Abami ba kabiri 8:1-29
8 Elisha yari yarabwiye wa mugore yazurira* umwana w’umuhungu+ ati: «Haguruka wewe n’urugo rwawe mugende, murabe igihugu muja kubamwo, kuko Yehova yavuze ko muri iki gihugu hagiye kuba inzara+ y’imyaka indwi.»
2 Nuko uwo mugore akora nk’uko umuntu w’Imana y’ukuri yamubwiye. We n’urugo rwiwe baja kuba mu gihugu c’Abafilisitiya+, bamarayo imyaka indwi.
3 Iyo myaka indwi iheze, uwo mugore aragaruka avuye mu gihugu c’Abafilisitiya, maze aja gusaba umwami ngo asubizwe inzu yiwe n’itongo ryiwe.
4 Umwami yariko aravugana na Gehazi umusuku wa wa muntu w’Imana y’ukuri. Amubwira ati: «Ndagusavye unyiganire ibintu vyose bikomeye Elisha yakoze+.»
5 Akiriko ariganira umwami ingene Elisha yazuye uwari yapfuye+, baja babona wa mugore yazurira umwana aje kuraba umwami, kugira amusabe ngo asubizwe inzu yiwe n’itongo ryiwe+. Gehazi ni kwo guca avuga ati: «Ng’uyu wa mugore databuja mwami. Na wa muhungu wiwe Elisha yazura, ng’uyu.»
6 Umwami aca asaba nya mugore ngo abimwiganire, na we aca ajako arabimwiganira. Maze umwami amuha umukozi wo ku kirimba wo kumufasha. Amubwira ati: «Fasha uyu mugore asubizwe ivyiwe vyose, asubizwe n’ibingana n’umwimbu wovuye muri iryo tongo kuva umusi yava mu gihugu gushika ubu.»
7 Elisha aja i Damasiko+. Ico gihe Beni-Hadadi+ umwami wa Siriya yari arwaye. Bamumenyesha rero bati: «Wa muntu w’Imana y’ukuri+ yaje ino.»
8 Umwami aca abwira Hazayeli+ ati: «Ja kuraba uwo muntu w’Imana y’ukuri+, umushire n’ingabire. Umusabe ambarize Yehova ko nzokira.»
9 Hazayeli aca aja kuraba Elisha. Yagiye amushiriye ingabire igizwe n’ibintu vyiza vyose vy’i Damasiko, ibintu vyotwarwa n’ingamiya 40. Maze arashika ahagarara imbere yiwe, amubwira ati: «Umuhungu wawe* Beni-Hadadi umwami wa Siriya antumye kukubaza ati: “Ubona nzokira?”»
10 Elisha amwishura ati: «Genda umubwire uti: “Uzokira.” Mugabo Yehova yampishuriye ko azopfa+.»
11 Nuko Elisha umuntu w’Imana y’ukuri aguma araba Hazayeli gushika n’aho Hazayeli yumva isoni. Maze Elisha atangura kurira.
12 Hazayeli aca amubaza ati: «Urizwa n’iki ga databuja?» Na we amwishura ati: «Kubera nzi ikibi uzokorera Abisirayeli+. Ibibanza vyabo bikingijwe ibihome uzobiha umuriro, abagabo b’intwari ubicishe inkota, abana ubasavye, abagore bibungenze na bo ubapasure inda*+.»
13 Hazayeli aca avuga ati: «Ariko ga databuja, jewe imbwa y’imbwa, ikintu gikomeye nk’ico nogishobora?» Mugabo Elisha amwishura ati: «Yehova yanyeretse ko ugiye kuba umwami wa Siriya+.»
14 Hazayeli aca avana na Elisha asubira kwa shebuja, maze amubaza ati: «Elisha yakubwiye iki?» Na we ati: «Yambwiye ko uzokira+.»
15 Mugabo ku musi ukurikira, Hazayeli atora uburengeti abujobeka mu mazi, aca abumutsindagira* mu maso gushika apfuye+. Nuko Hazayeli atangura kuganza mu kibanza ciwe+.
16 Yehoramu+ mwene Yehoshafati umwami w’Ubuyuda yatanguye kuganza mu mwaka ugira gatanu Yehoramu+ mwene Ahabu ari umwami wa Isirayeli. Yehoshafati na we yari akiri umwami w’Ubuyuda.
17 Yehoramu yabaye umwami afise imyaka 32, aca amara imyaka umunani aganza i Yeruzalemu.
18 Yiganye akarorero kabi k’abami ba Isirayeli+, akora nk’ivyo abo mu muryango wa Ahabu bakoze+ kuko yari yararongoye umukobwa wa Ahabu+. Aguma akora ivyo Yehova abona ko ari bibi+.
19 Mugabo Yehova ntiyashaka guhonya Ubuyuda kubera umusavyi wiwe Dawidi+. Yari yamusezeraniye ko azomuha itara*+ we n’abahungu biwe ibihe vyose.
20 Ku ntwaro ya Yehoramu, Abanyedomu bagarariza Ubuyuda+, biyimikira umwami+.
21 Yehoramu aca ajabukana n’imikogote yiwe yose aja i Zayiri maze Abanyedomu baramukikuza we hamwe n’abakuru bajejwe imikogote. Mugabo ahengera mw’ijoro aravyuka, arabarwanya arabatsinda. Abasoda baca bahungira iwabo*.
22 Abanyedomu bagumye bagarariza Ubuyuda gushika n’uyu musi. Ico gihe ab’i Libuna+ na bo nyene baragarariza.
23 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehoramu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda.
24 Maze Yehoramu arapfa*, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi+. Umuhungu wiwe Ahaziya+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.
25 Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’Ubuyuda yatanguye kuganza mu mwaka ugira 12 Yehoramu mwene Ahabu aganza Isirayeli+.
26 Ahaziya yari afise imyaka 22 igihe yatangura kuganza, amara umwaka umwe aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Ataliya+, akaba yari umwuzukuru* wa Omuri+ umwami wa Isirayeli.
27 Yakurikiye akarorero kabi k’abo mu muryango wa Ahabu+. Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi nk’abo mu muryango wa Ahabu, kuko se yari umukwe wabo+.
28 Umusi umwe aja i Ramoti-Gileyadi+ ari kumwe na Yehoramu mwene Ahabu kurwana na Hazayeli umwami wa Siriya, mugabo Abasiriya bakomeretsa Yehoramu+.
29 Maze umwami Yehoramu asubira i Yezireli+ kurwarirayo, kubera ko Abasiriya bari bamukomerekeje igihe yari i Ramoti* kurwana na Hazayeli umwami wa Siriya+. Nayo Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’Ubuyuda aja i Yezireli gusuhuza Yehoramu mwene Ahabu, kuko yari arwaye*.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «yagarukanira ubuzima.»
^ Yakoresheje iyo mvugo kugira yerekane icubahiro.
^ Canke «ubafomoze.»
^ Canke «abumupfuka.»
^ Ni ukuvuga uwumukomokako.
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu mahema yabo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «aryama hamwe na ba sekuruza.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «Rama.» Ni izina Ramoti-Gileyadi rivunaguye.
^ Canke «yari yakomeretse.»