Ja ku birimwo

27 MUKAKARO 2015
UBURUSIYA

Uburusiya bwarahagaritse urubuga rwo kuri internet rwemewe rw’Ivyabona vya Yehova

Uburusiya bwarahagaritse urubuga rwo kuri internet rwemewe rw’Ivyabona vya Yehova

Inyuma y’amezi indwi Sentare nkuru y’Uburusiya ivuze icese ko urubuga rwemewe rw’Ivyabona vya Yehova www.dan124.com ari urw’intagondwa, abategetsi b’Uburusiya bararuhagaritse. Iryo hagarikwa ryagiye mu ngiro ku wa 21 Mukakaro 2015, igihe ubushikiranganji bw’ubutungane mu Burusiya bwashira jw.org ku rutonde rw’ibikoresho vy’intagondwa. Abatanga internet mu Burusiya hose barazibiye urwo rubuga, ubu kikaba ari icaha gikomeye kurumenyekanisha mu gihugu. Uburusiya ni co gihugu conyene kw’isi kibuza jw.org gukora.

Vyagenze gute ngo JW.ORG ihagarikwe?

Ivyabona bo mu Burusiya ntibari bazi ko mu 2013, abategetsi bo mu gisagara ca Tver bari baratanguye mu mpisho kwitwara muri sentare kugira bahagarike urwo rubuga. Umushikirizamanza w’igisagara ca Tver yarashikirije ikirego muri Sentare y’intara ya Tsentralniy asaba ko jw.org ihagarikwa kubera ngo irimwo ibitabu vy’Ivyabona vya Yehova sentare zo mu Burusiya zari zaramaze kuvuga ko ari ivy’intagondwa. * Ku wa 7 Myandagaro 2013, iyo sentare y’intara yaremeye ibirego vy’uwo mushikirizamanza ata na kimwe imenyesheje Ivyabona vya Yehova maze itangaza icese ko jw.org ari urubuga rw’intagondwa.

Ivyabona bamaze kwumva ivy’iyo ngingo mu bimenyeshamakuru vyo ng’aho inyuma y’ukwezi, baciye bunguruza bongera bo nyene barakura vya bisohokayandikiro ku rubuga rwabo. Ku wa 22 Nzero 2014, Sentare y’akarere y’i Tver yarafuse ingingo yafashwe na ya sentare y’intara, maze ivuga ko guhagarika jw.org bitari bihuje n’amategeko be n’uko ba nyene urwo rubuga babwirizwa kuba barengukijwe kugira baburane.

Kubera ko S. G. Kekhlerov, icariho c’umushikirizamanza mukuru, atashimishijwe n’ingingo ya sentare y’akarere, yaciye yungururiza muri Sentare ntahinyuzwa y’Uburusiya. N’ico gihe nyene, Ivyabona ntibamenyeshejwe neza ko bazoburana. Yamara ku wa 2 Kigarama 2014, Sentare nkuru yarumvirije ibirego vya wa mushikirizamanza muri Sentare gasamburamanza kandi ababuranira Ivyabona atari ho bari.

Sentare ntahinyuzwa yaremeje ko Ivyabona bakuye vya bitabu ku rubuga gatoyi inyuma y’ingingo sentare yafashe muri Myandagaro 2013, ariko ica ivuga ko ivyo bitabu vyari gushobora kugaruka kuri urwo rubuga, ariko ata kivyemeza gihari. Iyo sentare rero yaciye ifuta ya ngingo ya sentare y’akarere maze isubira gushigikira ko jw.org ari urubuga rw’intagondwa. * Ivyabona vya Yehova baciye bungururiza muri Sentare nkuru biyamiriza iyo ngingo, ariko iranka kwakira urubanza. Baranituye umukuru wa Sentare nkuru, na we nyene aranka kwakira urwo rubanza ku wa 8 Mukakaro 2015.

Ingingo ihonyanga umwidegemvyo wo gusenga

Ivyabona vya Yehova baremeje ko ingingo ya Sentare nkuru yapfuye gufatwa kandi ko itagira ishingiro kubera yuko guhera mu mpeshi yo mu 2013 ata bitabu vy’idini biri kuri jw.org mu Burusiya vyovugwa ko ari ivy’intagondwa. Iyo ngingo yatumye abategetsi b’Uburusiya bategeka abatanga internet kuzibira jw.org mu Burusiya bwose. Ivyo vyatumye abasomyi badasubira gushikira Bibiliya mu ndimi zirenga 130 be n’ibitabu bishingiye kuri yo mu ndimi zirenga 700, ushizemwo ikirusiya be n’ururimi rw’ibimenyetso rwo mu Burusiya. Ubu uwuhirahiriye ngo amenyekanishe urwo rubuga canke ngo ahimirize abandi kurukoresha mu Burusiya aca akurikiranwa n’intwaro be n’ubutungane, yagirizwa ko ngo yakoze igikorwa c’intagondwa. Ivyo rero vyatumye Ivyabona vya Yehova barenga 170.000 bataba bagishikira isôko ry’amayagwa abafasha kwiga ivy’Imana no gusenga buri musi.

Ingingo ya Sentare nkuru yarahaye abategetsi b’Uburusiya akandi karyo ko guhungabanya ibikorwa vy’idini Ivyabona vya Yehova barangura mu mahoro. Mu gihe abategetsi bamwebamwe bakibandanya gukoresha nabi itegeko ry’Uburusiya ryiyamiriza ibikorwa vy’intagondwa, umwidegemvyo wo gusenga mu Burusiya uzoguma ubangamiwe mbere uhonyangwe. Ivyabona vya Yehova barizeye rwose ko abategetsi b’intungane bazoshigikira uburenganzira bwo gusenga duhabwa n’amategeko maze banke imanza za ngondagonde, nk’uko vyemezwa n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburusiya be n’amasezerano mpuzamakungu bwashizeko umukono.

^ ing. 4 Ku wa 1 Ruheshi 2015, sentare zo mu Burusiya zaratangaje ko ibitabu 78 vy’Ivyabona vya Yehova birimwo ivyiyumviro vy’intagondwa. Ivyabona bariko bariyamiriza izo ngingo muri sentare zo mu Burusiya no muri ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu.

^ ing. 7 Ico cariho c’umushikirizamanza yarungururije muri gasamburamanza, urwego rwa Sentare ntahinyuzwa ruca imanza z’amatati ruraheza ruraca urwo rubanza.