Abami ba kabiri 9:1-37
9 Nuko umuhanuzi Elisha ahamagara umwe mu bana b’abahanuzi, amubwira ati: «Kenyera neza impuzu*, uce unyaragasa utore aka gakarabo k’amavuta uje i Ramoti-Gileyadi+.
2 Niwashikayo uce urondera Yehu+ mwene Yehoshafati, Yehoshafati mwene Nimushi. Azoba ari kumwe n’abandi bakuru b’ingabo. Uce winjira umusabe ahaguruke, mujane mu cumba c’indani ahiherereye.
3 Uheze ufate ako gakarabo k’amavuta, uyasuke ku mutwe wiwe maze uvuge uti: “Yehova avuze ati: ‘Ndakurobanuje amavuta* ngo ube umwami wa Isirayeli+.’” Uce wugurura umuryango uhunge ningoga.»
4 Nuko uwo musuku wa Elisha afata inzira aja i Ramoti-Gileyadi.
5 Ahashitse, asanga abakuru b’ingabo ni ho bicaye. Aca avuga ati: «Hari ubutumwa ndagufitiye nyakwubahwa mukuru w’ingabo!» Yehu aca amubaza ati: «Uwuhe muri twebwe?» Na we ati: «Ni wewe nyakwubahwa mukuru w’ingabo.»
6 Yehu aca arahaguruka yinjira mu nzu. Uwo musuku aca amusuka amavuta ku mutwe amubwira ati: «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Jewe Yehova ndakurobanuje amavuta ngo ube umwami w’abantu banje b’Abisirayeli+.
7 Uze wice abo mu muryango wa shobuja Ahabu. Jewe Yehova nzobihōra kubera amaraso y’abasavyi banje b’abahanuzi Yezebeli yasheshe. Nzobihōra kandi kubera amaraso y’abandi basavyi banje bose yishe+.
8 Nzohonya umuryango wose wa Ahabu. Nzozimanganya muri Isirayeli ab’igitsina-gabo* bose bakomoka kuri Ahabu, nzimanganye na nyarucari n’uwutagira gitabara+.
9 Umuryango wa Ahabu nzowugira nk’uwa Yerobowamu+ mwene Nebati, nongere ndawugire nk’uwa Bayasha+ mwene Ahiya.
10 Nayo Yezebeli, imbwa zizomurira mw’itongo ry’i Yezireli+, kandi nta wuzomuhamba.”» Aca yugurura umuryango, arahunga+.
11 Yehu asubiye hanze, ba bakuru b’ingabo z’umwami bamubaza bati: «Ni amahoro? Uwo musazi yakuronderera iki?» Abishura ati: «Abantu mwene abo ntimubazi? Mwibagiye ivyo bavuga?»
12 Na bo bati: «Oya tubwize ukuri.» Maze avuga ati: «Yambwiye uku n’uku, aca yongerako ati: “Yehova avuze ati: ‘Ndakurobanuje amavuta ngo ube umwami wa Isirayeli+.’”»
13 Ubwo nyene umwe wese aca afata impuzu yiwe ayisasa ku ngazi Yehu acako+. Baca bavuza inzamba bavuga bati: «Yehu abaye umwami+!»
14 Nuko Yehu+ mwene Yehoshafati, Yehoshafati mwene Nimushi, atangura gutegura umugambi wo kugirira nabi Yehoramu.
Yehoramu n’Abisirayeli bose bari bagiye i Ramoti-Gileyadi+ kurwanya Hazayeli+ umwami wa Siriya.
15 Mu nyuma umwami Yehoramu yaciye asubira i Yezireli+ kurwarirayo, kubera ko Abasiriya bari bamukomerekeje ico gihe arwana na Hazayeli umwami wa Siriya+.
Nuko Yehu avuga ati: «Nimba muvyemeye, ntimureke n’umwe ngo ave mu gisagara ngo aje kumenyesha iyi nkuru i Yezireli.»
16 Yehu aca yurira umukogote wiwe aja i Yezireli, kuko Yehoramu ari ho yari arwariye ibikomere vy’intambara. Ahaziya umwami w’Ubuyuda yari yagiyeyo gusuhuza Yehoramu.
17 Inderetsi yari ihagaze ku munara i Yezireli ibona umugwi w’abasoda bazananye na Yehu uriko uregereza. Ica ivuga iti: «Ndabona umugwi w’abasoda.» Yehoramu aca avuga ati: «Rungika uwurwanira kw’ifarasi aje guhura na bo, ababaze ko bagenzwa n’amahoro.»
18 Nuko umuntu ari kw’ifarasi aja guhura na we, amubwira ati: «Umwami avuze ati: “Mugenzwa n’amahoro?”» Mugabo Yehu avuga ati: «Amahoro uyaronderako iki? Wewe nkurikira gusa.»
Nya nderetsi ica ivuga iti: «Ya ntumwa yagiye irabashikira, mugabo mbonye itagarutse.»
