NIWIGANE UKWIZERA KWABO | YONATANI
Yonatani: ‘Nta kibuza Yehova gukiza’
Sa n’uwubona mu bwenge ikirindiro c’abasoda kiri ukwa conyene mu karere kagadutse kandi k’ibibuyebuye. Abasoda b’Abafilisitiya bari kuri ico kirindiro barabona ikintu gitangaje: Babona abagabo babiri b’Abisirayeli bahagaze ahantu habona hakurya y’umubande. Abo basoda b’Abafilisitiya baritwengera; nta bwoba bibatera. Abafilisitiya bamaze igihe baganza Abisirayeli. No kugira Abisirayeli bakarishe ibikoresho vyabo vyo kurima, barinda kuja kwambambira abansi babo b’Abafilisitiya. Uca wumva ko Abisirayeli ata n’ibigwanisho bafise. None wumva Abafilisitiya boterwa ubwoba n’abo bagabo babiri? Naho boba bafise ibigwanisho, bobagira iki? N’akagaye n’akantu, Abafilisitiya barasemerera bati: “Nimuduge iyo turi.” Aho rero biyumvira yuko bagira babavugutire umuti.—1 Samweli 13:19-23; 14:11, 12.
Nkako, umuti waravuguswe koko ariko Abafilisitiya ni bo bawunyoye. Ba Bisirayeli babiri barashungurutse muri wa mubande, barawujabuka baca baraduga begereza Abafilisitiya. Uwo mubande wari ushinze ku buryo bagenda baravura, ariko barumiyeko, bagenda barishimikiza ibitandara bagana ca kirindiro. (1 Samweli 14:13) Abafilisitiya baciye babona ko umugabo ari imbere afise ibigwanisho, inyuma yiwe na ho hakaba hari uwumutwaza ibigwanisho. None yoba yari ayoboye igitero c’abantu babiri ngo baje gutera ikambi yose? Ubwo ntiyari umusazi?
Oya ntiyari umusazi, ahubwo yari umugabo afise ukwizera gukomeye. Yitwa Yonatani, kandi abakirisu b’ukuri barashobora kwigira vyinshi ku nkuru yiwe. Naho tutaja mu ntambara, turashobora kwigira vyinshi ku burindutsi bwa Yonatani, ku kudahemuka kwiwe no ku mutima uzira ubwikunzi yagaragaje. Izo kamere zose turazikeneye kugira dutsimbataze ukwizera gukomeye.—Yesaya 2:4; Matayo 26:51, 52.
Intahemuka kuri se akaba n’umusoda w’intwari
Kugira dutahure igituma Yonatani yihanze ico kirindiro, turakeneye kumenya kahise kiwe. Yonatani yari imfura ya Sauli umwami wa mbere wa Isirayeli. Igihe Sauli yaba umwami, Yonatani yari akuze, akaba yari afise nk’imyaka 20 canke irenga. Biboneka ko Yonatani yashikirana cane na se kuko se wiwe yakunda kumwibira akabanga. Muri iyo misi, Yonatani yari azi ko se wiwe ari umugabo muremure, mwiza akaba n’umurwanyi w’intwari. Ariko hari n’ikindi kintu gihambaye yari amuziko: yari umugabo w’ukwizera gukomeye kandi yicisha bugufi. N’umuhanuzi Samweli yavuze ko ata muntu yari ameze nka Sauli mu gihugu cose.—1 Samweli 9:1, 2, 21; 10:20-24; 20:2.
Yonatani ategerezwa kuba yabona ko ari agateka kurwanya abansi b’abasavyi ba Yehova ahagarikiwe na se. Izo ntambara ntizari zimeze nk’intambara ziba hagati y’ibihugu muri iki gihe. Ico gihe Yehova yari yaratoye ihanga rya Isirayeli kugira rimuserukire kandi Isirayeli yaguma iterwa n’amahanga yasenga imana z’ikinyoma. Abafilisitiya bari bariziziwe no gusenga imana z’ikinyoma nka Dagoni kandi baguma barondera gucinyiza abasavyi ba Yehova canke mbere kubazimanganya.
