Timoteyo wa mbere 2:1-15
2 Imbere ya vyose rero, ndahimiriza bose ngo batakambire Imana ku bw’abantu b’uburyo bwose, babasengere, babasabire, bongere bakenguruke ku bwabo.
2 Babigire no ku bw’abami n’abo bose bafise ubukuru*+ kugira tubandanye kugira ubuzima butekanye kandi burangwa amahoro, twihebera Imana bimwe bishitse kandi tudafyina+.
3 Ivyo ni vyiza kandi biremerwa imbere y’Imana yo Mukiza wacu+,
4 yo igomba ko abantu b’uburyo bwose bakizwa+ bakamenya neza ukuri.
5 Kuko hari Imana imwe+, n’umuhuza umwe+ hagati y’Imana n’abantu+, akaba ari umuntu, ni ukuvuga Kristu Yezu+,
6 yitanze ngo abe incungu y’indinganire* ku bwa bose*+. Ivyo ni vyo bikwiye gushingirwa intahe ku gihe cavyo.
7 Nagenywe kuba umuvugabutumwa no kuba intumwa+ kugira nshinge iyo ntahe+, nigishe amahanga+ ibijanye n’ukwizera be n’ukuri. Aho ndiko mvuga ukuri, sindiko ndabesha.
8 Ndashaka rero yuko ahantu hose abagabo bashishikara gusenga, badugije amaboko adahumanye*+, ata shavu+ n’impari+.
9 Abagore na bo bakwiye kwishariza mu kwambara mu buryo bubereye*, bw’urupfasoni kandi bwerekana ko biyumvira neza*, atari mu gusuka* imishatsi mu mideri y’agatangaza, canke mu kwambara inzahabu canke imaragarita* canke impuzu zizimvye cane+.
10 Ahubwo bisharize mu buryo buberanye n’abagore bavuga ko bihebeye Imana+, ni ukuvuga mu bikorwa vyiza.
11 Umugore niyige acereje*, ayoboka bimwe bikwiye+.
12 Sinemerera umugore kwigisha canke kugira ubukuru ku mugabo, ahubwo akwiye kuguma acereje*+.
13 Kuko Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma Eva+.
14 Vyongeye, Adamu ntiyahenzwe ahubwo umugore ni we yahenzwe rwose+, ararenga itegeko.
15 Yamara abagore bazozigamwa biciye ku kwibaruka+, bapfe gusa kuguma mu kwizera no mu rukundo no mu bweranda, biyumvira neza*+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «bari mu bibanza vyo hejuru.»
^ Ni ukuvuga incungu ingana n’icari catakaye.
^ Canke «ku bw’abantu b’uburyo bwose.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «adahemuka.»
^ Canke «bwisoneye.»
^ Canke «bafise ubwenge buroranye.»
^ Canke «gutsiba.»
^ Ni utubuye tw’agaciro tumeze nk’utudede.
^ Canke «atekanye.»
^ Canke «atekanye.»
^ Canke «bafise ubwenge buroranye.»