Kubera iki dukwiye gusenga mw’izina rya Yezu?
Inyishu Bibiliya itanga
Dutegerezwa gusenga Imana mw’izina rya Yezu kuko ari bwo buryo bwonyene Imana yadushiriyeho kugira tuyiyegereze. Yezu yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yohani 14:6) N’ikindi kandi, Yezu yabwiye intumwa ziwe z’intahemuka ati: “Ni ukuri kwose ndabibabwiye: Nimwasaba Data ikintu ico ari co cose azokibaha mw’izina ryanje.”—Yohani 16:23.
Izindi mvo zituma dusenga mw’izina rya Yezu
Tuba duteye iteka Yezu na Se wiwe Yehova Imana.—Abafilipi 2:9-11.
Tuba twerekanye ko dukenguruka urupfu rwa Yezu, tukabona ko ari yo ntunganyo Imana yadushiriyeho ngo turonke ubukiriro.—Matayo 20:28; Ivyakozwe 4:12.
Tuba twerekanye ko twemera uruhara ntangere Yezu afise rwo kuba umuhuza hagati y’Imana n’abantu.—Abaheburayo 7:25.
Tuba twerekanye ko twubaha igikorwa Yezu arangura bwa Muherezi Mukuru ashobora kudufasha kuba abantu bemewe imbere y’Imana.—Abaheburayo 4:14-16.