Ezira 9:1-15
9 Ivyo bikimara kurangira, abatware baza aho ndi, bavuga bati: «Abisirayeli n’abaherezi n’Abalewi ntibitandukanije n’abantu bo mu bihugu bibanyi. Ntibirinze n’imigenzo ishisha+ y’Abanyakanani, Abaheti, Abaperizi, Abayebusi, Abamoni, Abanyamowabu, Abanyamisiri+ n’Abamori+.
2 Bo ubwabo n’abahungu babo bararongoye bamwe mu bakobwa babo+. None ubu bavanganye n’abantu bo muri ivyo bihugu+ kandi bobo ari uruvyaro* rweranda+. Abatware bakuru n’abatware bo hasi ni bo babaye aba mbere muri ubwo buhemu.»
3 Nkimara kuvyumva, nca nitaburirako impuzu*, nishikura umushatsi n’ubwanwa maze nicara hasi numiwe.
4 Vyongeye abantu bose bubaha cane amajambo* y’Imana ya Isirayeli bakoranira aho ndi kubera ubuhemu bw’abavuye mu bunyagano. Aho hose nari nicaye numiwe gushika igihe co gutanga ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba kigeze+.
5 Ico gihe co gutanga ishikanwa ry’intete+ ryo ku mugoroba kigeze, nca mva hasi mu bimaramare narimwo, impuzu zanje zatabutse, maze ndapfukama nduza amaboko ndayerekeza kuri Yehova Imana yanje.
6 Ndaheza mvuga nti: «Ewe Mana yanje, numva isoni n’ibimaramare ku buryo ntokwunamura amaso ngo ndabe iyo uri. Mana yanje, dufise* amakosa menshi, n’ivyaha vyacu vyaragwiriye gushika no mw’ijuru+.
7 Kuva mu gihe ca ba sogokuruza bacu gushika n’uyu musi, ivyaha vyacu vyarabaye vyinshi+. Kandi kubera amakosa yacu, watumye twe n’abami bacu n’abaherezi bacu dutsindwa n’abami bo mu bindi bihugu, batwicisha inkota+, batugira imbohe+, baradusahura+ bongera baradutetereza, nk’uko biri uyu musi+.
8 Mugabo ubu Yehova Mana yacu utugiriye ubuntu mu kanya gatoyi. Wararetse bamwe muri twebwe barava mu bunyagano, uduha ahantu hatekanye* mu kibanza cawe ceranda+. Mana yacu, wabigize kugira ngo utume amaso yacu akayangana kubera umunezero no kugira utugarurire agatege twari abashumba.
9 Ewe Mana yacu, naho turi abashumba+ ntiwaduhebeye mu bushumba bwacu, ahubwo waratugaragarije urukundo rudahera* utuma abami b’Ubuperesi baturaba ryiza+. Ivyo wabikoze kugira ngo turonke agatege ko gusubira kwubaka inzu y’Imana yacu+ yari yarasambuwe no kugira ngo uduhe uruzitiro rw’amabuye* mu Buyuda n’i Yeruzalemu.
10 None ga Mana yacu, tuvuge iki inyuma y’ivyo vyose? Twarahevye amabwirizwa
11 waduhaye biciye ku basavyi bawe b’abahanuzi, uti: “Igihugu mugiye kwigarurira ni igihugu gihumanye kubera ko abakibamwo bahumanye, bitumwe n’imigenzo yabo ishisha bujuje ico gihugu iyo kiva kikagera kubera ubuhumane bwabo+.
12 Ntimuze rero muhe abakobwa banyu abahungu babo, canke ngo mwemere ko abakobwa babo barongorwa n’abahungu banyu+. Ntimuze mukore ikintu na kimwe cotuma baronka amahoro canke batunganirwa+. Muzoheza mukomere mwongere murye ivyiza vyo muri ico gihugu, mucigarurire kibe ic’abahungu banyu ibihe vyose.”
13 Raba ivyadushikiye vyose kubera ibibi twakoze n’ivyaha vyacu vyinshi. Yamara wewe Mana yacu ntiwatwishuye ibihuye n’amakosa yacu+, ahubwo watumye twebwe abari ng’aha turokoka tuva mu bunyagano+.
14 None twongere kurenga ku mabwirizwa yawe, duhane abageni n’abantu bakora ivyo bintu bishisha+? Wumva utoca udushavurira cane ukatuzimanganya ku buryo hatagira n’umwe asigara canke arokoka?
15 Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, uragororotse+, kuko wazigamye bamwe muri twebwe gushika n’uyu musi. Ehe turi imbere yawe n’ivyaha vyacu vyose. Turavye uko bingana, nta burenganzira twari dufise bwo guhagarara imbere yawe+.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «impuzu yo hejuru n’ikanzu itagira amaboko.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bajugumira kubera amajambo.»
^ Canke «twikoreye ku mutwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uduha ikimito.»
^ Canke «uruzitiro rudukingira.»
^ Canke «rudahemuka.»