Kuri Yonatani rero, kuja muri izo ntambara vyarerekana ko ari intahemuka kuri Yehova, kandi Yehova yaramuhezagiye. Sauli akija ku ngoma, yaciye agena Yonatani ngo abe umukuru w’abasoda 1.000 kandi yarayoboye izo ngabo zija gutera ikambi y’Abafilisitiya yari i Geba. Naho abasoda biwe ata bigwanisho bikomakomeye bari bafise, Yehova yaramufashije aratsinda iyo ntambara. Abafilisitiya baciye bakoranya ingabo nyinshi. Benshi mu basoda ba Sauli baragize ubwoba. Bamwebamwe baciye biruka baja kwinyegeza. Hari n’abandi bakeyi baciye baja ku ruhande rw’abansi. Ariko Yonatani yagumanye umutima rugabo.—1 Samweli 13:2-7; 14:21.
Ubu rero tugeze kuri wa musi twavuga mu ntango. Kuri uwo musi Yonatani yahisemwo kunyororomba agenda wenyene ari kumwe n’uwumutwaza ibigwanisho. Begereje ikirindiro c’Abafilisitiya cari i Mikimashi, Yonatani yaciye amubwira umugambi afise. Yamubwiye ati: ‘Tugira twiyereke abasoda b’Abafilisitiya. Nibatubwira ngo “Nimuduge turwane,” duca tumenya ko Yehova adushigikiye.’ Uwumutwaza ibigwanisho yaremeye ata kugonanwa ivyo Yonatani amubwiye, kumbure akaba yaremeshejwe n’amajambo akomeye Yonatani yamubwiye ati: “[Nta] kibuza Yehova gukiza biciye kuri benshi canke kuri bakeyi.” (1 Samweli 14:6-10) None aho yashaka kuvuga iki?
Biboneka ko Yonatani yari azi neza Imana yiwe. Yari azi neza ko Yehova yari yarafashije abasavyi biwe kunesha abansi babo kandi bari benshi cane kubaruta. Hari n’igihe yakoresha umuntu umwe gusa kandi abasavyi biwe bagatsinda. (Abacamanza 3:31; 4:1-23; 16:23-30) Yonatani yari azi ko icari gihambaye atari igitigiri c’abasavyi b’Imana, inguvu zabo canke ibigwanisho bafise. Icari gihambaye kwari ukwizera kwabo. Yonatani rero yarizigiye Yehova, arareka ngo abe ari we abaha ikimenyamenya c’uko botera abo Bafilisitiya. Yarahisemwo ikimenyetso comweretse ko Yehova yavyemeye. Igihe yabona ico kimenyetso, yaciye aja kubatera.
Raba ibintu bibiri vyerekana ko Yonatani yari afise ukwizera. Ubwa mbere, yarubaha cane Imana yiwe Yehova. Yari azi ko Imana Mushoboravyose itiheka ku bushobozi bw’abantu kugira ishitse umugambi wayo mugabo ko ihezagira abasavyi bayo b’abizigirwa. (2 Ngoma 16:9) Ubwa kabiri, Yonatani yabanje kurondera ikimenyamenya c’uko Yehova amushigikiye imbere y’uko agira ico akoze. Muri iki gihe ntitwitega ko Imana iduha ibimenyetso nsigabwenge kugira tumenye ko ishima ivyo dukora. Kubera ko dufise Bibiliya yuzuye, turafise ibikenewe vyose kugira tumenye ivyo Imana igomba. (2 Timoteyo 3:16, 17) None twoba dusuzuma Bibiliya twitonze imbere yo gufata ingingo zihambaye? Tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye ko dushira imbere ivyo Imana igomba nka kumwe kwa Yonatani.
Ba bagabo babiri rero, ni ukuvuga Yonatani n’uwumutwaza ibigwanisho, baciye baduga ningoga bagana ca kirindiro c’Abafilisitiya. Abafilisitiya baratevye barabona ko batewe, baca barungika abantu baja kugwana n’abo bagabo babiri. Abafilisitiya bari benshi kandi bari ahantu heza kuko bari hejuru ku musozi. Bari gushobora rero gufyeta abo bagabo babiri mu kanya isase. Ariko Yonatani yagenda aragarika abo Bafilisitiya, uwumutwaje ibigwanisho na we akaza arabahohosha. Mu kanya isase, abo bagabo babiri bari bamaze kwica Abafilisitiya 20. Hari n’ikindi Yehova yakoze. Bibiliya ivuga iti: “Nuko haba ukujugumira mw’ikambi mu gahinga no mu bantu bose bo kuri nya kirindiro; za ngabo z’abasahuzi zirajugumira na zo nyene, maze isi itangura kunyiganyiga, ivyo biraheza bicika ukujugumira kuvuye ku Mana.”—1 Samweli 14:15.
