Abalewi 2:1-16
-
Ishikanwa ry’intete (1-16)
2 Umuntu niyaha Yehova ishikanwa ry’intete+, akwiye kuzana ifu inoze. Azoyisukako amavuta hejuru, ayishireko n’imibavu*+.
2 Azoca ayizanira abahungu ba Aroni ari bo baherezi. Umuherezi azoyora urushi rw’iyo fu inoze ivanze n’amavuta hamwe n’iyo mibavu yose, abiturire bifumbe umwotsi ku gicaniro nk’ikimenyetso* c’iryo shikanwa ryose+. Ni ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza* Yehova.
3 Ibisigaye vyose kuri iryo shikanwa bizoba ivya Aroni n’abahungu biwe+. Ni ikintu ceranda cane+ kivuye ku mashikanwa ya Yehova bashikanisha umuriro.
4 Nimwatanga ishikanwa ry’intete rigizwe n’imikate yokejwe mw’ifuru, ikwiye kuba ari imikate y’umuzingi icumbanywe amavuta canke udukate dufyase dusizeko amavuta+. Ikwiye kuba ikozwe mw’ifu inoze.
5 Nimba ari ishikanwa ry’intete rigizwe n’ivyakaranzwe kw’ipanu+, bikwiye kuba bikozwe mw’ifu inoze ivanze n’amavuta ariko itarimwo umwambiro.
6 Muze mubimanyagure hanyuma mubisukeko amavuta+. Ni ishikanwa ry’intete.
7 Nimba ari ishikanwa ry’intete rigizwe n’ivyakaranzwe mw’isafuriya, bikwiye kuba bikozwe mw’ifu inoze ivanze n’amavuta.
8 Muzozanira Yehova ishikanwa ry’intete rikozwe muri ivyo bintu hanyuma murishikirize umuherezi. Umuherezi na we azoca arijana hafi y’igicaniro.
9 Umuherezi azotora bikeyi kuri iryo shikanwa, abiturire bifumbe umwotsi ku gicaniro nk’ikimenyetso c’iryo shikanwa ryose+. Ni ishikanwa bashikanisha umuriro ry’akamoto kamotera neza Yehova+.
10 Ibisigaye kuri iryo shikanwa bizoba ivya Aroni n’abahungu biwe. Ni ikintu ceranda cane kivuye ku mashikanwa ya Yehova bashikanisha umuriro+.
11 Ntimuzohe Yehova ishikanwa ry’intete ririmwo umwambiro+, kuko umwambiro* canke ubuki bidakwiye guturirwa ngo bibe ishikanwa rya Yehova bashikanisha umuriro.
12 Murashobora kubishikanira Yehova nk’ishikanwa ry’ivyeze ubwa mbere*+, ariko ntimuzobishire ku gicaniro ngo bibe akamoto keza.
13 Ishikanwa ry’intete ryose muzotanga muzorishiramwo umunyu. Amashikanwa y’intete muzotanga ntaze aburemwo umunyu w’isezerano ry’Imana yanyu. Amashikanwa yanyu yose muzoyatangana umunyu+.
14 Nimwaha Yehova ishikanwa ry’intete rigizwe n’ivyeze ubwa mbere, zikwiye kuba ari intete nshasha* zikaranze kandi zijanjaguye. Ni zo muzotanga nk’ishikanwa ry’intete rigizwe n’ivyeze ubwa mbere+.
15 Mukwiye kurisukako amavuta n’imibavu*. Ni ishikanwa ry’intete.
16 Umuherezi azoca atora intete nkeyi zijanjaguye zivanze n’amavuta hamwe n’iyo mibavu yose, abiturire bifumbe umwotsi nk’ikimenyetso c’iryo shikanwa ryose+. Ni ishikanwa rya Yehova bashikanisha umuriro.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
^ Canke «icibutso.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ry’akamoto karuhura kuri.»
^ Kari agakandu gatoyi bakoresha nk’umwambiro.
^ Canke «umushuzo.»
^ Canke «amahundo matoto.»
^ Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).