Samweli wa mbere 27:1-12

  • Abafilisitiya baha Dawidi igisagara ca Sikulagi (1-12)

27  Ariko Dawidi yibwira ati: «Umusi umwe Sawuli azonyica. Vyiza nohungira+ mu gihugu c’Abafilisitiya. Sawuli azoca areka kumpiga mu karere ka Isirayeli kose+, mbe ndamucitse.»  Nuko Dawidi n’abagabo 600+ bari kumwe na we baja kwa Akishi+ mwene Mawoki. Akishi yari umwami w’i Gati.  Dawidi n’abantu biwe baraheza babana na Akishi i Gati. Umwe wese yari kumwe n’abo mu rugo rwiwe. Dawidi yari kumwe n’abagore biwe babiri, ari bo Ahinowamu+ w’i Yezireli na Abigayili+ w’i Karumeli asigwa na Nabali.  Sawuli amaze kwumva ko Dawidi yahungiye i Gati, ntiyaba agisubira kumuhiga+.  Maze Dawidi abwira Akishi ati: «Ubishimye, nyemerera nje kuba muri kimwe mu bisagara vyo mu gihugu hagati. Ntibikenewe ko jewe umusuku wawe mbana nawe mu gisagara cawe mwami.»  Kuri uwo musi Akishi amuha igisagara ca Sikulagi+. Ni co gituma ico gisagara cegukira abami b’Ubuyuda gushika n’uyu musi.  Dawidi yamaze umwaka n’amezi ane aba mu gihugu hagati mu karere k’Abafilisitiya+.  Dawidi yarajana n’abantu biwe gutera Abageshuri+, Abagiruzi n’Abamaleki+. Akarere abo bantu babamwo kava i Telamu kagashika i Shura+, kakamanuka gushika ku mupaka w’igihugu ca Misiri.  Dawidi ateye ahantu, nta mugabo canke umugore yasigaza+. Ariko yaratwara intama, inka, indogobwa, ingamiya n’impuzu, agaca asubira kwa Akishi. 10  Akishi yaca amubaza ati: «Mwateye hehe uno musi?» Dawidi akamwishura ngo: «Mu bumanuko* bw’Ubuyuda+» canke ngo «mu bumanuko bw’akarere k’Abayerameyeli+», canke ngo «mu bumanuko bw’akarere k’Abakeni+ 11  Nta mugabo canke umugore Dawidi yasigaza ngo amuzane i Gati, kugira ntahave avuga ivyabaye ngo: «Dawidi yagize uku n’uku.» (Ukwo ni ko yakora igihe cose yamaze aba mu gihugu hagati mu karere k’Abafilisitiya.) 12  Akishi yaremera ivyo Dawidi amubariye, akibwira ati: «Ko Abisirayeli b’iwabo basigaye bamwanka urunuka, azokwama ankorera.»

Utujambo tw'epfo

Canke «muri Negebu.»