Ngoma za kabiri 22:1-12
22 Maze ababa i Yeruzalemu bimika Ahaziya umuhungu wiwe w’umuhererezi ngo abe umwami mu kibanza ciwe. Babigize kuko ka kagwi k’abambuzi kazanana n’Abarabu gutera ikambi y’Ubuyuda kishe bakuruwe bose+. Nuko umwami Ahaziya mwene Yehoramu atangura kuganza Ubuyuda+.
2 Ahaziya yari afise imyaka 22 igihe yatangura kuganza, amara umwaka umwe aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Ataliya+, akaba yari umwuzukuru* wa Omuri+.
3 Na we nyene yakurikiye akarorero kabi k’abo mu muryango wa Ahabu+, kuko nyina yamuhanura gukora ivy’ububisha.
4 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi nk’abo mu muryango wa Ahabu, kuko aho se apfiriye ari bo bari basigaye ari abajanama biwe, bikaba vyamukwegeye guhona.
5 Ahaziya yakurikije impanuro bamuha, aja i Ramoti-Gileyadi+ ari kumwe na Yehoramu mwene Ahabu umwami wa Isirayeli. Bari bagiye kurwana na Hazayeli+ umwami wa Siriya, mugabo abarasisha umuheto bakomeretsa Yehoramu.
6 Yehoramu aca asubira i Yezireli+ kurwarirayo, kubera ko bari bamukomerekeje igihe yari i Ramoti* kurwana na Hazayeli umwami wa Siriya+.
Nayo Ahaziya* mwene Yehoramu+ umwami w’Ubuyuda aja i Yezireli gusuhuza Yehoramu+ mwene Ahabu, kuko yari arwaye*+.
7 Mugabo Imana yatumye urugendo Ahaziya yagize aja kwa Yehoramu rumuviramwo urupfu. Amaze gushikayo, yajanye na Yehoramu gusanganira Yehu+ umwuzukuru* wa Nimushi, uwo Yehova yari yararobanuje amavuta* kugira ahonye umuryango wa Ahabu+.
8 Aho Yehu atanguriye gushira mu ngiro urubanza rwaciriwe umuryango wa Ahabu, yahuye n’abatware bo mu Buyuda be n’abahungwabo* na Ahaziya, bakaba bakorera Ahaziya, maze arabica+.
9 Aca arondera Ahaziya. Bamusanze aho yari yinyegeje i Samariya, baramufata baraheza bamuzanira Yehu. Baca baramwica maze baramuhamba+, kuko bavuze bati: «Ni umwuzukuru wa Yehoshafati, umwami yakoreye* Yehova n’umutima wiwe wose+.» Nta muntu n’umwe wo mu muryango wa Ahaziya yari ashoboye kuganza ari umwami.
10 Nuko Ataliya+ nyina wa Ahaziya abonye ko umuhungu wiwe yapfuye, aca ava hasi ahonya abo mu nda y’ingoma bose* mu Buyuda+.
11 Ariko Yehoshabeyati umukobwa w’umwami atora mu mpisho* Yehowasi+ mwene Ahaziya, amukura mu bahungu b’umwami bagira bicwe. Aja kumunyegeza we n’umurezi wiwe mu cumba kimwe. Yehoshabeyati umukobwa w’umwami Yehoramu+ yagumye anyegeje uwo muhungu ku buryo Ataliya atashoboye kumubona ngo amwice+. (Yehoshabeyati yari umugore w’umuherezi Yehoyada+ akaba na mushiki wa Ahaziya.)
12 Yehowasi agumana na bo imyaka itandatu binyegeje mu nzu y’Imana y’ukuri. Ataliya ni we yaganza igihugu.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa.»
^ Canke «yari yarakomeretse.»
^ Mu mizingo imwimwe y’igiheburayo yitwa Azariya.
^ Mu giheburayo havuga ngo «Rama.» Ni izina Ramoti-Gileyadi rivunaguye.
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Mu giheburayo havuga ngo «umuhungu.»
^ Canke «abahungu ba benewabo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yarondeye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto rwose rw’ubwami.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yiba.»