Ezekiyeli 10:1-22
10 Ndiko nditegereza, mbona hejuru y’ikirere cari hejuru y’imitwe y’abakerubi hari ikintu kimeze nk’ibuye rya safiro hejuru yabo. Cari gifise ishusho imeze nk’intebe y’ubwami+.
2 Maze abwira wa mugabo yari yambaye impuzu yo mu gitambara ciza*+ ati: «Niwinjire hagati y’amapine+, munsi y’abakerubi, wuzuze ibiganza vyawe vyompi amakara yaka+ uyakuye hagati y’abakerubi, uheze uyaterere hejuru y’igisagara+.» Nuko yinjirayo mbona.
3 Abakerubi bari bahagaze iburyo bw’urusengero igihe uwo mugabo yinjira, maze igicu cuzura ikigo c’indani.
4 Nuko ubuninahazwa bwa Yehova+ buraduga buva kuri abo bakerubi buja imbere y’umuryango w’urusengero, maze urwo rusengero rurahava rwuzura igicu+. Ikigo na co cari cuzuye ukwakaka kw’ubuninahazwa bwa Yehova.
5 Urwamo rw’amababa ya nya bakerubi rwarumvikana mu kigo c’inyuma. Wamengo ni ijwi ry’Imana Mushoboravyose igihe ivuze+.
6 Maze ategeka wa mugabo yambaye impuzu yo mu gitambara ciza ati: «Tora umuriro hagati y’ayo mapine, hagati y’abakerubi.» Aca arinjira, ahagarara iruhande y’ipine.
7 Maze umwe muri abo bakerubi atuma ukuboko mu muriro wari hagati y’abakerubi+. Afata umuriro mukeyi awushira mu biganza vy’umwe yambaye impuzu yo mu gitambara ciza+, na we arawutora araheza arasohoka.
8 Abo bakerubi bari bafise munsi y’amababa yabo ikintu gifise ishusho nk’iy’amaboko y’umuntu+.
9 Ndiko nditegereza, mbona amapine ane iruhande ya ba bakerubi. Iruhande y’umukerubi wese hari ipine, kandi ayo mapine wamengo arakayangana nk’ibuye rya kirizolito+.
10 Uravye uko yasa, yose uko ari ane yari ameze cokimwe, ukamengo ipine ryinjira mu rindi.
11 Agize aho aja, yarashobora kwerekeza mu mpande zose uko ari zine atarinze gukata. Ivyo vyashoboka kubera ko yaja iyo umutwe utumbereye atarinze gukata.
12 Umubiri wabo wose, imigongo yabo, amaboko yabo, amababa yabo n’amapine, ni ukuvuga amapine y’abo bakerubi bose uko ari bane, vyose vyari vyuzuyeko amaso hose+.
13 Ku bijanye n’ayo mapine, numvise ijwi riyahamagara ngo: «Yemwe mapine!»
14 Umwe wese* yari afise mu maso hane. Aha mbere hasa n’umukerubi, aha kabiri n’umuntu, aha gatatu n’intambwe, aha kane na ho hagasa n’inkona+.
15 Abo bakerubi, ari bo vya binyabuzima* nari nabonye ku ruzi Kebari+, baraduga.
16 Abo bakerubi bagiye ahantu, ya mapine yagendera iruhande yabo. Nya bakerubi badugije amababa ngo baje hejuru y’isi, ayo mapine ntiyakata canke ngo ave iruhande yabo+.
17 Bahagaze na yo yaca ahagarara, baduze akadugana na bo, kuko impwemu yakorera muri ivyo binyabuzima* yari muri ayo mapine.
18 Maze ubuninahazwa bwa Yehova+ bwari imbere y’umuryango w’urusengero, buva hejuru yaho buja hejuru y’abo bakerubi+.
19 Abo bakerubi baduza rero amababa yabo, bava kw’isi ndorera. Igihe bagenda, ya mapine na yo nyene yari iruhande yabo. Bahagarara imbere y’irembo ry’inzu ya Yehova ryo mu buseruko, kandi ubuninahazwa bw’Imana ya Isirayeli bwari hejuru yabo+.
20 Ivyo ni vya binyabuzima* nari nabonye munsi y’intebe y’ubwami y’Imana ya Isirayeli ku ruzi Kebari+. Ndaheza menya yuko bari abakerubi.
21 Vyose uko ari bine vyari bifise mu maso hane, amababa ane, bikagira n’ibintu bisa n’amaboko nk’ay’umuntu munsi y’amababa yavyo+.
22 Ishusho yo mu maso havyo yari imeze nk’iyo nari nabonye hafi y’uruzi Kebari+. Kimwe cose muri vyo cagenda gitumbereye imbere+.
Utujambo tw'epfo
^ Ico gitambara mu gifaransa citwa lin. Raba Insiguro y’amajambo (Ilino).
^ Ni ukuvuga umukerubi wese.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ca kinyabuzima.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «impwemu y’ico kinyabuzima.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ico ni ca kinyabuzima.»