Ja ku birimwo

7 NDAMUKIZA 2014
UBUDAGI

Richard Rudolph yarapfuye afise imyaka 102

Richard Rudolph yarapfuye afise imyaka 102

I SELTERS mu Budagi. Richard Rudolph, Icabona ca Yehova yarokotse ibikorwa vy’umuruho mu makambi atanu y’Abanazi akongera agapfungwa mu gihe c’intwaro y’Abakomunisita, yarapfuye ku wa 31 Nzero 2014 afise imyaka 102.

Abanazi bamaze kuja ku butegetsi mu 1933, Ivyabona vya Yehova barabujijwe gukora ku mugaragaro mu gice kinini c’Ubudagi. Ivyo vyatumye Ivyabona 11.300 batabwa mw’ibohero, abashika 4.200 bakaba bari bapfungiwe mu makambi y’ibikorwa vy’umuruho, ushizemwo na Rudolph. Abashika 1.500 barapfuye. Ku ntwaro y’Abanazi, Rudolph yamaze imyaka icenda mw’ibohero yongera apfungirwa mu makambi atanu y’ibikorwa vy’umuruho, ushizemwo amakambi azwi cane ya Sachsenhausen na Neuengamme. Muri ayo makambi hari hapfungiwe abantu barenga 300.000, abashika 140.000 bakaba barahasize ubuzima.

Richard Rudolph (hejuru ku mabati, mu mfuruka iburyo) ni umwe mu banyororo bahatiwe kwubaka ikambi y’ibikorwa vy’umuruho ya Neuengamme mu 1940.

Mu 1944, Rudolph yarimuriwe mw’ikambi ya Salzgitter-Watenstedt yakukira iya Neuengamme. Abitumwe n’ukwemera kwiwe, yaranse gukora igikorwa na kimwe gifitaniye isano n’uguhingura amasasu, baca baramutera ubwoba yuko bazomwica. Ariko hari intwazangabo y’umutima mwiza yatangajwe n’ukwizera kwa Rudolph, aca aramunyegeza mu kiduga babikamwo ibifungurwa, gutyo aba ararusimvye.

Inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose, Rudolph yabandanije gukorera Imana mu karere kaganzwa n’Abasoviyeti, akahavuye kitwa Republika iharanira demokarasi y’Ubudagi. Mu 1950 yarasubiye gufatwa, aca atabwa mw’ibohero. Imyaka yose yapfunzwe ahorwa ukwizera kwiwe irarenga 19.

Ann-Jacqueline Frieser yaranditse inkuru yerekeye ubuzima bwa Richard Rudolph, kandi iyo nkuru yatumye atsindira agashimwe mu 2009.

Richard Rudolph yaramaze imyaka mirongo yihatira kubwira abandi ubutumwa bwo muri Bibiliya be n’ivyigwa yari yarize afatiye ku mabi aterwa n’ukwinubana. Mu 2009, umunyeshure umwe w’Umudagi Ann-Jacqueline Frieser, yaratsindiye udushimwe tubiri mw’ihiganwa ryerekeye kahise ryatunganijwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ryataziriwe ngo “Intwari zatewe iteka, izatahuwe nabi hamwe n’izibagiwe,” kubera ikiyago yagiranye na Richard Rudolph akongera akandika inkuru y’ubuzima bwiwe. Yabaye uwa mbere muri leta ya Rhénanie-Palatinat, ku rwego rw’igihugu na ho aba muri batatu ba mbere.

Wolfram Slupina, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova mu Budagi, avuga ati: “Uretse ko Richard Rudolph yari umuvukanyi dukunda cane akaba n’uwo dusangiye ukwemera, yari n’isoko ry’amakuru menshi ya kahise. Ubuzima bwiwe bwaranzwe n’ukwizera kudasanzwe be n’umutima rugabo ni akarorero twokwigana.”

Abajejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu Biro bijejwe amakuru, tel. +1 718 560 5000

Mu Budagi: Wolfram Slupina, tel. +49 6483 41 3110