Ezekiyeli 7:1-27
7 Yehova yongera kumbwira ati:
2 «Ewe mwana w’umuntu, Umukama Segaba Yehova abwiye igihugu ca Isirayeli ati: “Ng’iri iherezo! Iherezo riraje ku mpande zine z’igihugu.
3 Ubu rero iherezo riragushitseko. Nzogusukako ishavu ryanje, ndagucire urubanza nisunze ingeso zawe, ngire ico ndakubaza ku bijanye n’ibintu vyose bishisha wakoze.
4 Ijisho ryanje ntirizokwumvira akagongwe canke ngo ngire impuhwe+, kuko nzokuzanako ingaruka z’ingeso zawe, ushikirwe n’inkurikizi z’ibintu bishisha wakoze+. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.”
5 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ehe icago! Icago kidasanzwe kiriko kiraza+.
6 Iherezo riraje. Iherezo rizoza. Rizoguhagurukira*. Ehe riraje!
7 Urashikiriwe* wa muntu uba mu gihugu. Igihe kiraje, umusi uri hafi+. Hari umuvurungano, si akaruru k’umunezero ku misozi.
8 Ubu vuba ngiye kukurekurirako uburake bwanje+. Nzogusukako ishavu ryanje ryose+, ndagucire urubanza nisunze ingeso zawe, ngire ico ndakubaza ku bijanye n’ibintu vyose bishisha wakoze.
9 Ijisho ryanje ntirizokwumva akagongwe canke ngo ngire impuhwe+. Nzokuzanako ingaruka z’ingeso zawe, ushikirwe n’inkurikizi z’ibintu bishisha wakoze. Kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe Yehova ari je ndiko ndabahana+.
10 Ehe wa musi! Ehe uraje+! Nawe urashikiriwe*. Inkoni yashuritse kandi ukwita imbere kwanaze.
11 Ubukozi bw’ikibi bwakuze buba inkoni y’ububisha+. Baba bo canke ubutunzi bwabo canke amasinzi yabo canke ubukuru bwabo, nta kizorokoka.
12 Igihe kizoza, umusi ushike. Uwugura ntanezerwe n’uwugurisha ntagandare, kuko mfitiye uburake isinzi ryabo ryose*+.
13 Uwugurisha ntazogaruka ku vyagurishijwe, naho azoba yarusimvye, kuko ivyerekanywe bizoshikira isinzi ryose. Nta n’umwe azogaruka, kandi nta n’umwe azozigama ubuzima bwiwe kubera ikosa ryiwe*.
14 Urumbete rwavugijwe+, kandi bose biteguye, mugabo nta n’umwe aja ku rugamba, kuko mfitiye uburake isinzi ryose+.
15 Hanze hari inkota+, imbere hakaba ikiza n’inzara. Abo bose bari hanze y’igisagara bazokwicwa n’inkota, abari muri co bose na bo bicwe n’inzara n’ikiza+.
16 Abantu babo bazorokoka bagashobora guhunga, bazoja mu misozi kandi umwe wese muri bo azonihagira kubera ikosa ryiwe, nka kurya kw’inuma zo mu mibande+.
17 Amaboko yabo yose azoregarega, amavi yabo yose atembe amazi*+.
18 Bambaye amagunira+, bafatwa* n’ukujugumira. Bose bazomaramara, kandi imitwe yose izogira ubuhanza*+.
19 Bazoshiburira ifeza zabo mu mabarabara, inzahabu zabo na zo bazizinukwe. Zaba ifeza zabo canke inzahabu zabo, nta na kimwe kizobakiza ku musi w’uburake bwa Yehova+. Ntibazohaga canke ngo buzuze inda zabo, kuko ivyo bintu* vyabatsitaje bituma bakora amakosa.
20 Barishimiye ubwiza bw’ibisharizo vyabo kandi babikozemwo* ibishusho vyabo bishisha, ibigirwamana vyabo bisesemye+. Ni co gituma nzotuma babizinukwa*.
21 Nzobiha abanyamahanga babinyage, ndabihe ababisha bo kw’isi babisahure, babihumanye.
22 Nzobakurako amaso nirabire hirya+. Bazohumanya ikibanza canje cihishije*, kandi abambuzi bazokwinjirayo bagihumanye+.
23 Kora iminyororo*+, kuko igihugu cuzuye amaraso y’abacirwa imanza z’akarenganyo+, igisagara na co kikaba cuzuye ubukozi bw’ikibi+.
24 Nzozana abarusha abandi kuba babi mu mahanga+, bigarurire amazu yabo+. Nzozimanganya ubwishime bw’abakomeye, ibibanza vyabo vyeranda ndabihumanye+.
25 Nibaja mu maganya, bazorondera amahoro, mugabo nta yo bazoronka+.
26 Ivyago bizokurikira ibindi, n’amakuru akurikire ayandi. Abantu bazoja ku muhanuzi barondera kumenya ivyo yeretswe+, mugabo nta tegeko* rizoba rikiboneka ku muherezi, canke ngo impanuro* iboneke ku bashingantahe+.
27 Umwami azogandara+, umukuru yicwe* n’umwiheburo, kandi amaboko y’abanyagihugu azojugumira kubera ubwoba bwinshi. Nzobagirira ibihuye n’ingeso zabo, ndabacire urubanza nk’urwo baciriye abandi. Kandi bazomenya vy’ukuri yuko ndi Yehova+.”»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «rizokuvyukira.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «urugori rw’amashurwe ruraje.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «urugori rw’amashurwe ruraje.»
^ Ni ukuvuga ko baba abagura ibintu canke ababigurisha, ata n’umwe azokwunguka kuko agatikizo kazoza kuri bose.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «biciye kw’ikosa ryiwe.»
^ Ni ukuvuga ko bazokwigirako umwanda muto kubera ubwoba.
^ Bisigura ko bazomwa umushatsi kubera ikigandaro.
^ Mu giheburayo havuga ngo «batekerwa.»
^ Ni ukuvuga ifeza zabo n’inzahabu zabo.
^ Ni ukuvuga ibintu vyabo vy’ifeza n’ivy’inzahabu.
^ Ni ukuvuga ifeza zabo n’inzahabu zabo bakozemwo ibigirwamana.
^ Biboneka ko ari ikibanza kiri ahiherereye mu rusengero rwa Yehova.
^ Ni iminyororo y’imbohe.
^ Canke «nta nyigisho.»
^ Canke «inama.»
^ Canke «yambare.»