Abakorinto ba mbere 14:1-40
14 Mukurikirane urukundo, yamara mugume mwihatira kurondera* ingabirano z’impwemu, ariko canecane ingabirano yo kuvuga ubuhanuzi+.
2 Uwuvuga mu rundi rurimi ntabwira abantu ahubwo abwira Imana, kuko ata n’umwe amutahura+ naho aba ariko avuga amabanga meranda+ biciye ku mpwemu.
3 Ariko uwuvuga ubuhanuzi arubaka abantu, akabaremesha, akongera akabirura biciye ku vyo avuga.
4 Uwuvuga mu rundi rurimi ariyubaka, mugabo uwuvuga ubuhanuzi yubaka ishengero.
5 Nashaka ko mwese muvuga mu zindi ndimi+, mugabo nshima ko muvuga ubuhanuzi+. Mu vy’ukuri, uwuvuga ubuhanuzi araruta uwuvuga mu zindi ndimi, kiretse uwo avuga mu zindi ndimi asobanuye* kugira ngo ishengero ryubakwe.
6 Ariko bavukanyi, nka hamwe ubu noza iwanyu mvuga mu zindi ndimi, noba ndabafashije iki ntababwiye ivyo Imana yahishuye+ canke ubumenyi+ canke ubuhanuzi canke inyigisho?
7 Ni ko bimeze no ku bintu bidafise ubuzima birekura ijwi, waba umwironge canke inanga. Hatagiye haraca imyanya hagati y’amajwi, umuntu yomenya gute umuziki uriko uravuzwa ku mwironge canke ku nanga?
8 Urumbete ruvugije ijwi ritazwi, ni nde yokwitegurira urugamba?
9 Namwe mudakoresheje ururimi mu kuvuga ibintu vyoroshe gutahura, umuntu azomenya gute ibiriko biravugwa? Mu vy’ukuri, muzoba muriko murabwira umuyaga.
10 Mw’isi hashobora kuba hari indimi nyinshi zitandukanye, yamara nta na rumwe rudafise insobanuro.
11 Nimba rero ntatahura ururimi ruriko ruravugwa, nzoba mbaye umunyamahanga ku wuriko aravuga, n’uwuriko aravuga azoba abaye umunyamahanga kuri jewe.
12 Ko namwe rero mwipfuza cane ingabirano z’impwemu, nimurondere kugira ingabirano nyinshi zizotuma ishengero ryubakwa+.
13 Uwuvuga mu rundi rurimi rero nasenge kugira ashobore gusobanura*+.
14 Kuko iyo ndiko ndasenga mu rundi rurimi, aba ari ingabirano yanje y’impwemu iriko irasenga, mugabo ubwenge bwanje nta co buba buriko buratahura*.
15 Hakorwe iki none? Nzosengana ingabirano y’impwemu, mugabo kandi nzokoresha ubwenge bwanje mu gusenga. Nzoririmba ishemezo nkoresheje ingabirano y’impwemu, mugabo kandi nzokoresha ubwenge mu kuririmba ishemezo.
16 Ahandiho, niwashemeza Imana biciye ku ngabirano y’impwemu, umuntu asanzwe muri kumwe azovuga gute «Amen» kw’isengesho ryawe ryo gukenguruka, kandi adatahura ivyo uriko uravuga?
17 Ego ni ko, uba uriko urakenguruka mu buryo bwiza, mugabo uwo wundi muntu ntaba ariko arubakwa.
18 Ndakengurukira Imana kuba mvuga mu ndimi nyinshi kubaruta mwese.
19 Yamara rero, mw’ishengero nopfuma mvuga amajambo atanu niyumviriye neza* kugira nigishe n’abandi*, hako mvuga amajambo ibihumbi cumi mu rundi rurimi+.
20 Bavukanyi, ntimube abana mu bijanye no gutegera+, ahubwo mube abana mu bijanye n’ikibi+. Mu bijanye no gutegera mube abantu bakuze+.
