Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Abaheburayo 4:12: «Ijambo ry’Imana ni rizima, rirarangura ico rivuga»

Abaheburayo 4:12: «Ijambo ry’Imana ni rizima, rirarangura ico rivuga»

 «Kuko ijambo ry’Imana ari rizima kandi rifise ububasha. Rirakarishe kuruta inkota iyo ari yo yose ikarishe impande zompi kandi ririnjira gushika aho ritandukanya ubuzima n’impwemu, rigatandukanya ingingo n’umusokoro. Rirashobora no gusuzuma ivyiyumviro n’imigambi vy’umutima.»​—Abaheburayo 4:12, Bibiliya y’isi nshasha.

 «Nkako Ijambo ry’Imana ni rizima, rirarangura ico rivuga. Rirarusha gukariha inkota y’ubugi bubiri, rikanyengetera gushika kuri ka gahande gatandukanya umutima n’ubwenge, ingingo be n’imisokoro, maze rigasobanura ivyipfuzo n’ivyiyumviro biri mu mutima.»​—Abahebereyi 4:12, Bibiliya Nyeranda.

Ico mu Baheburayo 4:12 hasobanura

 Ubutumwa Imana yandikiye abantu dusanga muri Bibiliya burafise ububasha bwo guhishura ivyiyumviro vyacu n’imvo dukorana ibintu. Ubwo butumwa burashobora kandi guhindura abantu bakarushiriza kumera neza.

 «Ijambo ry’Imana [ni] rizima.» Imvugo ngo «ijambo ry’Imana» yerekeza ku vyo Imana isezerana canke umugambi wayo dusanga muri Bibiliya. a Uwo mugambi ahanini ufise intumbero yo gutuma abantu bagamburuka babaho ibihe bidahera kw’isi mu bumwe no mu mahoro menshi.​—Itanguriro 1:28; Zaburi 37:29; Ivyahishuwe 21:3, 4.

 Ni gute ijambo ry’Imana canke umugambi wayo ari ‘bizima’? Ni bizima mu buryo bw’ukwo bituma abavyizera bagira icizigiro n’intumbero mu buzima. (Gusubira mu vyagezwe 30:14; 32:47) Ivyo Imana yasezeranye ni ‘bizima’ kandi kubera ko Imana yacu hari ivyo iriko irakora kugira ishitse mu buryo bwuzuye ivyo yadusezeraniye. (Yohani 5:17) Imana ntimeze nk’abantu kubera ko yoyo idasezerana ibintu ngo yibagire canke ngo inanirwe no kubishitsa. (Guharura 23:19) Ijambo ryayo «[ntirizoyigarukako] ata co rishitseko.»​—Yesaya 55:10, 11.

 «Ijambo ry’Imana . . . rifise ububasha.» Imvugo ngo «rifise ububasha» ishobora guhindurwa kandi ngo «rifise ububasha bwinshi», «rirakora» canke «rirashitsa ico ari co cose [iryo jambo] ritegekanya gushitsa.» Ku bw’ivyo, ikintu cose Yehova b Imana avuga canke adusezeranira, azogishitsa ata kabuza. (Zaburi 135:6; Yesaya 46:10) Mu vy’ukuri, Imana irashobora gushitsa ivyo idusezeranira mu buryo burengeye kure n’iyo ivyo twiteze.​—Abanyefeso 3:20. c

 Ijambo ry’Imana kandi «rifise ububasha» mu buryo bw’uko rifasha abariha agaciro guhindura inyifato, maze bakaba abantu beza. Ivyo biga mw’Ijambo ry’Imana birahindura uko biyumvira, uko babayeho n’imigambi bishingira. (Abaroma 12:2; Abanyefeso 4:24) Muri ubwo buryo, «ijambo ry’Imana . . . [riba] ririko rirakorera» mu bantu bemera ko ari ijambo ryayo.​—1 Abatesalonika 2:13.

 «Ijambo ry’Imana . . . rirakarishe kuruta inkota iyo ari yo yose ikarishe impande zompi.» Mu buryo bw’ikigereranyo, ijambo ry’Imana rirakarishe kuruta inkota yose yokorwa n’abantu kubera ko ubutumwa buri muri ryo bushobora gukora ku mutima umuntu kuruta inyigisho iyo ari yo yose itangwa n’abantu. Ivyo turabibonera ku majambo abandanya kuvugwa mu Baheburayo 4:12.

