turere tuba impfagusa. Ingingo yafashwe kw’igenekerezo rya 4 Nyakanga yarakuyeho izo ntambamyi zose.
Hafatwa ingingo idasanzwe mu bijanye n’amategeko
Itegeko rigenga amadini ryo mu 2008 rirabuza “ibikorwa vy’ishirahamwe ry’idini” ritiyandikishije (Ingingo ya 8(2)). Rwa Rwego rwa Leta rucungera ibikorwa vy’amadini rwaciye rubona ko iyo ngingo itanga akaryo ko kubuza Ivyabona vya Yehova gukora ibikorwa bijanye n’idini mu bisagara vyinshi vyo muri Kirgistani batari banditswe. Iryo tegeko nyene ryasaba ko abantu 200 batanguje ishirahamwe ry’idini kanaka bategerezwa kubanza kwimenyekanisha ku nama mpanuzwajambo yo muri ico gisagara kandi ikabemeza (Ingingo ya 10(2)) imbere y’uko iryo shirahamwe risaba kwandikwa muri rwa Rwego rwa Leta rucungera ibikorwa vy’amadini. Ivyo vyarabereye intambamyi Ivyabona vya Yehova. Kugira ngo bagire amakoraniro yabo ajanye no gusenga mu buryo bwemewe n’amategeko, rwa Rwego rwa Leta rucungera ibikorwa vy’amadini rwababwiye ko babwirizwa kwiyandikisha muri utwo turere. Ariko ntibashobora kwandikwa kubera ko inama mpanuzwajambo zo muri ivyo bisagara zitari kwemera abotanzwe ko ari bo batanguje iryo dini. Ivyo vyaciye biha urwo rwego rwa Leta n’abategetsi bo muri utwo turerere icitwazo co kuburabuza Ivyabona kubera ko batashobora gukwiza ibisabwa kugira biyandikishe. Kubera izo ngorane, Ivyabona vya Yehova barituye Sentare nkuru ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa nshingiro kugira ngo igire ico ivuze kuri izo ngingo zo muri iryo tegeko.
Mu ngingo iyo Sentare yafashe, yavuze ko “amadini yose angana imbere y’amategeko kandi ko ata muntu n’umwe canke umurwi w’abantu bo mw’idini kanaka bakwiye gufatwa neza kuruta abo mu rindi dini.” Iyo Sentare yavuze ko Ingingo ya 10(2) iteye kubiri n’Ibwirizwa nshingiro, ino ikaba isaba ko abantu batanguje idini kanaka bemezwa n’inama mpanuzwajambo yo muri ico gisagara. Iyo Sentare yavuze kandi ko Ingingo ya 8(2) y’iryo tegeko “yatahuwe nabi.” Iryo tegeko rivuga ko uburenganzira abantu bafise mu vyo gusenga bwemeza ko ishirahamwe ry’ivy’idini rishobora gukorera ibikorwa vyaryo aho ari ho hose mu gihugu ryohitamwo kuvuga mu mpapuro zerekana ukuntu iryo dini ryashinzwe. Impapuro zo mu 1998 zerekana ukuntu Ishirahamwe ry’ivy’idini ry’Ivyabona vya Yehova ryo muri Republika ya Kirgistani ryashinzwe zisanzwe zitomora ko ibikorwa vyabo bikorerwa mu gihugu cose. Ivyo bisobanura ko Ivyabona vya Yehova bafise uburenganzira bwo gukorera ibikorwa vyabo bijanye n’idini mu turere twose twa Kirgistani ata kibatangira.
Ingingo yasubije umutamana abahora binubwa
Iyo ngingo yafashwe kw’igenekerezo rya 4 Nyakanga yabaye inkuru nziza ku Vyabona vya Yehova bo mu bumanuko bwa Kirgistani. Yari inkuru nziza canecane kuri Oksana Koriakina na nyina wiwe Nadezhda Sergienko baba mu gisagara ca Osh. Bompi bari baratawe muri yompi muri Ntwarante 2013 bagirizwa ko bakoze ikibi igihe bariko barabwira abandi ivyo bemera. Naho hatanzwe ibimenyamenya bitomoye vyerekana ko Oksana na Nadezhda bera, bagirijwe ko babeshe abatamakazi batatu, bano bagaca babaha amahera.
Urwo rubanza rwabereye muri Sentare y’igisagara ca Osh muri Nyakanga 2014, no kw’igenekerezo rya 7 Gitugutu 2014. Iyo sentare yarambitse izera abo bagore babiri maze ishinga ko bategerezwa gushumbushwa kubera ko bari bagirijwe ibinyoma bongera barapfungwa. Iyo sentare yaremeje ko ivyo Vyabona bahowe kuba binubwa kandi ko bafashwe kubera yuko vyavugwa ko ibikorwa vy’idini vy’Ivyabona vya Yehova bitemewe n’amategeko i Osh kubera ko ishirahamwe ry’ivy’idini ry’Ivyabona ritari ryanditswe muri ako karere. Mu vyo Oksana na Nadezhda bashikirije mu gusozera, bishimikije ya ngingo yo kw’igenekerezo rya 4 Nyakanga yafatwa na ya Sentare nkuru ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa nshingiro, iyo ngingo ikaba yerekana ko ibikorwa vy’Ivyabona vya Yehova vyemewe n’amategeko i Osh n’ahandi hose muri Kirgistani.
Gushigikira agateka ka zina muntu
Kubera ko Leta ya Kirgistani yasinye ya Masezerano mpuzamakungu ya ONU yerekeye uburenganzira umuntu afise bwo gufatwa nk’abandi no kugira uruhara mu gihugu ciwe, yariyemeje guharanira agateka ka zina muntu hamwe n’umwidegemvyo w’ishimikiro w’abanyagihugu bayo, na wo akaba ari umwidegemvyo wo gusenga, umwidegemvyo wo gukoranira hamwe n’umwidegemvyo wo guserura ivyo wemera. Mu ngingo Sentare nkuru ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa nshingiro ya Kirgistani iheruka gufata zishigikira umwidegemvyo mu vyo gusenga, yarashigikiye cane ibijanye n’agateka ka zina muntu hamwe n’umwidegemvyo w’ishimikiro. Ivyabona vya Yehova hafi 5.000 bo muri Kirgistani baraha agaciro cane umwidegemvyo mu vyo gusenga bahawe kandi barakenguruka cane inzego Leta yashizeho ziburanira kandi zigashigikira umwidegemvyo w’ishimikiro ku neza ya bose.
Iryo tegeko ryitwa “Itegeko rya Republika ya Kirgistani rijanye n’umwidegemvyo mu vyo gusenga be n’amashirahamwe y’ivy’idini muri Republika ya Kirgistani.”