Abami ba kabiri 15:1-38
15 Azariya*+ mwene Amaziya+ umwami w’Ubuyuda yabaye umwami mu mwaka ugira 27 Yerobowamu* umwami wa Isirayeli aganza+.
2 Yari afise imyaka 16 igihe yatangura kuganza, amara imyaka 52 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yekoliya, akaba yava i Yeruzalemu.
3 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse cokimwe na se Amaziya+.
4 Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo* ntivyakuweho+. Abantu bari bakihashikanira ibimazi bigafumba umwotsi+.
5 Uwo mwami, Yehova yamuteje indwara y’imibembe+, aguma ayirwaye gushika apfuye. Yagumye aba mu nzu ya wenyene+. Umuhungu wiwe Yotamu+ ni we yaraba ivyo ku kirimba*, agatunganiriza abanyagihugu+.
6 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Azariya+, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda.
7 Maze Azariya arapfa+ bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi. Umuhungu wiwe Yotamu aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.
8 Mu mwaka ugira 38 Azariya+ umwami w’Ubuyuda aganza, ni ho Zakariya+ mwene Yerobowamu yaba umwami wa Isirayeli i Samariya. Yamaze amezi atandatu aganza.
9 Yakoze ivyo Yehova abona ko ari bibi, cokimwe na ba sekuruza. Ntiyahevye ibicumuro Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati+.
10 Maze Shalumu mwene Yabeshi ategura umugambi wo kumugirira nabi. Amwicira mu gisagara ca Ibuleyamu+, araheza aba umwami mu kibanza ciwe.
11 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Zakariya, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli.
12 Ivyo Yehova yabwiye Yehu vyari birangutse. Yari yamubwiye ati: «Abagukomokako bazokurakuranwa ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli gushika ku ruvyaro rugira kane*+.» Ukwo nyene ni ko vyagenze.
13 Shalumu mwene Yabeshi yabaye umwami mu mwaka ugira 39 Uziya+ umwami w’Ubuyuda aganza, aca amara ukwezi kumwe aganza i Samariya.
14 Maze Menahemu mwene Gadi ava i Tiruza+ aduga i Samariya, ahicira Shalumu+ mwene Yabeshi. Aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.
15 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Shalumu n’umugambi mubi yateguye, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli.
16 Igihe Menahemu yava i Tiruza, yaciye aja i Tifusa arahatikiza. Yica abahaba bose n’ababa mu karere kahakikuje. Yabikoze kubera ko abaho banse kumwugururira amarembo y’igisagara. Yarahatikije, apasura inda z’abagore* bibungenze babayo.
17 Menahemu mwene Gadi yabaye umwami wa Isirayeli mu mwaka ugira 39 Azariya umwami w’Ubuyuda aganza. Yaganje imyaka cumi i Samariya.
18 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi. Mu kiringo cose yamaze, yagumye akora ibicumuro vyose Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati+.
19 Umusi umwe, Puli+ umwami wa Ashuri aza gutera Isirayeli. Menahemu aca amuha italanto* 1.000 z’ifeza, kugira ngo Puli amufashe gukomeza ubutegetsi bwiwe+.
20 Kugira Menahemu aronke izo feza yahaye umwami wa Ashuri, yategetse umugabo wese ahambaye kandi w’umutunzi muri Isirayeli gutanga shekeli* 50 z’ifeza+. Umwami wa Ashuri yaciye agenda, areka gutera Isirayeli.
21 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Menahemu+, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli.
22 Maze Menahemu arapfa, umuhungu wiwe Pekahiya aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.
23 Pekahiya mwene Menahemu yabaye umwami wa Isirayeli i Samariya mu mwaka ugira 50 Azariya umwami w’Ubuyuda aganza. Yamaze imyaka ibiri aganza.
24 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi. Ntiyahevye ibicumuro Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati+.
25 Peka+ mwene Remaliya, yari igisongerezi ciwe. Nuko Peka ategura umugambi wo kugirira nabi Pekahiya maze amwicira i Samariya mu munara ukomeye wo ku kirimba hamwe na Arugobu na Ariye. Peka yari kumwe n’abagabo 50 b’i Gileyadi. Amaze kumwica aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.
26 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Pekahiya, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli.
27 Peka+ mwene Remaliya yabaye umwami wa Isirayeli i Samariya mu mwaka ugira 52 Azariya umwami w’Ubuyuda aganza. Yaganje imyaka 20.
28 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi. Ntiyahevye ibicumuro Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati+.
29 Ku ntwaro ya Peka umwami wa Isirayeli, Tigulati-Pileseri+ umwami wa Ashuri aratera, afata igisagara ca Iyoni, ica Abeli-Beti-Mayaka+, ica Yanowa, ica Kedeshi+, ica Hazori n’akarere ka Gileyadi+. Afata n’intara ya Galilaya, ni ukuvuga akarere kose ka Nafutali+. Maze ababa aho hantu hose yafashe abajana mu bunyagano i Ashuri+.
30 Mu nyuma Hosheya+ mwene Ela ategura umugambi wo kugirira nabi Peka mwene Remaliya, araheza aramwica. Nuko atangura kuganza mu kibanza ciwe mu mwaka ugira 20 Yotamu+ mwene Uziya ari umwami.
31 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Peka, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli.
32 Yotamu+ mwene Uziya+ umwami w’Ubuyuda yabaye umwami mu mwaka ugira kabiri Peka mwene Remaliya umwami wa Isirayeli aganza.
33 Yari afise imyaka 25 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 16 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yerusha, akaba yari umukobwa wa Sadoki+.
34 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse cokimwe na se Uziya+.
35 Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo ntivyakuweho. Abantu bari bakihashikanira ibimazi bigafumba umwotsi+. Yotamu ni we yubatse irembo ryo haruguru ry’inzu ya Yehova+.
36 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yotamu, ni ukuvuga ivyo yakoze, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda.
37 Muri ico gihe Yehova atangura kurungika Rezini umwami wa Siriya na Peka+ mwene Remaliya ngo batere Ubuyuda+.
38 Nuko Yotamu arapfa maze ahambwa hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi sekuruza. Umuhungu wiwe Ahazi aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.
Utujambo tw'epfo
^ Ni Yerobowamu wa kabiri.
^ Iryo zina risobanura ngo «Yehova yaratabaye.» Yitwa Uziya mu 2Bm 15:13; 2Ng 26:1-23; Yes 6:1; no muri Zk 14:5.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
^ Ni ukuvuga gushika ku mwana avyarwa n’umwuzukuruza.
^ Canke «afomoza abagore.»
^ Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
^ Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.