Ja ku birimwo

Amacapuriro yo hirya no hino kw’isi arafasha abantu kwiga ivyerekeye Imana

Amacapuriro yo hirya no hino kw’isi arafasha abantu kwiga ivyerekeye Imana

Hirya no hino kw’isi, abantu barasoma ibitabu vy’Ivyabona vya Yehova. Abantu amamiliyoni barasomera ivyo bitabu kuri Internet nk’uko uriko urabigira. Yamara, hari aho wotangara umenye ukuntu ivyo ducapura bingana. Nko mu 2013, twacapuye ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi nka 700 maze bitangwa mu bihugu 239.

Imbere y’umwaka wa 1920 ibitabu vyacu vyose vyacapurwa n’amahinguriro y’abadandaza. Muri uwo mwaka, twaratanguye gucapurira bimwe mu binyamakuru vyacu n’udutabu mu nyubakwa ntoyi twari dupanze i Brooklyn muri New York. Kuva kuri iyo ntango ntoyi, ubu dufise inyubakwa 15 zirimwo amacapuriro muri Afrika, muri Aziya, muri Ostraliya, i Buraya, muri Amerika ya Ruguru no muri Amerika y’Epfo.

Igitabu cacu gihambaye kuruta ibindi

Igitabu gihambaye kuruta ibindi vyose ducapura ni Bibiliya. Mu 1942, mu macapuriro yacu twaracapuye Bibiliya ya mbere ikwiye; yari Bibiliya y’icongereza yitwa King James Version. Guhera mu 1961, Ivyabona vya Yehova barahinduye bongera baracapura Bibiliya y’isi nshasha mu mbumbe imwe. Gushika mu 2013, twari tumaze gusohora amakopi y’iyo Bibiliya arenga imiliyoni 184 mu ndimi 121.

Igitigiri c’izo dusohora si co gusa twitwararika. Bibiliya dusohora ziraramba cane. Dukoresha impapuro zitagira aside kuko ituma ziseruka, kandi izo mpapuro ziteranywa mu buryo bwiza. Ivyo bituma dusohora Bibiliya ishobora gukoreshwa buri musi ntigire ico iba.

Ibindi ducapura

Turacapura kandi ibitabu n’ibinyamakuru bifasha abantu gutahura Bibiliya. Raba ibitigiri bimwebimwe vy’ivyo twasohoye mu 2013:

  • Umunara w’Inderetsi, ico kikaba ari co kinyamakuru cacu nyamukuru, ucapurwa mu ndimi zirenga 210 kandi ni co kinyamakuru gikwiragizwa cane kw’isi kuruta ibindi. Kuri buri nomero y’Umunara w’Inderetsi w’impapuro 16 hacapurwa amakopi agera ku 45.000.000.

  • Be maso! ikinyamakuru kigenzi c’Umunara w’Inderetsi, kino kikaba kiza ubugira kabiri mu gukwiragizwa cane, gicapurwa mu ndimi 99. Kuri buri nomero hacapurwa amakopi agera ku 44.000.000.

  • Igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? ni igitabu c’impapuro 224 c’igipfukisho coroshe cagenewe ahanini gufasha abagisoma gutahura inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya. Kuva mu 2005, hacapuwe amakopi arenga imiliyoni 214 mu ndimi zirenga 240.

  • Agatabu Niwumvirize Imana ni agatabu k’impapuro 32 kagenewe abatazi gusoma neza. Karatanga ubutumwa bworoshe bwo muri Bibiliya gakoresheje amafoto meza cane be n’utujambo tugufitugufi tuyaherekeza. Haramaze gucapurwa amakopi arenga imiliyoni 42 mu ndimi zirenga 400.

Turetse ivyo bitabu n’ivyo binyamakuru, Ivyabona vya Yehova baracapura kandi ibitabu bitandukanye, udutabu be n’udupapuro tw’inkuru nziza bifasha abatohoji ba Bibiliya kugirira ubushakashatsi ibibazo bafise bishingiye kuri Bibiliya, kwihanganira ingorane zo mu buzima bafise be no kugira agahimbare mu miryango. Mu 2012 amacapuriro y’Ivyabona vya Yehova yacapuye ibinyamakuru birenga umuliyaridi 1 n’imiliyoni 300 be n’ibitabu n’amabibiliya imiliyoni 80.

Mu 2012 amacapuriro y’Ivyabona vya Yehova yacapuye ibinyamakuru birenga umuliyaridi 1 n’imiliyoni 300 be n’ibitabu n’amabibiliya imiliyoni 80

Abantu bagendera amacapuriro yacu akenshi baratangazwa n’abantu b’abanyamwete babona bariko barafasha mu gucapura ivyo bitabu. Abo bagabo n’abo bagore bose baratanga umwanya wabo n’inguvu zabo. Igihe baje gukorera kuri Beteli, iryo rikaba ari izina risobanura ngo “Inzu y’Imana,” abo bantu nka bose ntibaba bazi ivyo gucapura. Yamara, porogarama ihari y’ukumenyerezwa, ushizemwo n’ukuntu bakora mu buryo butuma vyoroha ko bamenyerezwa, biratuma havamwo ivyiza vyinshi. NK’akarorero, urashobora kubona abasore bakiri bato bageze mu myaka 20 bariko barakoresha ikimashini co gucapura kinyarutsa cane gishobora gucapura ibinyamakuru 200.000 vy’impapuro cumicumi na zitandatu kw’isaha.

Amahera akoreshwa ava he?

Kw’isi yose, igikorwa kirangurwa n’Ivyabona vya Yehova gishigikirwa n’intererano zitangwa n’abavyishakiye. Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni, ubu ukaba witwa Umunara w’Inderetsi, wo muri Myandagaro 1879, wavuze uti: “ ‘Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni,’ nk’uko tubizi, YEHOVA ni we awufashe mu mugongo, kandi bikimeze gutyo ntuzokwigera usegerereza canke ngo wambambire abantu kugira bawufashe.” Ukwo ni ko tukibona ibintu.

Ni kubera iki ico gikorwa tugihebera umwanya mwinshi, amahera kandi tukacigorera? Ni kubera yuko waba usoma imwe mu mabibiliya amamiliyoni canke kimwe mu bitabu amamiliyoni biva mu macapuriro yacu canke ukaba usomera ivyo bitabu kuri Internet, twizigiye ko bizogufasha kurushiriza kwiyegereza Imana.