Abakorinto ba kabiri 8:1-24

  • Kwegeranya intererano zizohabwa ab’i Yudaya (1-15)

  • Tito azoja i Korinto (16-24)

8  Bavukanyi, dushaka rero ko mumenya ibijanye n’ubuntu buhebuje* Imana yagiriye amashengero y’i Masedwane+.  Igihe bari mu marushwa kubera ikigeragezo gikomeye, baratanze banezerewe cane naho bari mu bukene bwinshi. Ivyo vyarerekanye ko bafise umutima wo gutanga cane.  Batanze ivyo bashoboye+. Mbere ndemeza ko batanze ibirenze ivyo bashoboye+.  Baribwirije baguma batwinginga bashimitse rwose ngo baterwe iteka ryo gutanga n’umutima ukunze, ngo bagire uruhara mu gikorwa co gutabara aberanda+.  Kandi bakoze ibirenze ivyo twari twiteze, kuko babanje kwihebera Umukama hamwe natwe bisunze ivyo Imana igomba.  Ivyo vyatumye turemesha Tito+ yuko yosozera igikorwa co kwegeranya intererano mutangana umutima ukunze, narirya ari we yari yagitanguye iwanyu.  Yamara rero, muri abatunzi muri vyose: mu kwizera, mu bushobozi bwo kuvuga, mu bumenyi, mu mwete mwinshi mugaragaza no mu rukundo tubakunda. Ukwo nyene abe ari ko muba n’abatunzi mu bijanye n’ukwo gutangana umutima ukunze+.  Sindiko ndabategeka, mugabo ndabivuze kugira mumenye umwete abandi bafise, no kugira nsuzume yuko urukundo rwanyu ari urw’ukuri.  Kuko muzi ubuntu buhebuje bw’Umukama wacu Yezu Kristu, yuko naho yari umutunzi yacitse umukene ku neza yanyu+, kugira ngo mube abatunzi biciye ku bukene bwiwe. 10  Kandi muri ivyo ndatanga iciyumviro+: gukora ico gikorwa birabagirira akamaro kuko ubu hamaze guca umwaka mugitanguye, kandi mwarerekanye ko mushaka kugikora. 11  Nimurangize rero igikorwa mwatanguye gukora, kugira ngo ico mwipfuje gukora n’umutima ukunze mugishitse mwisunze uburyo mufise. 12  Kuko iyo umuntu afise umutima ukunze, ivyo atanga vyemerwa canecane hisunzwe ivyo afise+, ntihisungwa ivyo adafise. 13  Sinshaka gutuma abandi boroherwa namwe ngo bibagore. 14  Ahubwo nshaka yuko haba ukunganya, umusesekara mufise ubu ukuzuriza aho abandi bakehaniwe, maze umusesekara wabo na wo ukuzuriza aho mukehaniwe, gutyo hakaba ukunganya. 15  Nakare handitswe ngo: «Uwufise vyinshi ntiyagize umurengera, n’uwufise bikeyi ntiyakehaniwe+ 16  Imana ishimwe rero kubona yaratumye Tito agira umutima wo kubitwararika cane nka twebwe+, 17  kuko yemeye ivyo twamuremesheje gukora, mugabo kubera abishashaye cane, agira aze iwanyu bimwiviriyeko. 18  Mugabo tumurungikanye na wa muvukanyi avugwa neza n’amashengero yose kubera ivyo akora mu bijanye n’inkuru nziza. 19  Uretse ivyo, yaranagenywe n’amashengero ngo tugirane ingendo mu gikorwa co gushikiriza ingabire yatanganywe umutima mwiza, kugira bininahaze Umukama, vyerekane kandi ko dufise umutima ukunze wo gufasha. 20  Gutyo turirinda ko hagira umuntu n’umwe adutora amahinyu mu bijanye n’intererano nyinshi turiko turitwararika+. 21  Kuko «twitwararika vyose ata bubeshi. Ntitubigira gusa imbere ya Yehova*, tubigira n’imbere y’abantu+ 22  Tubarungikanye n’uwundi muvukanyi wacu twagerageje kenshi dusanga ni umunyamwete mu bintu vyinshi. Mugabo ubu ho afise umwete wiyongereye kuko abizigira cane. 23  Mugabo nihagira uwubaza ivyerekeye Tito, muramubwira ko ari mugenzanje* akaba n’uwo dukorana ku nyungu zanyu. Nihagira na ho uwubabaza ivyerekeye abavukanyi bazananye, muramubwira ko ari intumwa z’amashengero zituma Kristu aninahazwa. 24  Nimubereke rero ikimenyamenya c’uko mubakunda+, mwereke n’amashengero igituma twabiratiye.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «uwo dufadikanya.»