Abacamanza 8:1-35

  • Abefurayimu bashwanira Gideyoni (1-3)

  • Gideyoni akurikira abami b’Abamidiyani akabica (4-21)

  • Gideyoni yanka kuba umwami (22-27)

  • Incamake y’ubuzima bwa Gideyoni (28-35)

8  Maze ba bagabo bo mu karere ka Efurayimu babwira Gideyoni bati: «Ivyo watugize ni ibiki? Kubera iki utaduhamagaye igihe waja kurwanya Abamidiyani+?» Baramushwanira cane+.  Mugabo abishura ati: «Mugira hari ico nakoze cogereranywa n’ivyo mwakoze? Inzabibu nkeyi Abefurayimu+ batoraguye ziraruta izo bene Abiyezeri+ bimbuye.  Ni mwebwe Imana yahaye intsinzi ku baganwa b’Abamidiyani, Orebu na Zebu+. Mwumva none hari ico jewe nakoze cogereranywa n’ivyo mwakoze?» Avuze ivyo* baca baraturura.  Gideyoni araheza ashika ku ruzi Yorodani, ararujabuka. Naho we na ba bagabo 300 bari kumwe na we bari barushe, bagumye bakurikira umwansi.  Abwira rero abagabo b’i Sukoti ati: «Ndabasavye mumpere ivyo kurya* abasoda turi kumwe kuko barushe, nanje nkaba ngikurikira Zeba na Zalumuna, abami ba Midiyani.»  Mugabo abaganwa b’i Sukoti bamwishura bati: «None Zeba na Zalumuna wamaze kubafata muko duha ingabo zawe ivyo kurya?»  Gideyoni aca ababwira ati: «Ko muvuze ukwo, Yehova niyamfasha gutsinda Zeba na Zalumuna, nzobashishuza amahwa n’ibihandambwa* vyo mu bugaragwa+  Ava ng’aho aduga i Penuweli, asaba abagabo baho ivyo yasavye ab’i Sukoti. Mugabo bamwishura nk’uko ab’i Sukoti bamwishuye.  Aca abwira abagabo b’i Penuweli ati: «Ninagaruka amahoro, nzosenyurira hasi uyu munara+ wanyu.» 10  Ico gihe Zeba na Zalumuna bari i Karukori bari kumwe n’ingabo zabo, abagabo nka 15.000. Ni bo bonyene bari basigaye mu ngabo zose z’Abanyabuseruko+, kuko abagabo 120.000 barwanisha inkota bari baguye ku rugamba. 11  Gideyoni adugana inzira y’ababa mu mahema, mu buseruko bwa Noba na Yogibeha+, maze atera ikambi y’abo bansi batari bavyiteze. 12  Ba bami babiri b’Abamidiyani ari bo Zeba na Zalumuna bagize ngo barahunga, aca abirukako arabafata, ikambi yose irahungabana. 13  Maze Gideyoni mwene Yowasi agaruka avuye ku rugamba, azanana akayira kaduga i Heresi. 14  Ari mu nzira, afata umusore umwe w’i Sukoti amubaza ibibazo. Uwo musore aca amwandikira amazina y’abaganwa n’abashingantahe b’i Sukoti. Bose hamwe bari abagabo 77. 15  Aca aja kuraba abagabo b’i Sukoti, ababwira ati: «Ng’uyu Zeba na Zalumuna, bamwe mwancokorako muvuga ngo: “Mbega Zeba na Zalumuna wamaze kubafata muko duha ivyo kurya ingabo zawe zirushe+?”» 16  Afata rero abashingantahe b’ico gisagara, abashishaguza amahwa n’ibihandambwa vyo mu bugaragwa. Atoza indero abagabo b’i Sukoti+. 17  Wa munara w’i Penuweli na wo awusenyurira hasi+, yica n’abagabo bo muri ico gisagara. 18  Gideyoni abaza Zeba na Zalumuna ati: «Abagabo mwiciye i Tabora bari bameze gute?» Na bo bati: «Bari bameze nkawe. Umwe wese muri bo yasa n’umwana w’umwami.» 