Samweli wa mbere 25:1-44
25 Mu nyuma Samweli+ arapfa. Abisirayeli bose bakoranira hamwe baramuririra, maze bamuhamba ku rugo iwe i Rama+. Dawidi araheza aja mu bugaragwa bw’i Parani.
2 Hari umugabo umwe w’i Mayoni+ yari afise itunga i Karumeli*+. Yari atunze cane: yari afise intama 3.000 n’impene 1.000. Ico gihe yari i Karumeli kumwa ubwoya bw’intama ziwe.
3 Uwo mugabo yitwa Nabali+, umugore wiwe akitwa Abigayili+. Yari umugore mwiza kandi w’ubwenge, ariko umugabo wiwe yari umuntu akaze, w’ingeso mbi+. Yakomoka kuri Kalebu+.
4 Dawidi yari mu bugaragwa maze yumva ko Nabali ariko aramwa ubwoya bw’intama ziwe.
5 Dawidi atuma rero abantu cumi, ababwira ati: «Duge i Karumeli kwa Nabali. Nimwashikayo mumumbarize ko akomeye.
6 Muce mumubwira muti: “Urakaramba ugire amahoro*, kandi uroranirwe mu bawe no mu vyawe.
7 Numvise yuko uriko uramwa ubwoya bw’intama zawe. Igihe abungere bawe bari kumwe natwe, nta kibi twabagiriye+. Kandi igihe cose bamaze i Karumeli nta kintu na kimwe batakaje.
8 Shaka ubaze imisore yawe irabikubwira. Ndagusavye wakire neza abo bantu ndungitse kuko tuje ku gihe ciza*. Nimba hari ico woba usigaranye, nkundira ugihe abo basuku bawe n’umuhungu wawe Dawidi+.”»
9 Nuko abo bantu ba Dawidi baragenda, babwira Nabali ivyo Dawidi yabatumye vyose. Bahejeje,
10 Nabali abishura ati: «Dawidi mwene Yese abaye nde? Erega muri iyi misi abasuku benshi basigaye batoroka ba shebuja+.
11 None mfate umukate wanje, n’amazi yanje, n’inyama nabagiye abamwa intama zanje, ndabihe abantu ntazi n’iyo bava?»
12 Nuko abo bantu Dawidi yari yatumye baragaruka, bamwiganira ivyo vyose.
13 Ubwo nyene Dawidi abwira abantu biwe ati: «Umwe wese nakenyere inkota yiwe+!» Nuko bose barazikenyera, na Dawidi akenyera rwiwe. Abagabo nka 400 bajana na we, 200 bandi basigarana imizigo.
14 Muri uwo mwanya, umwe mu basuku ba Nabali abwira Abigayili muka Nabali ati: «Urazi? Dawidi yarungitse intumwa zivuye mu bugaragwa kugira ngo yipfurize ineza databuja, mugabo yazitukaguye+.
15 Abo bagabo baradufashe neza cane. Ntibigeze batugirira nabi, kandi nta kintu na kimwe twatakaje igihe cose twamaranye mu gahinga+.
16 Igihe cose twamaranye na bo turagiye ubusho, batubereye nk’uruhome rudukingira umurango n’ijoro.
17 Raba rero ico ukora kuko ivyago bitabura gushikira databuja n’abo mu rugo rwiwe bose+. Urazi ko databuja ari umuntu w’imburakimazi+ ata wogira ico amubwira.»
18 Abigayili+ aca afata imikate 200, imibindi minini ibiri y’umuvinyu, intama zitanu zibaze, ingero* zitanu z’intete zikaranze, udukate 100 dukozwe mu nzabibu zumye, n’utundi 200 dukozwe mu nsukoni zumye babumbabumvye, vyose abishira ku ndogobwa+.
19 Aca abwira abasuku biwe ati: «Ba muragenda ndaje.» Mugabo ntiyagira na kimwe abwira umugabo wiwe Nabali.
20 Igihe Abigayili yariko aramanuka umusozi ari ku ndogobwa yiwe, Dawidi n’abantu biwe na bo bariko baramanuka bamugana. Mugabo ntibamubona kuko uwo musozi wari umukingiriye. Agize atya ahura na bo.
21 Dawidi yariko avuga ati: «Naruhiye ubusa mu gukingira ibintu vyose vy’uwo mugabo mu gahinga. Nta kintu na kimwe mu vyiwe catakaye+, ariko raba anyishuye inabi ku ciza namukoreye+.
22 Imana ihane abansi ba Dawidi* bimwe bikomeye, ejo mu gitondo nihagera hari uw’igitsina-gabo* mu biwe akiri muzima.»
23 Abigayili akibona Dawidi, yururuka indogobwa ningoga maze yunamira Dawidi, mu maso hiwe hashika hasi.
24 Agwa ku birenge vyiwe maze avuga ati: «Ikosa nirije ku gatwe kanje databuja. Ndagusavye ngire ico nkubwira, untege yompi jewe umusukukazi wawe.
25 Ndagusavye databuja ntushire umutima kuri uwo mugabo w’imburakimazi Nabali+. Izina ni ryo muntu. Yitwa Nabali*, nta bwenge agira. Nayo jewe umusukukazi wawe, abantu watumye sinababonye databuja.