Sauli n’abantu biwe bariko baritegereza uwo muvurungano bari nka hariya. Ibintu vyarakomeye gushika aho Abafilisitiya batangura gusubiranamwo. (1 Samweli 14:16, 20) Abisirayeli baciye barinduka baraja mu rugamba, kumbure bakaba bakoresheje ibigwanisho vy’Abafilisitiya bari bamaze gupfa. Kuri uwo musi Yehova yarahaye abasavyi biwe intsinzi ikomeye. Yehova ntiyahindutse. Na twebwe nitwamwizigira nka Yonatani na wa mugabo atavugwa izina yamutwaza ibigwanisho, ntituzigera twicuza.—Malaki 3:6; Abaroma 10:11.
“Yakoranye n’Imana”
Iyo ntsinzi ntiyereye Sauli nk’uko yereye Yonatani. Sauli yari yakoze amakosa akomeye. Yari yagambarariye Samweli umuhanuzi wa Yehova mu gushikana ikimazi categerezwa gushikanwa n’uwo muhanuzi, akaba n’Umulewi. Samweli ashitse, yabwiye Sauli ko ubwami bwiwe butazoramba kubera yari yagambaraye. Igihe na ho Sauli yarungika abasoda biwe ku rugamba, yabanje kubashingira itegeko ritaranga ubukerebutsi rigira riti: “Aravumwe umuntu aza kugira ico ariye imbere yo ku mugoroba, gushika nihoye abansi banje!”—1 Samweli 13:10-14; 14:24.
Iryo tegeko rirerekana ko Sauli yariko arononekara. Uwo mugabo yahoze arangwa n’ukwicisha bugufi n’ukwizera gukomeye, yoba yari atanguye kwishira hejuru? Kanatsinda, Yehova ntiyigeze amusaba ko yoha iryo tegeko abo basoda b’umutima rugabo kandi b’abanyamwete. Tuvuge iki ho ku majambo Sauli yavuze ngo “gushika nihoye abansi banje”? Yoba yerekana ko Sauli yabona ko iyo ntambara ari rwiwe? Yoba yari yibagiye ko icari gihambaye bwari ubutungane bwa Yehova atari kuba yari ashashaye kwihora abansi biwe, kuninahazwa canke gutsinda?
Yonatani ntiyari azi itegeko se wiwe yari yatanze. Kubera yari aruhijwe n’iyo ntambara ikomeye, yarakojeje inkoni yiwe mu kimamara c’ubuki aca ararigata dukeyi. Ubwo nyene yaciye yumva utuguvu tugarutse. Umwe mu basoda bari kumwe yaciye amubarira ko se wiwe yari yababujije kugira ico batamiye. Yonatani yaciye amwishura ati: “Dawe yakwegeye igihugu ugukumirwa. Ndabinginze murabe ingene amaso yanje yaciye ibibatsi kubera nahonjeje ubu buki bukeyi. Hari akantu iyo abantu baza kurya uno musi kw’isahu baronse ry’abansi babo! Kuko ubu ugusasika Abafilisitiya kutabaye ugukomeye.” (1 Samweli 14:25-30) Ukwo kwari ukuri. Yonatani yari intahemuka kuri se, ariko ntiyapfa ivyo ashigikiye. Ntiyapfa kwemera ibintu vyose se wiwe avuze canke akoze, kandi ukwo kubona ibintu mu buryo bubereye kwaratuma abandi bamwubaha.
N’igihe Sauli yamenya ko Yonatani yarenze kw’itegeko yatanze, ntiyigeze agarura akenge ngo abone ko yasavye abantu amananiza. Ahubwo yaciye abona ko umuhungu wiwe akwiye gupfa. Yonatani ntiyahaririye canke ngo asabe ikigongwe. Raba inyishu itangaje yatanze abigiranye umutima uzira ubwikunzi. Yavuze ati: “Ndi hano! Nimpfe!” Ariko rero, abandi Bisirayeli baciye bamuburanira bati: “Mbega Yonatani arapfa, ari we yashikije ubu bukiriro bukomeye muri Isirayeli? Ni ibitokwiyumvirwa! Turahiye ukubaho kwa Yehova, hakagira n’agashatsi na kamwe ko ku mutwe wiwe gakorokera hasi; kuko yakoranye n’Imana uyu musi.” None vyavuyemwo iki? Sauli yaciye yemera kugondozwa. Bibiliya ivuga iti: “Gutyo abantu bacungura Yonatani, ntiyapfa.”—1 Samweli 14:43-45.
