Abacamanza 5:1-31

  • Debora na Baraki baririmba ururirimbo rw’intsinzi (1-31)

    • Inyenyeri zirwanya Sisera (20)

    • Uruzi Kishoni rwuzura (21)

    • Abakunda Yehova bameze nk’izuba (31)

5  Kuri uwo musi, Debora+ na Baraki+ mwene Abinowamu baririmba iyi ndirimbo+ bati:   «Kubera yuko abarwanyi muri Isirayeli barekuye imishatsi*,kubera yuko abantu bitanze babikunze+,nimushemeze Yehova!   Umvirize yemwe bami, tege ugutwi yemwe bategetsi! Ngira ndirimbire Yehova, ndirimbire amashemezo* Yehova+, Imana ya Isirayeli+.   Yehova, igihe wava i Seyiri+,igihe wava mu karere ka Edomu,isi yacīye inyiganyiga, ijuru rigwisha imvura nyinshi,n’ibicu bigwisha amazi menshi.   Imisozi yāshonze* imbere ya Yehova+,n’umusozi Sinayi washongeye imbere ya Yehova+, Imana ya Isirayeli+.   Mu gihe ca Shamugari+ mwene Anati,mu gihe ca Yayeli+, amabarabara yarera.Abafata ingendo baca mu tundi tuyira.   Ababa mu bigwati bitazitiye muri Isirayeli bari baromotse*.Bari baromotse gushika jewe Debora+ nserutse*,gushika nserutse nk’umuvyeyi muri Isirayeli+.   Abisirayeli bari bahisemwo izindi mana+,maze haduka intambara ku marembo y’ibisagara vyabo+. Mu basoda b’Abisirayeli 40.000,nta nkinzo canke icumu washobora kuhabona.   Umutima wanje uri kumwe n’abakomanda ba Isirayeli+,bo bitanze bakajana n’abantu+. Nimushemeze Yehova! 10  Yemwe abagendera ku ndogobwa z’ibara ry’akagajo,mwebwe mwicaye ku bitambara vyizavyiza,namwe mugendagenda mu mabarabara,nimuzirikane kuri ibi: 11  Amajwi y’abatanga amazi yumvikanye aho bavoma.Bariko bahayagira ibikorwa bigororotse vya Yehova,ibikorwa bigororotse vy’abantu biwe baba mu bigwati bitazitiye muri Isirayeli. Abantu ba Yehova baciye baja ku marembo y’ibisagara. 12  Ikangure, ikangure Debora+ we! Ikangure, ikangure uririmbe indirimbo+! Haguruka Baraki+ we! Jana imbohe zawe, yewe mwene Abinowamu! 13  Abari basigaye baciye baza ku banyacubahiro.Abantu ba Yehova baciye baza aho ndi kugira barwanye abanyenkomezi. 14  Abari mu kiyaya bari abo muri Efurayimu,bari inyuma yawe, ewe Benyamini, bari kumwe n’abantu bawe. Abakomanda baje bava mu bo kwa Makiri+,muri Zabuloni na ho hava abinjiza abantu mu gisoda*. 15  Abaganwa bo muri Isakari bari kumwe na Debora,Isakari yari kumwe na Debora cokimwe na Baraki+. Yarungitswe mu kiyaya, ajayo n’amaguru+. Mu miryango ikomoka kuri Rubeni habaye ukwijijanya imitima cane. 16  Kubera iki wiyicariye nk’igitungwa c’igitwazi gitwaye imizigo ibiri,wiyumviririza abungere bavugiriza umwironge ibitungwa vyabo+? Mu miryango ikomoka kuri Rubeni habaye ukwijijanya imitima cane. 17  Ababa i Gileyadi bigumiye hakurya ya Yorodani+,abo mu muryango wa Dani na bo, kubera iki bigumiye iruhande y’amato*+? Abo kwa Asheri bagumye biyicariye ku nkengera y’ikiyaga,bigumira iruhande y’ibivuko*+ vyabo. 18  Abo mu muryango wa Zabuloni bahevye* ubuzima bwabo ntibatinya urupfu.N’abo mu muryango wa Nafutali+ ni ko bitanze ku misozi+. 19  Abami baje, bararwana.Abami b’i Kanani barwaniye+ i Tanaki,iruhande y’amazi y’i Megido+. Ariko nta feza basahuye+. 20  Inyenyeri zarwanye ziri kw’ijuru,zirwanya Sisera ziri ku nzira zizungurukirako. 21  Uruzi* Kishoni rwuzuye rurabatwara+,rwa ruzi rwa kera, uruzi Kishoni. Wahonyangiye hasi abanyenkomezi, ewe mutima wanje! 22  Amafarasi yaciye adidagura ibinono hasi,impfizi z’amafarasi yiwe zica zitangura kwiruka nk’izasaze+. 23  “Nimuvume Merozi”, ni ko umumarayika wa Yehova avuze.“Nimuvume abahaba,kuko bataje gufasha Yehova.Ntibaje gufasha Yehova bari kumwe n’abanyenkomezi.” 24  Yayeli+ arahezagiwe kuruta abandi bagore bose,Yayeli umugore wa Heberi+ Umukeni.Arahezagiwe kuruta abandi bagore baba mu mahema. 25  Sisera yasavye amazi, ariko amuha amata. Yamuhereye amata avuze+ mw’ibakure nziza cane. 26  Yatumye ukuboko atora urumambo rw’ihema,atuma ukuryo atora inyundo y’abakozi. Ahonda Sisera, amumena umutwe,Imisaya yiwe arayitobekeranya, arayisavya+. 27  Hagati y’ibirenge vya Yayeli ni ho yatembagariye, ni ho yaguye aruma.Hagati y’ibirenge vya Yayeli ni ho yatembagariye, ni ho yaguye.Aho yatembagariye ni ho yaguye, aratsindwa. 28  Hari umugore yaguma araba mw’idirisha,nyina wa Sisera yaguma arunguruka mu kayungiro k’idirisha, akavuga ati:“Kuki umukogote wiwe utevye kuza? Ko ntarumva imirindi y’imikogote yiwe+?” 29  Abanyabwenge mu bakenyezi b’abanyacubahiro bamukorera, bakamwishura,na we nyene akaguma yibwira ati: 30  “Uko biri kwose bariko baragabura isahu baronse,umurwanyi wese agatora umwigeme* umwe canke babiri,Sisera agatora impuzu basahuye y’ibara, emwe impuzu basahuye y’ibara,abasahuye bagatora impuzu imwe ideshe y’ibara canke zibirizo kwambara kw’izosi.” 31  Ewe Yehova, abansi bawe bose barakayogera+!Abagukunda na bo bamere nk’izuba riserutse mu bwiza bwaryo.» Nuko igihugu kimara imyaka 40 kiri mu mahoro*+.

Utujambo tw'epfo

Bishoboka ko cari ikimenyetso c’uko bihebeye Imana canke ko hari ico bayisezeraniye.
Canke «ncurarangire.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «yanyiganyize.»
Canke «ntibari bakiboneka.»
Mu giheburayo havuga ngo «mpagurutse.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «abakoresha ibikoresho vy’umwanditsi.»
Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
Canke «iruhande y’ahantu amato ashikira.»
Canke «bakengereye.»
Canke «umugezi.»
Mu giheburayo havuga ngo «igitereko.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu karuhuko.»