Ezira 5:1-17
5 Maze umuhanuzi Hagayi+ n’umuhanuzi Zakariya+ umwuzukuru wa Ido+, babwira ubuhanuzi Abayuda bari mu Buyuda n’i Yeruzalemu mw’izina ry’Imana ya Isirayeli yari kumwe na bo.
2 Ico gihe ni ho Zerubabeli+ mwene Shalutiyeli na Yeshuwa+ mwene Yehozadaki batangura gusubira kwubaka inzu y’Imana+ yari i Yeruzalemu, kandi abahanuzi b’Imana bari kumwe na bo babashigikiye+.
3 Maze Tatenayi buramatari w’akarere ko hakurya ya rwa ruzi runini* na Shetari-Bozenayi na bagenzi babo baraza, bababaza bati: «Ni nde yabahaye itegeko ryo kwubaka iyi nzu no kurangiza iyi nyubako*?
4 Abariko bubaka iyi nyubakwa ni bande? Tubwire amazina yabo.»
5 Mugabo Imana yari kumwe n’abashingantahe* b’Abayuda+. Kandi Tatenayi na bagenziwe ntibabahagaritse kuko bashaka kubanza kubimenyesha Dariyo, maze bakaronka ikete ririmwo inyishu yiwe.
6 Ng’ibi ivyari mw’ikete Tatenayi buramatari w’akarere ko hakurya ya rwa ruzi runini na Shetari-Bozenayi na bagenziwe, ari bo ba buramatari batobato bo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini, barungikiye umwami Dariyo.
7 Mu butumwa bamurungikiye banditse bati:
«Mwami Dariyo,
Gira amahoro!
8 Twipfuza kukumenyesha mwami yuko twashitse mu ntara y’Ubuyuda, ku nzu ya ya Mana ihambaye. Twasanze iriko yubakishwa amabuye maninimanini, ibiti na vyo biriko birashirwa mu mpome. Abantu bariko barakorana umwete ico gikorwa kandi baguma bagiteza imbere.
9 Twaciye tubaza abashingantahe babo duti: “Ni nde yabahaye itegeko ryo kwubaka iyi nzu no kurangiza iyi nyubako*+?”
10 Twaranababajije amazina yabo turayandika, kugira ngo tukumenyeshe ababarongoye.
11 Batwishuye bati: “Turi abasavyi b’Imana y’ijuru n’isi, kandi turiko dusubira kwubaka iyi nzu yari yarubatswe kera. Umwami ahambaye wa Isirayeli ni we yayubatse yongera arayirangiza+.
12 Ariko kubera ko ba sogokuruza bashavuje Imana yo mw’ijuru+, yaciye ireka baratsindwa n’Umukaludaya Nebukadinezari+, umwami wa Babiloni. Iyi nzu yarayisambuye+, aca atwara ababayo mu bunyagano i Babiloni+.
13 Mugabo mu mwaka wa mbere Kuro umwami wa Babiloni aganza, we ubwiwe yaratanze itegeko ryo gusubira kwubaka iyi nzu y’Imana+.
14 Vyongeye, ibikoresho vy’inzahabu n’ivy’ifeza vyo mu nzu y’Imana Nebukadinezari yari yarakuye mu rusengero rwari i Yeruzalemu akabijana mu rusengero rw’i Babiloni, umwami Kuro yarabikuye muri urwo rusengero rw’i Babiloni+. Yaciye abiha umugabo yitwa Sheshibazari*+ yagenye ngo abe buramatari+.
15 Kuro yamubwiye ati: ‘Tora ibi bikoresho ubijane mu rusengero ruri i Yeruzalemu, kandi inzu y’Imana isubire kwubakwa aho yahora+.’
16 Uwo Sheshibazari yaraje, ashinga imishinge y’inzu y’Imana+ iri i Yeruzalemu. Yaciye itangura kwubakwa kuva ico gihe, mugabo ntirarangira+.”
17 None rero mwami, ubishimye hogirwa itohoza mu bubiko bw’itunga ry’i bwami buri i Babiloni, bakaraba ko umwami Kuro yatanze itegeko ryo gusubira kwubaka iyo nzu y’Imana iri i Yeruzalemu+. Turagusavye mwami tuze tumenyeshwe ingingo wafashe ku bijanye n’ico kintu.»
Utujambo tw'epfo
^ Ni akarere ko mu burengero bw’uruzi Efurate.
^ Canke «gushiraho ibi bigiga.»
^ Mu giharameya havuga ngo «ijisho ry’Imana yabo ryari ku bagabo b’inararibonye.»
^ Canke «gushiraho ibi bigiga.»