Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Ivyahishuwe 21:4​—«Izohanagura amosozi yose ku maso yabo»

Ivyahishuwe 21:4​—«Izohanagura amosozi yose ku maso yabo»

 «Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho. Nta kigandaro canke amaborogo canke ububabare bizoba bikiriho. Ivya kera bizoba vyavuyeho.»​—Ivyahishuwe 21:4, Bibiliya y’isi nshasha.

 «Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, kandi amaborogo no gutaka n’uburibwe ntibizoba bikiriho; kuko ivya mbere biheze.»​—Ivyahishuwe 21:4, Bibiliya Yera.

Ico mu Vyahishuwe 21:4 hasobanura

 Imana ntiyasezeranye gukuraho gusa imibabaro ihanze abantu muri iki gihe, ahubwo riho izokuraho n’ibiyitera.

 «Izohanagura amosozi yose ku maso yabo.» Aya majambo aremeza ivyo Yehova a yasezeranye vyanditswe n’umuhanuzi Yesaya, ko «azohanagura amosozi ku maso ya bose.» (Yesaya 25:8; Ivyahishuwe 7:17) Ayo majambo arerekana ukuntu Imana ibabaye abantu bose barira kubera babuze uwabo canke kubera iyindi ngorane.

 «Urupfu ntiruzoba rukiriho.» Ayo majambo arashobora guhindurwa ngo «urupfu ntiruzoba rukibaho» canke «nta rupfu ruzoba rukiriho.» Imana isezerana gukuraho urupfu n’umubabaro ruteza. Vyongeye, hazobaho izuka ry’abapfuye. (1 Abakorinto 15:21, 22) Ukwo ni ko urupfu “ruzotsindwa.”​—1 Abakorinto 15:26, Bibliya Nyeranda.

 “Nta kigandaro canke amaborogo canke ububabare bizoba bikiriho.” Uwo muhango wa Yehova ntusigura ko abantu batazosubira kwumva ububabare na bumwe, nka burya butuburira ko hari akaga canke ko dushobora kuba twakomeretse. Ahubwo, uwu muhango werekana ko ububabare bwose bw’umubiri n’umubabaro wo mu mutimano mu bwenge vyatewe n’igicumuro b n’ukudatungana bitazoba bikiriho.​—Abaroma 8:21, 22.

 «Ivya kera bizoba vyavuyeho.» Iri ryungane risozera riravuga muri make amahinduka akomeye abantu bazokwibonera. Igitabu kimwe c’ubushakashatsi kivuga giti: «Bwa buzima abantu bahora babamwo bwama burangwa n’urupfu, ikigandaro, amaborogo n’ububabare, buzosubirirwa n’ubuzima bushasha.» Abantu bazoshobora kwiberaho ibihe bidahera kw’isi bamerewe neza, nk’uko Imana yari yarabishatse.​—Itanguriro 1:27, 28.

Amakikuro y’Ivyahishuwe 21:4

 Mu ntango y’ikigabane ca 21, intumwa Yohani aradondora ivyo yerekwa n’Imana ati: «Maze mbona ijuru rishasha n’isi nshasha.» (Ivyahishuwe 21:1) Yakoresheje imvugo ngereranyo yerekana ihinduka rihambaye ryari ryaravuzwe no mu yindi mirongo yo muri Bibiliya. (Yesaya 65:17; 66:22; 2 Petero 3:13) Intwaro y’Imana yo mw’ijuru, ari ryo «juru rishasha», izosubirira intwaro zose z’abantu maze iganze «isi nshasha», ni ukuvuga ikibano gishasha c’abantu bazoba baba kw’isi.​—Yesaya 65:21-23.

 Ni igiki cerekana ko iryo yerekwa ryerekeza ku buzima bwo kw’isi? Ubwa mbere, umuhango w’Imana utanguzwa n’amajambo avuga ati: «Ehe ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu.» (Ivyahishuwe 21:3) Uwo muhango ntiwahawe abamarayika, ahubwo wahawe abantu bo kw’isi. Ubwa kabiri, iryo yerekwa rirerekana ko «urupfu [rutazoba] rukiriho.» (Ivyahishuwe 21:4) Urupfu ntirwigeze ruba mw’ijuru, rwashikiye abantu bo kw’isi gusa. (Abaroma 5:14) Rero, bica vyumvikana dushitse ku ciyumviro c’uko uyu murongo uvuga ukuntu isi izoba imeze muri kazoza.

 Raba iyi videwo ngufi y’incamake y’igitabu c’Ivyahishuwe.

a Yehova ni izina ry’Imana ry’uruharo. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»

b Muri Bibiliya, igicumuro gisobanura gukora, kudakora, kwiyumvira canke kwiyumvamwo ikintu kinyuranye n’ingingo ngenderwako z’Imana. (1 Yohani 3:4) Raba ikiganiro kivuga ngo «Igicumuro ni iki?»