Ezekiyeli 35:1-15

  • Ibizoshikira imisozi ya Seyiri (1-15)

35  Yehova yongera kumbwira ati:  «Mwana w’umuntu, hindukira urabe akarere k’imisozi ka Seyiri+, uvuge ubuhanuzi bw’ibizohashikira+.  Uhabwire uti: “Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ngira ndakurwanye, wa karere k’imisozi ka Seyiri. Nzoramvura ukuboko kwanje ndakurwanye, ndakugire umusaka+.  Nzotikiza ibisagara vyawe, usigare uri umusaka+. Kandi uzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.  Kuko wagize urwanko rudahera+, utanga Abisirayeli ngo bicishwe inkota ca gihe bari mu vyago, igihe bahanwa irya nyuma+.’”  “Ndirahiye rero jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “nzogutegurira gupfa*, kandi urupfu ruzogukurikirana+. Ko wanse amaraso, urupfu ruzogukurikirana+.  Akarere k’imisozi ka Seyiri nzokagira umusaka+, kandi nzoharandura abacayo bose n’abagarukayo bose.  Imisozi yaho nzoyuzuza ibiziga, kandi abicishijwe inkota bazogwa ku mirambi yawe, mu mibande yawe no mu migezi yawe yose.  Nzogutikiza ugume uri umusaka, kandi ibisagara vyawe nta wuzobibamwo+. Kandi uzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.” 10  Ko wavuze ngo: “Aya mahanga abiri n’ibi bihugu bibiri bizoba rwanje, kandi nzovyigarurira vyompi+”, kandi Yehova ubwiwe yari ng’aho, 11  “ndirahiye rero jewe Imana nzima”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, “nzogukorera ibihwanye n’ishavu be n’ishari werekanye kubera urwanko wari ufitiye abantu banje+. Nzokwimenyekanisha muri bo ninagucira urubanza. 12  Uzoheza rero umenye vy’ukuri yuko jewe Yehova numvise amajambo yose y’ukutisonera wavuze ku vyerekeye imisozi ya Isirayeli, igihe wavuga ngo: ‘Yagizwe umusaka. Twarayihawe ngo tuyirotse*.’ 13  Mwaramvuze nabi mubigiranye ubwibone, mugwiza amajambo yo kuntuka+. Vyose naravyumvise.” 14  Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Igihe nzokugira umusaka, isi yose izonezerwa. 15  Ko wanezerewe igihe intoranwa y’Abisirayeli yacika umusaka, nawe ni ko nzokugira+. Nzogutikiza usigare uri umusaka, ewe karere k’imisozi ka Seyiri, emwe, Edomu yose+. Kandi abantu bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova.”»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «amaraso.»
Mu giheburayo havuga ngo «itubere ibifungurwa.»