25 NYAKANGA 2014
LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA
Amakuru y’igikorane mpuzamakungu: Ivyabona vya Yehova baragize ibikorane vy’intibagirwa ku kibuga c’inkino citwa MetLife Stadium
I NEW YORK—Kw’igenekerezo rya 20-22 Ruheshi no kw’igenekerezo rya 27-29 Ruheshi 2014, Ivyabona vya Yehova bari buzuye mu kibuga c’inkino citwa MetLife Stadium mu gisagara ca East Rutherford co muri New Jersey, baje ku bikorane mpuzamakungu vyari vyataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera ubwami bw’Imana!” Igikorane ca mbere cabaye mu congereza, ica kabiri kiba mu gisupanyoli.
Abitavye ivyo bikorane vyompi bose hamwe bari 118.000, ivyo bikorane bikaba vyabaye ivya mbere vyitabwe n’Ivyabona benshi ugereranije n’ibindi bikorane vyabereye i New York no mu micungararo yaho mu myaka mirongo iheze. Abandi barenga 407.000 bo mu bindi bisagara barakurikiranye biciye kuri videwo ibiganiro bimwebimwe vyaba biriko birashikirizwa muri ivyo bikorane, ivyo bikaba vyatumye igitigiri c’abakurikiranye ivyo bikorane kirenga 525.500.
Ibiganiro vyinshi vyarimwo ibikino vyasubiramwo ivyaba vyarabaye koko; vyarimwo kandi n’amavidewo. Ivyo bikino n’ayo mavidewo vyarerekana ukuntu ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zoshirwa mu ngiro. Buri musi ivyo bikorane vyompi vyasozerwa n’insiguro yashikirizwa n’uwuri mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. David Splane ni we yashikirije insiguro zisozera zo mu gikorane cabaye kw’igenekerezo rya 20-22 Ruheshi; Geoffrey Jackson na we yashikirije insiguro zisozera zo mu gikorane cabaye kw’igenekerezo rya 27-29 Ruheshi.
Kuri buri gikorane cose hariho abantu babatijwe. Abantu 1.255 ni bo babatirijwe muri ico kibuga c’inkino, abandi 2.930 na bo babatirizwa mu bindi bibanza. Ababatijwe bose hamwe bari 4.185.
Mu bitavye ivyo bikorane harimwo n’abatumire bavuye muri Arjantine, Bélize, Espanye, Gwatemala, Honduras, Kosta Rika, Maleziya, Megizike, Nikaragwa, Ostraliya, Panama, Peru, Salvador, Shili, Ubudagi, Ubugiriki, Ubutaliyano, Ubwongereza, no muri Venezuwela.
Umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova J. R. Brown avuga ati: “Ivyo bikorane vyaribukije benshi muri twebwe igikorane c’intibagirwa cabereye i New York mu 1958. Abitavye ico gikorane c’intibagirwa cabereye ku kibuga c’inkino citwa Yankee Stadium n’ahahoze hitwa Polo Grounds, barenga 253.000. Ibikorane vyabereye ku kibuga c’inkino citwa MetLife Stadium muri uno mwaka nta gukeka ko bizoba ivy’intibagirwa ku Vyabona vya Yehova.”
Uwujejwe amakuru:
Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000