Guhindura ibitabu mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Québec vyaje hageze
Mu turere two mu buseruko bwa Kanada tuvugwamwo igifaransa, abaragi benshi bakoresha ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Québec. * Kubera ko abo baragi batarenga 6.000, nta bitabu vyinshi bihari muri urwo rurimi. Ariko rero, kugira ngo Ivyabona vya Yehova bafashe abo baragi gutahura Bibiliya, baherutse kwongereza utwigoro bagira kugira babaronse ibitabu bihinduwe neza, ata co barinze kuriha.
Kugira dutahure igituma utwo twigoro twari dukenewe, raba inkuru y’uwitwa Marcel. Yavukiye mu ntara ya Québec muri Kanada mu 1941. Amaze imyaka ibiri, yararwaye mugiga aca araziba amatwi. Yigana ati: “Mfise imyaka icenda naratanguye ishure ry’abaragi, ndiga ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Québec. Naho ico gihe hariho ibitabu bikeyi vyo kwigisha urwo rurimi, nta bindi bitabu vyariho muri urwo rurimi.”
Kubera iki gusohora ibitabu muri urwo rurimi bikenewe? Marcel yishura ati: “Abaragi barakeneye kuronka amakuru mu rurimi bashobora gutahura neza aho kuguma banigana n’ururimi batazi neza. Ata bitabu dufise mu rurimi rw’ibimenyetso, duca twikora ku bitabu vy’abavuga, ariko hariho ibintu vyinshi biducika.”
Kugira Ivyabona vya Yehova bafashe Marcel n’abandi baragi, barasohoye igitabu ca mbere muri urwo rurimi mu 2005. Baheruka kwagura ibiro vyabo vy’ubuhinduzi biri i Montréal muri Québec. Kuri ivyo biro hakorera abantu indwi bakora igihe cose hamwe n’abandi barenga 12 bakora igihe gitogito. Bari mu migwi itatu kandi bafise stidiyo zibiri zirimwo ivyuma bigezweho bakoresha mu gutunganya amavidewo.
Abaragi bakoresha urwo rurimi barakenguruka ubwiza bw’ibitabu bisohorwa n’Ivyabona. Stéphan Jacques, icegera c’umuyobozi w’ishirahamwe ry’abaragi ry’i Estrie * avuga ati: “Basohora ibintu bisukuye. Bakoresha ibimenyetso bitomoye kandi bakabijanisha n’ibimenyetso vyo mu maso bimeze neza cane. Ndashima n’ukuntu abakoreshwa muri ayo mavidewo baba bambaye rupfasoni.”
Umunara w’Inderetsi ni ikinyamakuru Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose bakoresha buri ndwi mu makoraniro yabo y’ivyo gusenga. Ubu ico kinyamakuru kiraboneka muri urwo rurimi kandi kirakoreshwa n’Ivyabona vya Yehova 220 be n’abandi bantu bitaba amakoraniro yabo mu mashengero n’imigwi indwi bikoresha urwo rurimi muri Québec. * Vyongeye, Ivyabona vya Yehova barabandanya gusohora kuri internet n’ayandi mavidewo muri urwo rurimi, harimwo n’indirimbo z’Imana zikora ku mutima.
Umwe Marcel twavuga arahimbarwa n’uko ubu aronka ibitabu vyinshi mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Québec. Arakunda cane ibisohorwa n’Ivyabona vya Yehova. Avuga ati: “Ni umuhezagiro kuba hariho amavidewo menshi yo mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Québec kuri jw.org. Ndaryoherwa cane mbonye ivyo bintu vyose bisigaye biboneka mu rurimi rwanje.”
^ ing. 2 Ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Québec rurisa, ariko rurafise utuntu ruhuriyeko n’ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika rukoreshwa na benshi.
^ ing. 6 Ni ishirahamwe ry’abagiraneza ryitaho abaragi bo muri Québec.
^ ing. 7 Integuro y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Québec yatanguye gusohoka muri Nzero 2017, ikaba isohoka buri kwezi.