Yonatani yarihesheje izina ryiza kubera uburindutsi bwiwe, umwete wiwe hamwe n’umutima uzira ubwikunzi yagaragaje. Igihe se wiwe yagira amwice, yahakuwe n’iryo zina ryiza. Turakwiye kuzirikana izina twihesha buri musi. Bibiliya ivuga ko izina ryiza ari iry’agaciro cane. (Umusiguzi 7:1) Nimba tuguma turondera kwihesha izina ryiza kuri Yehova nk’ukwo kwa Yonatani, bizodufasha cane.
Ivya Sauli vyunyuka
Naho Sauli yakoze ayo makosa, Yonatani yagumye amufasha urugamba mu myaka n’iyindi. Turashobora kwiha ishusho intuntu yagize igihe yabona se wiwe agenda arahinduka, agatangura kugira agatima ko kugarariza no kwishima. Se wiwe yariko arononekara, kandi nta co Yonatani yari gukora kugira abihagarike.
Ibintu vyagiye kwunyuka igihe Yehova yategeka Sauli kurwanya Abamaleki. Abamaleki bari barivobetse mu bibi ku buryo mu gihe ca Musa Yehova yari yavuze ko ihanga ryabo ryose rizorandurwa. (Kuvayo 17:14) Yehova yategetse Sauli guhonya ibitungwa vyabo vyose no kwica umwami wabo Agagi. Sauli yaratsinze iyo ntambara, kandi nta gukeka ko Yonatani yamufashije urugamba nk’uko yari asanzwe abigira. Mugabo Sauli yaragambarariye Yehova n’ibigirankana, aranka kwica Agagi, aranaziguriza ibintu vyabo vy’agaciro n’ibitungwa vyabo. Umuhanuzi Samweli yaciye amenyesha Sauli urubanza ntabanduka Yehova yari yamuciriye. Yamubwiye ati: “Ko wanse ijambo rya Yehova, na we arakwanse ngo ntubandanye kuba umwami.”—1 Samweli 15:2, 3, 9, 10, 23.
Yehova ntiyatevye gukura impwemu yiwe kuri Sauli. Yehova amaze kumukurako amaboko, yari asigaye aza arahinduka bukwi na bukwi, agakaza ishavu kandi akaza aratekerwa n’ubwoba. Ni nk’aho Yehova yaretse impwemu nziza Sauli yari afise igasubirirwa n’impwemu mbi. (1 Samweli 16:14; 18:10-12) Ese ukuntu bishobora kuba vyaratuntuje Yonatani kubona se wiwe ahinduka cane kandi yahoze ari intore! Ariko ntiwumve, Yonatani yagumye akorera Yehova adahemuka. Yarashigikiye se wiwe uko ashoboye kwose, rimwe na rimwe akamubwiza ukuri, ariko yagumye ashira imbere Yehova Imana akaba n’umuvyeyi wiwe wo mw’ijuru adahinduka.—1 Samweli 19:4, 5.
Vyoba birashika ukabona ingene umuntu ukunda, kumbure incuti ya hafi, ahinduka akaba mubi cane? Nta kintu kibabaza nk’ico. Ivyashikiye Yonatani biratwibutsa amajambo umwanditsi wa Zaburi yahavuye yandika ati: “Hamwe data na mama bonta, Yehova ubwiwe yonyitorera.” (Zaburi 27:10) Yehova ntiyigera ahemuka. Na wewe Yehova azokwitorera, akubere umuvyeyi mwiza kuruta abandi bose, naho abantu boguhemukira canke bakaguta.
Nta gukeka ko Yonatani yamenye ko Yehova yari afise umugambi wo gukura Sauli ku ngoma. None yavyakiriye gute? Vyoba vyarashitse akibaza ati: ‘Ninasubirira dawe, nzoba umwami ameze gute?’ Yoba yariyumviriye ko yokosoye amakosa se wiwe yakoze, akaba umwami adahemuka kandi agamburuka? Ntituzi ivyiyumviro vyamuje mu mutima; ico tuzi coco ni uko ivyo vyizigiro bitopfuye birangutse. None ivyo vyoba bisobanura ko Yehova yahevye uwo musavyi wiwe w’umwizigirwa? Habe namba. Yarandikishije inkuru ya Yonatani muri Bibiliya kugira itubere kamwe mu burorero ruheta bw’ukuntu twoba abagenzi badahemuka. Ubwo bugenzi ni bwo ikiganiro gikurikira cerekeye Yonatani kizoba gishingiyeko.