19 Umwami arungika uwundi agendera kw’ifarasi, maze abashikiriye avuga ati: «Umwami avuze ati: “Mugenzwa n’amahoro?”» Mugabo Yehu amwishura ati: «Amahoro uyaronderako iki? Wewe nkurikira gusa.»
20 Nya nderetsi ica ivuga iti: «Yagiye arabashikira mugabo mbonye atagarutse. Kandi mbona uwutwara umukogote awutwara nka Yehu umwuzukuru* wa Nimushi, kuko asanzwe awutwara nk’umusazi.»
21 Yehoramu aca avuga ati: «Bohera umukogote ku mafarasi.» Baca bawubohera ku mafarasi. Maze Yehoramu umwami wa Isirayeli na Ahaziya+ umwami w’Ubuyuda burira mu mikogote yabo y’intambara, baja guhura na Yehu. Bahuriye mw’itongo rya Naboti+ w’i Yezireli.
22 Yehoramu akibona Yehu, amubaza ati: «Ugenzwa n’amahoro ga Yehu?» Na we ati: «Hoba amahoro nyabaki kandi hakiriho ubusambanyi* bwa nyoko Yezebeli+ n’ubupfumu bwiwe bwinshi+?»
23 Yehoramu aca ahindukiza umukogote ngo ahunge, maze abwira Ahaziya ati: «Tuguye mu mutego, Ahaziya!»
24 Yehu aca afora umuheto, arasa Yehoramu hagati y’ibitugu. Umwampi usohokana mu mutima, agwa mu mukogote wiwe w’intambara.
25 Yehu aca abwira igisongerezi ciwe citwa Bidikari ati: «Muterure umuterere mw’itongo rya Naboti w’i Yezireli+. Uribuka ko twe nawe twari dutwaye imikogote* inyuma ya se Ahabu igihe Yehova yamucira urubanza+. Yavuze ati:
26 “Jewe Yehova mvuze nti: ‘Ejo narabonye amaraso ya Naboti+ n’ay’abahungu biwe. Nawe umenye ko muri iri tongo ari ho nzokwishurira+ ikibi wakoze’, ni ko jewe Yehova mvuze.” Muterure rero umuterere muri iryo tongo nk’uko Yehova yabivuze+.»
27 Ahaziya+ umwami w’Ubuyuda abonye ibibaye, aca ahungana inzira ica iruhande y’inzu iri mu murima. (Mu nyuma Yehu aramukurikira avuga ati: «Na we nyene nimumwice!» Nuko bamurasira mu mukogote wiwe ariko araduga i Guri, hafi y’igisagara ca Ibuleyamu+. Mugabo aguma ahunga gushika i Megido, apfirayo.
28 Maze abantu biwe bamujana i Yeruzalemu ari mu mukogote, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu mva yiwe mu gisagara ca Dawidi+.
29 Ahaziya+ yari yabaye umwami w’Ubuyuda mu mwaka ugira 11 Yehoramu mwene Ahabu aganza.)
30 Yehu ashitse i Yezireli+, Yezebeli+ arabimenya. Yisiga rero ibintu vyirabura ku maso, arisokoza neza maze aza kurabira mw’idirisha ibiriko bibera hasi.
31 Yehu akiriko arinjira mw’irembo, Yezebeli amubwira ati: «Uribuka ivyashikiye Zimuri umwe yica shebuja+?»
32 Yehu aca araba hejuru kuri nya dirisha maze avuga ati: «Ni nde ari ku ruhande rwanje? Ni nde+?» Abakozi bo ku kirimba nka babiri canke batatu baca baraba hasi iyo ari.
33 Ababwira ati: «Nimumukororere hasi!» Baca baramukorora, maze amaraso yiwe atarukira ku ruhome no ku mafarasi. Yehu aca amuhonyangisha amafarasi yiwe.
34 Araheza yinjira mu nzu, ararya, aranywa. Hanyuma avuga ati: «Genda mwegeranye urya mugore w’ikivume mumuhambe, kubera ko ari umukobwa w’umwami+.»
35 Bagiye kumuhamba, bahasanga gusa agahanga n’ibirenge n’ibiganza+.
36 Nuko baragaruka barabimubwira, na we aca avuga ati: «Ivyo Yehova yavuze birarangutse+. Yari yavuze biciye ku musavyi wiwe Eliya w’i Tishibe ati: “Imbwa zizorira Yezebeli*+ mw’itongo ry’i Yezireli.
37 Umuvyimba wa Yezebeli uzoba nk’intabire mu murima uri mw’itongo ry’i Yezireli, kugira ntihaze hagire uwuvuga ngo: ‘Uyu ni Yezebeli.’”»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «kenyera mu kiyunguyungu.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwo wese yihagarika ku ruhome.» Iyo ni imvugo y’igiheburayo y’akagaye bakoresha bashaka kuvuga abantu b’igitsina-gabo.
^ Mu giheburayo havuga ngo «umuhungu.»
^ Canke «ugusenga ibigirwamana.»
^ Canke «imikogote ikwegwa n’amafarasi abirabiri.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «zizorira inyama za Yezebeli.»