21 Mu mategeko handitswe ngo: «“Nzovugana n’iri hanga nkoresheje indimi z’abanyamahanga n’iminwa ya ba kavamahanga, yamara na ho nyene ntibazonyumviriza”, ni ko Yehova* avuga+.»
22 Indimi rero si ikimenyetso ku bizera, ahubwo ni ikimenyetso ku batizera+. Mugabo ubuhanuzi si ubw’abatizera, ahubwo ni ubw’abizera.
23 Hamwe none ishengero ryose ryokoranira hamwe maze bose bakavuga mu zindi ndimi, hanyuma hakinjira abantu basanzwe canke batizera, mbega ntibazovuga ko mwasaze?
24 Mugabo iyo mwese muriko muvuga ubuhanuzi hanyuma umuntu atizera canke asanzwe akinjira, ivyo mwese muvuga bizotuma yikosora, bimufashe kwisuzuma neza.
25 Amabanga yo mu mutima wiwe azoca aja ahabona, ku buryo yunama mu maso hagashika hasi, agasenga Imana, akavuga ati: «Ni ukuri Imana iri kumwe namwe+.»
26 Bavukanyi, hakorwe iki none? Iyo mukoraniye hamwe, umwe araririmba amazaburi, uwundi akigisha, uwundi akavuga ivyo yahishuriwe n’Imana, uwundi akavuga urundi rurimi, uwundi agasobanura+. Vyose nibibe ku bwo kwubaka ishengero.
27 Kandi nimba hari abavuga mu zindi ndimi, nibagarukire kuri babiri canke batatu babaye benshi, kandi bakurakuranwe, hagire n’uwusobanura*+.
28 Mugabo nimba ata wusobanura* ahari, nibagume bacereje mw’ishengero, bibwire, babwire n’Imana.
29 Nihavuge abahanuzi+ babiri canke batatu, abandi na bo bumvirize kugira batahure insobanuro.
30 Mugabo nimba hari uwundi ahishuriwe igihe yicaye ng’aho, umwe wa mbere yariko aravuga nacereze.
31 Kuko mwese mushobora kuvuga ubuhanuzi, ariko hakavuga umwumwe, kugira ngo bose bige kandi bose baremeshwe+.
32 Kandi ingabirano z’impwemu z’abahanuzi zikwiye gukoreshwa neza n’abahanuzi.
33 Kuko Imana atari Imana y’akajagari, ahubwo ni iy’amahoro+.
Nk’uko biri mu mashengero yose y’aberanda,
34 abagore nibacereze mu mashengero, kuko bitemewe ko bavuga+. Mugabo nibagamburuke*+ nk’uko n’amategeko abivuga.
35 Nimba rero hari kintu bashaka kumenya, nibabaze abagabo babo i muhira, kuko ari agaterasoni ku mugore kuvuga mw’ishengero.
36 Mbega ijambo ry’Imana ryaje riva iwanyu, canke ryashikiriye mwebwe mwenyene?
37 Nimba umuntu yiyumvira ko ari umuhanuzi canke ko afise ingabirano y’impwemu, akwiye kwemanga ko ibintu ndabandikiye ari ibwirizwa ry’Umukama.
38 Mugabo nimba umuntu atavyemera, ntazokwemerwa*.
39 Nuko rero bavukanyi, mugume mwihatira kuvuga ubuhanuzi+, yamara ntimubuze ivyo kuvuga mu zindi ndimi+.
40 Mugabo ibintu vyose nibibe mu buryo bubereye kandi ku rutonde+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mugume muronderana umwete.»
^ Canke «ahinduye.»
^ Canke «guhindura.»
^ Canke «burashikako.»
^ Canke «atahurika.»
^ Canke «nigishe n’abandi ku munwa.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «n’uwuhindura.»
^ Canke «ata wuhindura.»
^ Canke «nibayoboke.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «adashaka kumenya azoguma mu kutamenya.»