26 Ndakurahiye Yehova Imana nzima, na wewe ubwawe ndakurahiye databuja, Yehova ni we yakubujije+ gukora icaha co gusesa amaraso+ no kwihora*. Abansi bawe databuja n’abarondera kukugirira nabi, barakaba nka Nabali.
27 Ndagusavye databuja, umpere abantu mugendana iyi ngabire*+ jewe umusukukazi wawe ndakuzaniye+.
28 Ndakwinginze uharire igicumuro c’umusukukazi wawe. Yehova ntazobura gutuma uruvyaro rwa databuja ruramba+, kubera yuko urwana intambara za Yehova+ kandi akaba ata kibi urigera ukora+.
29 Nihagira uwugukurikira arondera kukwica databuja, Yehova Imana yawe azozigama ubuzima bwawe nk’aho yoba abutekeye mw’isaho y’ubuzima. Mugabo ubuzima bw’abansi bawe, azobuterera kure nka kurya kw’ibuye bateresheje umugozi*.
30 Yehova niyagukorera ivyiza vyose yagusezeraniye databuja, akakugira indongozi ya Isirayeli+,
31 nta co uzokwiyagiriza canke ngo wicuze* kubera ko utazoba washeshe amaraso bidakenewe canke ngo wihore*+. Yehova niyakugirira neza databuja, uze wibuke umusukukazi wawe.»
32 Dawidi aca abwira Abigayili ati: «Haninahazwe Yehova Imana ya Isirayeli, we yakurungitse uyu musi guhura nanje.
33 Imana iguhezagire kubera ubukerebutsi bwawe. Iguhezagire kubera ko uyu musi wambujije gukora icaha co gusesa amaraso+ no kwihora*.
34 Ariko ndakurahiye Yehova Imana nzima, Imana ya Isirayeli yo yambujije kukugirira nabi+: iyo utanyaruka ngo duhure+, bwari guca ata muntu n’umwe w’igitsina-gabo* asigaye mu rugo kwa Nabali+.»
35 Nuko Dawidi yakira ivyo Abigayili yari amuzaniye, aca amubwira ati: «Niwisubirire iwawe amahoro. Ivyo umbwiye navyumvise kandi nzokora ivyo unsavye.»
36 Abigayili asubira iwe asanga Nabali yiteretse inzimano nk’iy’umwami mu nzu iwe. Nabali* yari aryohewe, yaborewe cane. Abigayili nta kintu na kimwe yamubwiye gushika bukeye.
37 Mu gitondo inzoga zimaze kumuvako, umugore wiwe amwiganira ivyabaye. Maze umutima wa Nabali uba nk’uwuhagaze, arakongatara amera nk’ibuye.
38 Inyuma y’imisi nka cumi, Yehova ateza urupfu Nabali.
39 Dawidi yumvise ko Nabali yapfuye, avuga ati: «Yehova aninahazwe, we yifatiye mu minwe ivyanje+, agacira urubanza Nabali+ kubera ibitutsi yantutse, akambuza jewe umusavyi wiwe gukora ikibi+. Yehova agarukanye ku gatwe ka Nabali ikibi yakoze.» Nuko Dawidi atuma abantu kubwira Abigayili ko yipfuza kumucura ngo abe umugore wiwe.
40 Abasuku ba Dawidi baza i Karumeli babwira Abigayili bati: «Dawidi adutumye kukubwira ko yipfuza kugucura ngo ube umugore wiwe.»
41 Ubwo nyene arahaguruka maze arunama mu maso hiwe hashika hasi. Avuga ati: «Ndemeye kuba umusukukazi yoza ibirenge+ vy’abasuku ba databuja.»
42 Abigayili+ yunamuka ningoga, aca yurira indogobwa ajana n’intumwa za Dawidi. Abasukukazi batanu baramukurikira bajana na we. Araheza aba umugore wa Dawidi.
43 Dawidi yari amaze kwubakana na Ahinowamu+ w’i Yezireli+. Abo babiri baca baba abagore biwe+.
44 Nayo Mikali+ umukobwa wa Sawuli, wa mugore wa Dawidi, Sawuli yari yaramuhaye Paliti+ mwene Layishi w’i Galimu.
Utujambo tw'epfo
^ Ni igisagara co mu Buyuda. Kiratandukanye na wa musozi Karumeli.
^ Canke «uroranirwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ku musi mwiza.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ingero za seya.» Seya imwe yaja mu kintu c’amalitiro 7,33. Raba Inyongera ya B14.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ihane Dawidi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwo wese yihagarika ku ruhome.» Iyo ni imvugo y’igiheburayo y’akagaye bakoresha bashaka kuvuga abantu b’igitsina-gabo.
^ Iryo zina risobanura ngo «imburabwenge», «ikijuju.»
^ Canke «kwironderera ubukiriro.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uyu muhezagiro.»
^ Canke «nk’aho buvuye mu kanogo k’umugozi bateresha amabuye.»
^ Canke «ntuzohungabana mu mutima canke ngo utsitare mu mutima.»
^ Canke «wironderere ubukiriro.»
^ Canke «kwironderera ubukiriro.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwo wese yihagarika ku ruhome.» Iyo ni imvugo y’igiheburayo y’akagaye bakoresha bashaka kuvuga abantu b’igitsina-gabo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «umutima wa Nabali.»