Ezekiyeli 41:1-26

  • Aheranda h’urusengero (1-4)

  • Uruhome n’ivyumba vyo mu mbavu (5-11)

  • Inyubakwa yo mu burengero (12)

  • Inyubakwa zitandukanye zipimwa (13-15a)

  • Indani mu rusengero (15b-26)

41  Araheza anzana Aheranda*, hanyuma apima inkingi zo mu mbavu. Zari zifise ubwaguke bw’intambwe* zitandatu ku ruhande rumwe na zitandatu ku rundi.  Ubwaguke bw’ubwinjiriro bwari intambwe cumi. Impome zaho irya n’ino* zapima intambwe zitanu ku ruhande rumwe na zitanu ku rundi. Hanyuma apima uburebure bwaho. Bwari intambwe 40, ubwaguke na bwo intambwe 20.  Maze yinjira indani*, apima inkingi y’ubwinjiriro yo mu mbavu. Yari ifise intimbatimba y’intambwe zibiri. Ubwinjiriro bwari bufise ubwaguke bw’intambwe zitandatu. Impome z’ubwinjiriro irya n’ino zapima* intambwe indwi.  Hanyuma apima icumba kirabana n’Aheranda. Cari gifise uburebure bw’intambwe 20 n’ubwaguke bw’intambwe 20+. Aca ambwira ati: «Aha ni Aheranda cane+  Maze apima uruhome rw’urusengero. Rwari rufise intimbatimba y’intambwe zitandatu. Ivyumba vyo mu mbavu bikikuje urusengero vyari bifise ubwaguke bw’intambwe zine+.  Ivyumba vyo mu mbavu vyari mu magorofa atatu bigerekeranye. Igorofa imwimwe yose yari ifise ivyumba 30. Uruhome rw’urusengero rwari rufise ahantu haniguye irya n’ino, ku buryo ibibaho vy’ivyumba vyo mu mbavu bihishimikiza, ntivyinjire muri urwo ruhome+.  Ku mpande zibiri z’urusengero hari akayira kagenda kazunguruka*. Uko kaduga mu vyumba vyo hejuru+ ni ko kagenda karaguka. Uko umuntu yaduga mw’igorofa yo hejuru avuye mu yo hasi, akajayo aciye mw’igorofa yo hagati, hagenda haraguka.  Maze mbona ahantu hataramutse hirya no hino y’urusengero. Imishinge y’ivyumba vyo mu mbavu yareha n’irenga rikwiye ry’intambwe zitandatu gushika mu mfuruka.  Uruhome rwo hanze rw’ivyumba vyo mu mbavu rwari rufise ubwaguke bw’intambwe zitanu. Iruhande y’inyubakwa y’urusengero igizwe n’ivyumba vyo mu mbavu, hariho ahantu hagaragara*. 10  Hagati y’urusengero n’ibibanza vy’uburiro*+, hari ikibanza c’ubwaguke bw’intambwe 20 kuri buri ruhande. 11  Ku ruhande rwo mu buraruko hari ubwinjiriro hagati y’ivyumba vyo mu mbavu na ha hantu hagaragara, hakaba n’ubundi bwinjiriro ku ruhande rwo mu bumanuko. Aho hantu hagaragara hari hafise ubwaguke bw’intambwe zitanu irya n’ino. 12  Inyubakwa yari mu burengero irabana na ha hantu hagaragara yari ifise ubwaguke bw’intambwe 70 n’uburebure bw’intambwe 90. Uruhome rw’iyo nyubakwa rwari rufise intimbatimba y’intambwe zitanu impande zose. 13  Hanyuma apima urusengero. Rwari rufise uburebure bw’intambwe 100. Ha hantu hagaragara, ya nyubakwa* n’impome zayo, na vyo nyene vyari bifise uburebure bw’intambwe 100. 14  Uruhande rw’imbere rw’urusengero ruraba mu buseruko na ha hantu hagaragara, vyari bifise ubwaguke bw’intambwe 100. 15  Hanyuma apima uburebure bw’inyubakwa y’inyuma y’urusengero yarabana n’ahantu hagaragara, apima n’uburebure bw’utubaraza twayo hirya no hino. Bwangana n’intambwe 100. Yongera apima Aheranda, Aheranda cane+, amabaraza y’ikigo, 16  ubwinjiriro butandukanye, amadirisha agenda araga*+ n’utubaraza vyari muri ivyo bibanza bitatu. Hafi y’ubwinjiriro hari hahometse imbaho+ kuva hasi gushika ku madirisha, kandi nya madirisha yari akikujwe n’utubaho*. 17  Apima hejuru y’ubwinjiriro, indani mu rusengero no hanze be n’uruhome rwose ruhakikuje. 18  Hari hashushanijweko* abakerubi+ n’ibigazi+. Hagati y’abakerubi babiri hari ikigazi, kandi umukerubi wese yari afise mu maso habiri. 19  Igice gisa n’umuntu caraba ikigazi ku ruhande rumwe, igice gisa n’intambwe* na co kikaraba ikigazi ku rundi ruhande+. Ukwo ni ko ayo mashusho yari ashushanijwe hose mu rusengero. 20  Kuva hasi gushika hejuru y’ubwinjiriro, hari hashushanijwe abakerubi n’ibigazi ku ruhome rw’urusengero. 21  Ibishimaryango* vy’urusengero vyari ikwadarato+. Imbere y’ahantu heranda* hari ikintu kimeze 22  nk’igicaniro gikozwe mu mbaho+ c’intambwe zitatu z’amahagarara n’intambwe zibiri z’uburebure. Cari gifise inkingi mu mfuruka. Intebe* yaco n’impande zaco vyari bikozwe mu giti. Araheza ambwira ati: «Iyi ni yo meza iri imbere ya Yehova+ 23  Aheranda n’Aheranda cane hari imiryango ibiribiri+. 24  Umwumwe wose muri iyo miryango wari ugizwe n’inzugi zibiri zizunguruka. 25  Ku miryango y’urusengero hari hashushanijwe abakerubi n’ibigazi nka kumwe kwo ku mpome+. Hanze kw’ibaraza hari akantu karengako hejuru kameze nk’igisenge, gakozwe mu mbaho. 26  Hari amadirisha agenda araga+ n’amashusho y’ibigazi ku mpande zompi z’ibaraza no ku vyumba vy’urusengero vyo mu mbavu, no hafi y’utuntu turengako hejuru tumeze nk’igisenge.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «mu rusengero.» Mu kigabane ca 41 n’ica 42, iryo jambo risobanura Aheranda canke urusengero rwose (ni ukuvuga Aheranda n’Aheranda cane).
Yari intambwe ndende y’ukuboko uciriye mu nkokora. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «impande z’ubwinjiriro.»
Ni ukuvuga Aheranda cane.
Mu giheburayo havuga ngo «ubwaguke bw’ubwinjiriro bwari.»
Biboneka ko zari ingazi zizunguruka.
Biboneka ko kari akayira kari irya n’ino y’urusengero.
Canke «n’ivyumba.»
Ni ya nyubakwa yo mu burengero bw’urusengero.
Canke «yari apfutswe.»
Canke «amadirisha arimwo utubaho dutuma umwenge wayo ugenda uragabanuka.»
Canke «hasaruweko.»
Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»
Mu giheburayo havuga ngo «igishimaryango.» Biboneka ko ari ku bwinjiriro bw’Aheranda.
Biboneka ko ari Aheranda cane.
Mu giheburayo havuga ngo «uburebure.»