Samweli wa kabiri 2:1-32

  • Dawidi aba umwami w’Ubuyuda (1-7)

  • Ishibosheti aba umwami wa Isirayeli (8-11)

  • Intambara hagati y’umuryango wa Dawidi n’uwa Sawuli (12-32)

2  Inyuma y’ivyo, Dawidi abaza Yehova+ ati: «Nje muri kimwe mu bisagara vyo mu Buyuda?» Yehova amubwira ati: «Jayo.» Dawidi yongera kubaza ati: «Nje mu kihe gisagara?» Na we ati: «I Heburoni+  Dawidi rero ajanayo n’abagore biwe babiri, ari bo Ahinowamu+ w’i Yezireli na Abigayili+ asigwa na Nabali w’i Karumeli.  Dawidi ajana kandi n’abasoda bari kumwe na we+, umwe wese ajana n’abo mu rugo rwiwe. Baja kuba i Heburoni no mu bisagara vyo mu micungararo.  Maze abo mu muryango wa Yuda baza i Heburoni barobanuza Dawidi amavuta* kugira abe umwami wabo+. Abantu babwira Dawidi bati: «Abagabo b’i Yabeshi-Gileyadi ni bo bahamvye Sawuli.»  Dawidi aca atuma intumwa ku bagabo b’i Yabeshi-Gileyadi ati: «Muragahezagirwa na Yehova kuko mwagiriye neza* umwami wanyu Sawuli, mukamuhamba+.  Yehova abagirire neza* yongere ababere umwizigirwa. Na jewe nzobagirira neza kubera ivyo mwakoze+.  Ubu rero nimukomere mugire umutima rugabo. Umwami wanyu Sawuli yarapfuye mugabo abo mu muryango wa Yuda bandobanuje amavuta ngo mbe umwami wabo.»  Ariko Abuneri+ mwene Neri, umukuru w’ingabo za Sawuli, yari yafashe Ishibosheti+ mwene Sawuli amujabukana i Mahanayimu+.  Araheza amugira umwami wo kuganza ab’i Gileyadi+, Abanyashuri, ab’i Yezireli+, abo mu karere ka Efurayimu+, aka Benyamini na Isirayeli yose. 10  Ishibosheti mwene Sawuli yari afise imyaka 40 igihe yaba umwami wa Isirayeli. Yamaze imyaka ibiri aganza. Abo mu muryango wa Yuda bobo bari bashigikiye Dawidi+. 11  Dawidi yamaze imyaka indwi n’amezi atandatu aganza abo mu muryango wa Yuda i Heburoni+. 12  Mu nyuma Abuneri mwene Neri n’abantu ba Ishibosheti mwene Sawuli, bava i Mahanayimu+ baja i Gibeyoni+. 13  Maze Yowabu+ mwene Zeruwiya+ n’abantu ba Dawidi baragenda, bahurira na bo iruhande y’ikidengeri c’i Gibeyoni. Bamwe bicara hakuno yaco, abandi hakurya. 14  Vyakabaye kera, Abuneri abwira Yowabu ati: «Imikangara yacu nihaguruke itane mu mitwe* imbere yacu.» Yowabu aca avuga ati: «Nihaguruke.» 15  Nuko barahaguruka baregera. Ku ruhande rw’Ababenyamini na Ishibosheti mwene Sawuli hari 12, ku ruhande rw’abantu ba Dawidi na ho 12. 16  Batangura gutana mu mitwe*, bazibagurana inkota mu mbavu, bose barapfa. Aho hantu baraheza bahita Helikati-Hazurimu*, hakaba haherereye i Gibeyoni. 17  Uwo musi haba urugamba rukomeye cane, maze Abuneri n’ingabo za Isirayeli batsindwa n’abantu ba Dawidi. 18  Yowabu+ na Abishayi+ na Asaheli+ ba bahungu batatu ba Zeruwiya+, ni ho bari. Asaheli mu kwiruka yanyaruka nk’ingeregere mu gahinga. 19  Maze Asaheli yiruka kuri Abuneri, aguma amukurikira adakatira iburyo canke ibubamfu. 20  Abuneri arahindukira amubaza ati: «Uyo ni wewe ga Asaheli?» Na we ati: «Ni jewe.» 21  Abuneri amubwira ati: «Katira iburyo canke ibubamfu ufate umwe muri iyo misore, umwambure ivyo ushaka vyose.» Mugabo Asaheli yanka kumuva inyuma. 22  Abuneri yongera kubwira Asaheli ati: «Reka kunkurikira. Ushaka ko ndakwica? Wumva nosubira guturukira gute mwenewanyu Yowabu?» 23  Mugabo aranka aguma amukurikira. Abuneri aca amuzibura mu nda akoresheje igice c’epfo c’icumu+, nya cumu risohokana mu mugongo, aca agwa ng’aho arapfa. Uwo wese yashika aho Asaheli yapfiriye yaca ahagarara. 24  Maze Yowabu na Abishayi boma inyuma Abuneri. Izuba rirenga bashitse ku gasozi ka Ama karabana n’i Giya, ku nzira ija mu bugaragwa bw’i Gibeyoni. 25  Ababenyamini baca bakoranira inyuma ya Abuneri baba umugwi umwe, maze bahagarara kw’isonga ry’agasozi kamwe. 26  Maze Abuneri ahamagara Yowabu amubwira ati: «Mbega inkota zacu zizosesa amaraso gushika ryari? Ntubona ko bizokwega ibara? Aho ntiwobwira abasoda bawe bakareka kwoma inyuma benewabo?» 27  Yowabu amwishura ati: «Ndakurahiye Imana y’ukuri, iyo utagira ico uvuze, abasoda banje bari kuguma boma inyuma benewabo gushika mu gitondo.» 28  Yowabu aca avuza inzamba, maze abasoda biwe bareka kwoma inyuma Abisirayeli, urugamba ruca rurahagarara. 29  Nuko Abuneri n’abantu biwe bamara ijoro ryose baca mu karere ka Araba+, hanyuma bajabuka Yorodani. Maze badugana imanga yose*, amaherezo bashika i Mahanayimu+. 30  Yowabu amaze kureka kwoma inyuma Abuneri, akoraniriza hamwe ingabo zose. Mu basoda ba Dawidi hari habuzemwo abantu 19 be na Asaheli. 31  Ariko abasoda ba Dawidi bari batsinze Ababenyamini n’ingabo za Abuneri, bica abasoda 360. 32  Nuko batwara Asaheli+, bamuhamba i Betelehemu+ aho bahamvye se. Maze Yowabu n’abasoda biwe bamara ijoro ryose bagenda, bashika i Heburoni+ bumaze guca.

Utujambo tw'epfo

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «mweretse urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «abereke urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «ihiganwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «gucakirana imitwe.»
Iryo zina risobanura ngo «ahantu h’imbugita zikozwe mw’ibuye ry’isare.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «baca i Bitironi hose.»