19  Aca avuga ati: «Bari abo tuvukana, bari benemama. Ndabarahiye Yehova Imana nzima, iyo mutabica na je sinari kubica.» 20  Maze abwira Yeteri imfura yiwe ati: «Haguruka ubice.» Mugabo uwo musore ntiyasokora inkota yiwe. Yaratinye kuko yari akiri muto. 21  Zeba na Zalumuna baca babwira Gideyoni bati: «Haguruka abe ari wewe utwiyicira. Erega umugabo umumenyera ku nkomezi ziwe*.» Gideyoni aca arahaguruka, yica Zeba na Zalumuna+ maze atwara ibisharizo vyihese nk’ukwezi vyari ku mazosi y’ingamiya zabo. 22  Mu nyuma Abisirayeli babwira Gideyoni bati: «Nutuganze, wewe n’umuhungu wawe n’umwuzukuru wawe, kuko wadukijije Abamidiyani+ 23  Mugabo Gideyoni abishura ati: «Jewe sinzobaganza, eka n’umuhungu wanje ntazobaganza. Yehova ni we azobaganza+ 24  Yongerako ati: «Reka ndabasabe ikintu kimwe: umwe wese muri mwebwe nampe ihereni ryo ku zuru mu vyo yasahuye.» (Abaneshejwe bari bafise amahereni y’inzahabu bambara ku zuru, kuko bari Abishimayeli+.) 25  Bamwishura bati: «Emwe turayaguha.» Baca basanza impuzu maze umwe wese muri bo atererako ihereni ryo ku zuru akuye mu vyo yasahuye. 26  Amahereni yo ku zuru yaronse, yose hamwe yapima shekeli* 1.700 z’inzahabu. Aho ntiharimwo vya bisharizo vyihese nk’ukwezi n’amahereni maremare n’impuzu z’ubwoya z’ibara ry’umuyugubwe* z’abami b’Abamidiyani n’ibisharizo bambika ingamiya ku mazosi+. 27  Gideyoni abihinguramwo efodi*+, ayishira ahantu habona mu gisagara yabamwo ca Ofura+. Abisirayeli bose batangura kujayo kuyisenga bahemukira Imana*+, maze ibera umutego Gideyoni n’urugo rwiwe+. 28  Nuko Abamidiyani+ baneshwa n’Abisirayeli, ntibasubira kubatera*. Mu gihe ca Gideyoni, igihugu kimara imyaka 40 kiri mu mahoro*+. 29  Yerubayali+ mwene Yowasi asubira iwe, yigumirayo. 30  Gideyoni avyara abahungu 70*, kuko yari afise abagore benshi. 31  Incoreke yiwe yaba i Shekemu na yo nyene imuvyarira umuhungu, amwita Abimeleki+. 32  Maze Gideyoni mwene Yowasi apfa yisaziye neza, bamuhamba aho bahamvye se Yowasi i Ofura ha bene Abiyezeri+. 33  Gideyoni akimara gupfa, Abisirayeli bongera guhemukira Imana*, basenga za Bayali+. Bayali-Beriti bayigira imana yabo+. 34  Abisirayeli ntibaba bacibuka Yehova Imana yabo+, yari yarabakijije abansi babo bose bari babakikuje+. 35  Nta n’ubuntu bagiriye* urugo rwa Yerubayali ari we Gideyoni, ku vyiza vyose yari yarakoreye Abisirayeli+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «iryo jambo.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Ni ibimera bifise amahwa.
Canke «uko umugabo ari, ni ko n’inkomezi ziwe ziri.»
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Canke «bakora ubumaraya.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).
Mu giheburayo havuga ngo «ntibasubira kuduza umutwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu karuhuko.»
Mu giheburayo havuga ngo «yari afise abahungu 70 bavuye mw’itako ryiwe.»
Canke «gukora ubumaraya.»
Canke «nta n’urukundo rudahemuka (rudahera) beretse.»