 «Ijambo ry’Imana . . . ririnjira gushika aho ritandukanya ubuzima n’impwemu, rigatandukanya ingingo n’umusokoro.» Muri Bibiliya, ijambo «ubuzima» ryerekeza ku kuntu umuntu aboneka inyuma, mu gihe naho ijambo «impwemu» ryerekeza ku muntu turi imbere. (Abagalatiya 6:18) Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, «ijambo ry’Imana» ririnjira gushika mu «musokoro», ni ukuvuga uko twiyumva n’ukuntu twiyumvira. Kubera ko ivyo Yehova atwigisha bidufasha kumenya uko tumeze, ico akaba ari ikintu ata muntu n’umwe yogishobora, bituma twipfuza guhindura inyifato yacu, gutyo Umuremyi wacu agahimbarwa, eka na twebwe.

 «Ijambo ry’Imana . . . rirashobora no gusuzuma ivyiyumviro n’imigambi vy’umutima.» Uko umuntu ashira mu ngiro ivyo asoma mw’Ijambo ry’Imana birashobora guhishura ivyiyumviro vyiwe n’imvo akorana ibintu, ivyo bigatuma ahindura inyifato yiwe. Nk’akarorero, mu gihe umuntu ashira mu ngiro ivyo ijambo ry’Imana rivuga mu kugira amahinduka akenewe mu buzima bwiwe, aba yerekanye ko yicisha bugufi kandi ko avuga ukuri. Aba ashaka kunezereza Umuremyi wiwe. Ariko mu gihe agerageje gutora amahinyu ijambo ry’Imana, ashobora kuba ariko arerekana kamere mbi nk’ubwishime canke ubwikunzi. Akaba kandi ariko arondera ivyitwazo vyo gukora ibidahimbara Imana.​—Yeremiya 17:9; Abaroma 1:24-27.

 Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, ijambo ry’Imana «rirashika kure cane muri twebwe.» Nta na hamwe muri twebwe Imana idashobora kubona canke ngo ijambo ryayo rireke kuhagaragaza. Mu Baheburayo 4:12 havuga ko «vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro imbere y’uwuzotubaza ivyo twakoze.»

Amakikuro y’Abaheburayo 4:12

 Igitabu ca Bibiliya c’Abaheburayo candikiwe abakirisu b’abayuda b’i Yeruzalemu n’i Yudaya, kikaba canditswe n’intumwa Pawulo nko mu 61 inyuma ya Kristu.

 Mu kigabane ca 3 na 4, Pawulo arerekana ukuntu akarorero k’Abisirayeli ba kera kaburira abakirisu. (Abaheburayo 3:8-12; 4:11) Yehova yari yasezeranye gukura Abisirayeli mu bushumba maze akabashira mu gihugu «[bokwibereyemwo] mu mutekano.» (Gusubira mu vyagezwe 12:9, 10) Ariko, Abisirayeli bavuye mu Misiri bagumye berekana ko batizera ivyo Imana isezerana bongera baragambararira Imana incuro nyinshi. Ico vyavuyemwo, ‘ntibinjiye mu karuhuko k’Imana’ ni ukuvuga ko ata bucuti bwiza bari bafitaniye na yo. Ivyo vyatumye bapfira mu bugaragwa. Naho ababakomotseko binjiye muri ca Gihugu c’isezerano, na bo nyene baragambarariye Yehova. Mu nyuma, ivyo vyarakwegeye ingorane zikomeye Abisirayeli.​—Nehemiya 9:29, 30; Zaburi 95:9-11; Luka 13:34, 35.

 Pawulo yarasiguye ko abakirisu bakwiye kwigira ku karorero kabi k’Abisirayeli bahemukiye Yehova. Twebwe turashobora kutamera nka bo, mu kugamburuka ivyo ijambo ry’Imana ridusaba no mu kwizigira ivyo isezerana maze tukinjira mu karuhuko ka yo.​—Abaheburayo 4:1-3, 11.

 Raba iyi videwo ngufi y’incamake y’igitabu c’Abaheburayo

a Mu Baheburayo 4:12, imvugo ngo «ijambo ry’Imana» ntiyerekeza gusa kuri Bibiliya. Ariko kandi kubera ko Imana yatunganije ko umugambi wayo wandikwa muri Bibiliya, mu Baheburayo 4:12 harashobora kwerekeza kuri uwo mugambi.

b Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»