Amafoto yo muri Filipine (Igice ca 1: Ruhuhuma 2014—Rusama 2015)
Muri Filipine, Ivyabona vya Yehova bariko barubaka inyubakwa nshasha ku biro vyabo vy’ishami biri i Quezon City bongera basanura n’izari zihasanzwe. Kubera ko ibitabu bakoresha muri Filipine bisigaye bicapurirwa mu Buyapani, inyubakwa yahora ari icapuriro yarasubiwemwo kugira ngo ikoreremwo urwego rwo kubungabunga orodinateri, urwego rw’igihugu rujejwe imigero n’ubwubatsi, urwo kubungabunga ibikoresho, urwo kurungika ibitabu be n’urwego rw’ubuhinduzi. Ayo mafoto yerekana ibikorwa bimwebimwe vyaranguwe kuri iyo nyubakwa be no ku zindi, kuva muri Ruhuhuma 2014 gushika muri Rusama 2015. Bitegekanijwe ko izo nyubakwa zizorangira muri Gitugutu 2016.
Ku wa 28 Ruhuhuma 2014: Inyubakwa ya 7
Abaje gufasha bariko batekera ibintu bisusurutsa inzu kugira ngo ntibize vyononekare. Bambaye ibibakingira kugira ngo ntibafurutirwe.
Ku wa 2 Ndamukiza 2014: Inyubakwa ya 7
Barangiza gushira igisenge ahazokorerwa ivyo gufata amasanamu mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Filipine. Intoboro ziboneka muri ico gisenge zizojamwo ivyuma bitanga ubukanye.
Ku wa 21 Gitugutu 2014: Kw’ishantiye
Bariko barimba ahazoshirwa ivyuma bikanyisha amazi. Bizotanga amazi mu nyubakwa zose zo kuri iryo shami.
Ku wa 19 Kigarama 2014: Inzira yo mu kirere ihuza inyubakwa ya 1, iya 5 n’iya 7
Iyo nzira yo mu kirere izohuza inyubakwa zose nyamukuru ushizemwo n’inyubakwa ya 1 irimwo ikibanza c’uburiro. Izofasha canecane abantu barenga 300 bakorera mu nyubakwa ya 7.
Ku wa 15 Nzero 2015: Inyubakwa ya 5
Injeke iteruye amabati, ikaba ishobora guterura amatoni 50. Amakompanyi y’ubwubatsi ahabwa akazi, azana injeke zitandukanye.
Ku wa 15 Nzero 2015: Inyubakwa ya 5A
Ni inyubakwa ifise igorofa imwe, y’uburinganire bw’imetero kwadarato 125. Irimwo utuzu twa surwumwe tubiri, ingazi be n’icuma kiduza abantu mw’igorofa. Kuba biri muri iyo nzu vyatumye mu nyubakwa ya 5 hagukirwa, kandi bizotuma n’ico cuma kiduza abantu kidatera urwamo ahafatirwa amajwi.
Ku wa 15 Nzero 2015: Inyubakwa ya 5A
Bariko barafunga amaferabeto bari musi y’ihema ribakingira izuba. Muri Nzero, ku murango harashuha gushika kuri dogere nka 29, muri Ndamukiza na ho harashuha gushika kuri dogere nka 34.
Ku wa 5 Ntwarante 2015: Inyubakwa ya 5
Bariko barongera imbaho ku matanga kugira ngo igisenge kirushirize gukomera. Ku nyubakwa ya 5 hakoreshejwe imbaho nka 800.
Ku wa 17 Ntwarante 2015: Inyubakwa ya 5
Bariko baracanga ibeto n’amaboko ku bw’udukorwa dutoya. Kuri iyo shantiye, hari abantu barenga 100 baje gufasha bavuye muri Amerika, Espanye, Kanada, Koreya y’Epfo, Nouvelle Zélande, Ostraliya, Ubufaransa, Ubuyapani be no mu bindi bihugu.
Ku wa 25 Ntwarante 2015: Inyubakwa ya 5
Gusakara inyubakwa ya 5 yahoze ikoreramwo ubuhinduzi. Iriko irasubirwamwo kugira izokoreremwo urwego rw’umurimo, n’urwego rw’amajwi n’amasanamu.
Ku wa 13 Rusama 2015: Inyubakwa ya 5
Ariko araringaniza ivyuma bizokoreshwa ku mpome z’ibiro.