Abaroma 10:1-21
10 Bavukanyi, mu vy’ukuri ico umutima wanje wipfuza be n’ico ntakambira Imana ku bwabo, ni uko bokizwa+.
2 Ndabashingira intahe yuko bafise umwete wo gukorera Imana+, ariko uwo mwete ntushingiye ku bumenyi butagira amakosa.
3 Kubera yuko batazi ubugororotsi bw’Imana+, ntibigeze babukurikiza+, ahubwo barondeye kwishingira ubugororotsi bwabo bwite+.
4 Kuko Kristu ari we herezo ry’amategeko+, kugira ngo umuntu wese yizera yitwe umugororotsi+.
5 Ku bijanye n’ubugororotsi buva ku mategeko, Musa yanditse ati: «Umuntu yubahiriza ivyo bintu azobeshwaho na vyo+.»
6 Ariko ku bijanye n’ubugororotsi buva ku kwizera, handitswe ngo: «Ntuvuge mu mutima wawe ngo+: “Ni nde azoduga mw’ijuru+?”, ni ukuvuga kugira amanukane Kristu,
7 canke ngo: “Ni nde azomanuka mu kuzimu*+?”, ni ukuvuga kugira adugane Kristu amukuye mu bapfuye.»
8 None icanditswe kivuga iki? Kigira giti: «Ayo majambo ari hafi yanyu, mu kanwa kanyu no mu mitima yanyu+», ni ukuvuga «amajambo» y’ukwizera turiko turamamaza.
9 Niwavuga ku mugaragaro n’akanwa kawe yuko Yezu ari Umukama+, kandi ukizera mu mutima wawe yuko Imana yamuzuye mu bapfuye, uzokizwa.
10 Kuko umutima ari wo umuntu yizeresha kugira ashikire ubugororotsi, mugabo akanwa ni ko akoresha mu kuvuga ku mugaragaro ukwizera kwiwe+, kugira aronke ubukiriro.
11 Nakare icanditswe kivuga giti: «Nta n’umwe ashingira ukwizera kwiwe kuri we azoteterwa+.»
12 Nta tandukaniro ririho hagati y’Umuyuda n’Umugiriki*+. Hari Umukama umwe kuri bose, ahezagira cane* abamwambaza bose.
13 Kuko «umuntu wese yambaza izina rya Yehova* azokizwa+.»
14 Ariko none bazomwambaza gute batamwizera? Kandi bazomwizera gute batumvise ivyiwe? Kandi bazovyumva gute ata wuvyamamaza?
15 Kandi bazovyamamaza gute batatumwe+? Kuko vyanditswe ngo: «Ewe kuntu biteye igomwe ibirenge vy’abamenyesha inkuru nziza y’ivyiza+!»
16 Yamara rero, si bose bagamburutse inkuru nziza. Kuko Yesaya avuga ati: «Yehova*, ni nde yizeye ivyo yatwumvanye*+?»
17 Ukwizera rero kuva ku co umuntu yumvise+. Kandi ico umuntu yumva kijanye n’ijambo ryerekeye Kristu.
18 Ariko ndabaza nti: Mbega ntibumvise? Mu vy’ukuri, «intahe yavyo yarakwiragiye kw’isi yose. Ubutumwa bwavyo bwarashitse ku mpera y’isi+.»
19 Ariko ndabaza kandi nti: Mbega Abisirayeli ntibabimenye+? Ubwa mbere Musa avuga ati: «Nzobatera inzigo nkoresheje ihanga ata co rimaze. Nzobatera ishavu rikaze nkoresheje ihanga ry’imburabwenge+.»
20 Mugabo Yesaya aratinyuka cane, akavuga ati: «Abantu batariko barandondera, barandonse+. Abantu batariko barabaza ivyanje, baramenye+.»
21 Mugabo ku bijanye na Isirayeli avuga ati: «Nirirwa nsanziye amaboko abantu b’ibigaba kandi b’intabarirwa+.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «mu nyenga.» Raba Insiguro y’amajambo (Inyenga).
^ Canke «atungisha.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Canke «ivyo twashikirije.»