Ja ku birimwo

JW.ORG mw’ihayanishwa ry’ibitabu muri Kanada

JW.ORG mw’ihayanishwa ry’ibitabu muri Kanada

I Toronto muri Kanada: Kuva itariki 13-16 Munyonyo 2014, mu nyubakwa y’iratiro (Metro Toronto Convention Centre) harabereye ihayanishwa mpuzamakungu ry’ibitabu. Muri iyo misi ine iryo hayanishwa ryamaze, abantu barenga 20.000 baraje kuratira ijisho.

N’Ivyabona vya Yehova ntibatanzwe muri iryo hayanishwa. Aho bari hari hateye igomwe kubera ibikoresho vy’amabara akeye bari bafise. Barakoresheje utwuma ngendanwa kugira bafashe abantu kubona ingene umuhora jw.org ukora.

Umwe mu batunganije iryo hayanishwa yababwiye ati: “Mufise umuhora ugezweho koko. Nibaza ko n’abandi bari muri iri hayanishwa bari bakwiye kubigirako.” Abahatembereye na bo bavuze ko uwo muhora utunganijwe neza cane, ko woroshe gukoresha kandi ko utanga inyishu ku bibazo vy’inkoramutima. Barashimishijwe kandi n’ingene uwo muhora ufasha abantu gutorera umuti ingorane n’ibibazo bibahanze.

Benshi mu bahatembereye barabwiye Ivyabona bari muri iryo hayanishwa ko bwari bwo bwa mbere bumvise umuhora jw.org. Nka bose mu bahaciye barakiriye udukarata twa aderese y’Ivyabona vya Yehova canke udupapuro tw’inkuru nziza tuvuga ngo Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima? Benshi baravuze ko bazoja kuri uwo muhora, mbere bamwe barasavye ko Ivyabona vya Yehova bobagendera.

Kubera ko ku wa gatanu wari umusi uhariwe abana kuri iryo hayanishwa, Ivyabona baciye berekana utuvidewo tw’ibisigurwa bariko barabicapa. Imigwi y’abanyeshure baherekejwe n’abigisha babo bahaca, barahagarara bakaraba.

Umugabo umwe ava i Chicago muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yarakunze ukuntu Bibiliya y’isi nshasha ikozwe. Uwo mugabo, akorera mw’ishirahamwe rikora Amabibiliya, yavuze ko yipfuza kuvugana n’abacapura bene izo Bibiliya. Yaciye ahabwa agakarata ka aderese y’Ivyabona vya Yehova.

Mu ndimi zirenga 700 uwo muhora urimwo, abahagendeye baravyemwo 16 ari zo zizi: amharique, icongereza, igifaransa, igihindi, igikoreya, igiportigale, igishinwa, igisupanyoli, igisuwede, igitamili, ikibengali, ikigiriki, ikigujarati, ikivietnam, ourdou na tigrinya.

Umwe mu Vyabona vya Yehova yakira abahatembereye yariboneye ko hari itandukaniro rinini hagati yo kubwira abantu ivyerekeye umuhora wa jw.org no kuwubereka. Yavuze ati: “Kari akaryo keza ko kwereka abantu uwo muhora.”