Samweli wa kabiri 4:1-12

  • Ishibosheti agandagurwa (1-8)

  • Dawidi yicisha abishe Ishibosheti (9-12)

4  Ishibosheti+ mwene Sawuli yumvise ko Abuneri yapfiriye i Heburoni+, acika intege*, n’Abisirayeli bose bahagarika umutima.  Uwo muhungu wa Sawuli yari afise imigwi y’abambuzi irongowe n’abagabo babiri: umwe yitwa Bayana, uwundi akitwa Rekabu. Bari bene Rimoni Umubenyamini w’i Beroti. (Igisagara ca Beroti+ na co nyene cahora kiri mu karere ka Benyamini.  Ababa i Beroti bahungiye i Gitayimu+, babayo ari ba kavamahanga gushika n’uyu musi.)  Yonatani+ mwene Sawuli yari afise umuhungu amugaye ibirenge*+ yitwa Mefibosheti+. Yari afise imyaka itanu igihe haza inkuru ivuye i Yezireli+, ivuga ko Sawuli na Yonatani bapfuye. Umurezi wiwe yaciye amutwara arahunga. Mugabo ariko aramuhungana yataye umutwe, uwo mwana yaraguye aca aramugara.  Ba bahungu ba Rimoni w’i Beroti, Rekabu na Bayana, baja kwa Ishibosheti. Hari hashushe cane, Ishibosheti na we aryamye agatiro ka sasita.  Rekabu na mwenewabo Bayana+ binjira mu nzu nk’abagiye kurondera ingano hanyuma bamuzibura mu nda, baca barahunga.  Igihe binjira mu nzu, Ishibosheti yari mu cumba ciwe aryamye ku buriri. Baca baramuzibura baramwica hanyuma bamuca umutwe. Baraheza batora uwo mutwe, bagenda ijoro ryose baciye mu nzira ija mu karere ka Araba.  Uwo mutwe wa Ishibosheti+ bawuzanira umwami Dawidi i Heburoni, maze bamubwira bati: «Ng’uyu umutwe wa Ishibosheti mwene Sawuli umwansi wawe+, umwe yarondera kukwica*+. Uyu musi mwami, Yehova agufashije kwihora Sawuli n’uruvyaro rwiwe.»  Ariko Dawidi yishura Rekabu na mwenewabo Bayana, abahungu ba Rimoni w’i Beroti ati: «Ndabarahiye Yehova Imana nzima, we yankuye* mu marushwa yose+: 10  igihe umuntu umwe yamenyesha ko Sawuli yapfuye+ yibaza ko anzaniye agakuru keza, naciye ndamufata ndamwicira+ i Sikulagi. Iyo ni yo mpembo namuhaye. 11  Mwumva none ntakwiye guhana birenze inkozi z’ikibi zishe umuntu ata co azira, zimusanze aho yiryamiye iwe? Ntegerezwa kubahana nkabakuraho kubera amaraso yiwe mwasheshe+ 12  Dawidi aca ategeka abasore biwe barabica+ maze babaca ibikonjo n’ibirenge. Baraheza babamanika+ iruhande y’ikidengeri c’i Heburoni. Baca batora umutwe wa Ishibosheti bawuhamba aho bahamvye Abuneri i Heburoni.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «amaboko yiwe aca araregera.»
Canke «acumbagira.»
Canke «yarondera ubuzima bwawe.»
Canke «yancunguye.»