Ja ku birimwo

Kugendera Beteli

Turagutumiye n’igishika cinshi ngo uzoze kugendera ibiro vyacu vy’amashami, ibikunze kwitwa Beteli. Ku biro vy’amashami bimwebimwe hariho amaratiro umuntu ashobora kwitemberezamwo.

Gusubira kugendera Beteli: Mu bihugu vyinshi, abantu barasubiye kugendera ibiro vyacu vy'amashami kuva ku wa 1 Ruheshi 2023. Wipfuza ayandi makuru, nuyabaze ibiro vy'ishami ushaka kugendera. Turakwinginze ntuzogendere Beteli mu gihe boba bagutoye korona, ufise ibimenyetso vy’inkorora canke giripe, canke uherutse kumarana umwanya n’umuntu batoye korona.

Peru

Gusaba gutemberezwa

Imbere yo kuza gutembera, woba ukwiye kubisaba? Ego. Kugira twirinde uruja n’uruza rwinshi no kugira twiyemeze ko abashitsi bose batemberezwa neza, bose turabasaba ko bobanza kutumenyesha imbere yo kuza gutembera, uko boba bangana kwose. Mwobisaba hagisigaye n’imiburiburi indwi imwe. Mwipfuza gutembera ku misi y’amakonje, mwobisaba hagisigaye imisi myinshi kurusha.

Woba woshobora gutembera naho utoba warabisavye? Utabisavye, birashoboka cane ko tutokwakira. Kubera ko ikibanza atari ikirenga, abantu bakeyi ni bo bonyene bashobora gutemberezwa ku musi.

Uje gutembera woshika sangapi? Kugira twirinde uruja n’uruza rwinshi, dusaba ko ata woshika hagisigaye umwanya urenga isaha ngo atemberezwe.

Mwobisaba gute? Fyonda ahavuga ngo “Gusaba gutemberezwa.”

Mwoba mushobora guhindura isango canke gusivya urugendo? Ego. Fyonda ahavuga ngo “Kuraba ivyo wasavye canke kubihindura.”

Vyogenda gute usanze ata kibanza gisigaye ku misi wipfuza gutemberezwa? Nugume uraba ku rubuga rwacu. Birashika ikibanza kikaboneka hagize abahindura isango canke abasivya urugendo.

Gusaba gutemberezwa

Nuvome agatabu k’ibihakorerwa

Aderese n’inomero za telefone

Jirón El Cortijo 329

Monterrico Chico

LIMA 33

PERU

+51 1-708-​9000

Inzira wojana