Samweli wa kabiri 21:1-22

  • Abanyagibeyoni bihora umuryango wa Sawuli (1-14)

  • Intambara hagati y’Abisirayeli n’Abafilisitiya (15-22)

21  Ku ntwaro ya Dawidi haba inzara+ mu kiringo c’imyaka itatu ikurikirana. Dawidi asiguza rero Yehova, maze Yehova amubwira ati: «Sawuli n’umuryango wiwe barasheshe amaraso, bica Abanyagibeyoni+  Umwami atumako Abanyagibeyoni+, avugana na bo. (Abanyagibeyoni ntibari Abisirayeli, ahubwo bari amasigarira y’Abamori+. Abisirayeli bari bararahiye ko batazobica+, mugabo Sawuli arondera kubahonya kubera ishaka rirenze urugero yari afitiye Isirayeli n’Ubuyuda.)  Dawidi abwira Abanyagibeyoni ati: «Ndabakorere iki? Notanga indishi nyabaki kugira ngo ico caha kituveko, mubone gusabira umuhezagiro abantu* ba Yehova?»  Abanyagibeyoni bamwishura bati: «Ifeza canke inzahabu+ si vyo vyokuraho ikibi Sawuli n’umuryango wiwe badukoreye, kandi nta n’umwe twemerewe kwica muri Isirayeli.» Dawidi aca avuga ati: «Nimumbwire rero ico mushaka cose, ndakibakorera.»  Babwira umwami bati: «Uwatwiciye abacu arondera kuduhonya mu karere kose ka Isirayeli+,  nimuduhe abagabo indwi mu bamukomokako. Tuzobica maze tubamanike*+ imbere ya Yehova i Gibeya+, igisagara Sawuli umwami yatowe na Yehova yabamwo*+.» Nuko umwami abishura ati: «Ndemeye kubatanga.»  Ariko umwami Dawidi agirira impuhwe Mefibosheti+ mwene Yonatani, Yonatani mwene Sawuli, kubera indahiro Dawidi na Yonatani+ barahiye imbere ya Yehova.  Umwami aca afata rero abahungu babiri umukobwa wa Aya yitwa Rizipa+ yavyaranye na Sawuli. Bitwa Arumoni na Mefibosheti. Afata n’abahungu batanu Mikali*+ umukobwa wa Sawuli yavyaranye na Adiriyeli+ mwene Baruzilayi w’i Mehola*.  Maze abaha Abanyagibeyoni, barabica, babamanika ku musozi imbere ya Yehova+. Bose hamwe uko ari indwi bapfira rimwe. Hari mu misi ya mbere y’iyimbura, igihe batangura kwimbura sayiri. 10  Nuko Rizipa+ umukobwa wa Aya atora igunira, arisasa ku gitandara. Aguma hafi y’ibiziga vyabo kuva iyimbura ritanguye gushika imvura itasuye. Ku murango yarabuza inyoni kuza kuri ivyo biziga, mw’ijoro na ho akabuza ibikoko vyo mw’ishamba kwegera. 11  Maze babwira Dawidi ivyo Rizipa umukobwa wa Aya, ya ncoreke ya Sawuli, yakoze. 12  Dawidi aca aja gusaba abakuru* b’i Yabeshi-Gileyadi+ amagufa ya Sawuli n’ay’umuhungu wiwe Yonatani. Abo bakuru ni bo bagiye gutora mu mpisho* ibiziga vyabo igihe Abafilisitiya babica. Bari babiciye i Gilibowa maze babamanika mu kibanza rusangi c’i Beti-Shani+. 13  Dawidi azana rero amagufa ya Sawuli n’ay’umuhungu wiwe Yonatani ayakuye aho i Yabeshi-Gileyadi. Begeranya n’amagufa ya ba bandi bari bishwe bakamanikwa*+. 14  Maze amagufa ya Sawuli n’ay’umuhungu wiwe Yonatani bayahamba i Zela+ mu karere k’Ababenyamini, aho se wiwe Kishi+ yahambwe. Bamaze gukora ivyo umwami yari yabategetse vyose, Imana iraheza yumviriza amasengesho y’ukwinginga bayitura basabira igihugu+. 15  Hongera kwaduka intambara hagati y’Abafilisitiya n’Abisirayeli+. Nuko Dawidi n’ingabo ziwe baja kurwana na bo, mugabo Dawidi araruha. 16  Maze Umufilisitiya umwe akomoka ku Barefayimu+ ashaka kwica Dawidi. Yitwa Ishubi-Benobu. Yari afise icumu ry’umujumpu ryapima shekeli 300*+ n’inkota nshasha. 17  Abishayi+ mwene Zeruwiya aca aza kumutabara+, yica nya Mufilisitiya. Ingabo za Dawidi zica ziramurahira ziti: «Ntuzokwongera kujana natwe ku rugamba+, kugira ntuhave uzimya itara rya Isirayeli*+ 18  Mu nyuma hongera kwaduka intambara hagati y’Abafilisitiya+ n’Abisirayeli i Gobu. Ni ho Sibekayi+ w’i Husha* yica umugabo akomoka ku Barefayimu+ yitwa Safu. 19  Hongera kwaduka iyindi ntambara hagati y’Abafilisitiya+ n’Abisirayeli i Gobu. Maze Elihanani mwene Yare-Oregimu Umunyabetelehemu yica Umunyegati yitwa Goliyati. Uruti rw’icumu rya Goliyati rwangana n’igiti abajisha impuzu bazingirako inyuzi+. 20  Haduka kandi intambara i Gati. Aho i Gati hari umugabo w’igihagararo c’akataraboneka. Yari afise intoke n’amano bitandatubitandatu, vyose hamwe bikaba vyari 24. Na we nyene yakomoka ku Barefayimu+. 21  Yaguma acokora Abisirayeli+. Maze Yonatani mwene Shimeyi+ aramwica. Shimeyi yari mwenewabo na Dawidi. 22  Abo bagabo bane bakomoka ku Barefayimu b’i Gati. Bishwe na Dawidi n’ingabo ziwe+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «intoranwa.»
Raba akajambo k’epfo muri 1Sm 11:4.
Mu giheburayo havuga ngo «tubashire ahabona.» Bobashize ahabona babavunye amaguru n’amaboko.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Merabu.»
Biboneka ko ari hamwe hitwa «Abeli-Mehola.»
Mu giheburayo havuga ngo «kwiba.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «bene amatongo.»
Mu giheburayo havuga ngo «bari bashizwe ahabona.»
Ni nk’ibilo 3,42. Raba Inyongera ya B14.
Mu yandi majambo: indongozi ya Isirayeli ntihave izimangana.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «akomoka kuri Husha.»