Gucura intimba 1:1-22
א [Alefu*]
1 Ewe kuntu ubu yicaye ari inyakamwe, umwe yahora ari igisagara kigwiriyemwo abantu+!
Ewe kuntu yabaye nk’umupfakazi, umwe yahoramwo abantu benshi ugereranije n’ayandi mahanga+!
Ewe kuntu uwahora ari umuganwakazi mu ntara asigaye akoreshwa ibikorwa vy’agahato+!
ב [Beti]
2 Ararira cane mw’ijoro+, amosozi akuzura ku matama.
Mu bakunzi biwe bose, nta n’umwe yaje kumuhoza+.
Abagenzi biwe bose baramuhemukiye+. Basigaye ari abansi biwe.
ג [Gimelu]
3 Yuda* yajanywe mu bunyagano+ ari mu marushwa, arembejwe n’ubushumba bukaze+.
Yabwirijwe kuba mu mahanga+. Nta hantu ho kuruhukira afise.
Abamwirukako* bose bamuhambirije mu marushwa.
ד [Daleti]
4 Inzira zija i Siyoni ziragandaye, kuko ata n’umwe aza ku musi mukuru+.
Amarembo yiwe yose ni umusaka+. Abaherezi biwe baraniha.
Abigeme biwe b’isugi* bishwe n’intuntu, kandi na we ubwiwe afise amaganya menshi.
ה [He]
5 Abamurwanya ni bo basigaye bamutegeka*. Abansi biwe nta co banezwe+.
Yehova yamuteje intuntu kubera ibicumuro vyiwe vyinshi+.
Abana biwe bajanywe kugirwa imbohe bashorewe n’uwumurwanya+.
ו [Vau]
6 Ubwiza bwose bw’umukobwa wa Siyoni* buramuvuyeko+.
Abatware* biwe bameze nk’impongo zabuze ubwatsi bwo kurisha.Bagendera imbere y’uwubirukako, bishwe n’uburuhe.
ז [Zayini]
7 Ubu Yeruzalemu ageze mu marushwa n’abantu biwe bakaba basigaye batagira aho baba,aribuka ibintu vyose vy’agaciro yahorana kera+.
Igihe abantu biwe bagwa mu maboko y’ababarwanya, na we akabura uwumutabara+,abamurwanya baramubonye baramutwenga* kubera yasenyutse+.
ח [Heti]
8 Yeruzalemu yaracumuye bikomeye+.
Ni co gituma asigaye ashisha.
Abahora bamutera iteka bose basigaye bamugaya kuko babonye ubwambure bwiwe+.
We ubwiwe araboroga+, akaraba hirya kubera ibimaramare.
ט [Teti]
9 Impuzu ziwe zirahumanye.
Ntiyiyumviriye kazoza kiwe+.
Ugutemba kwiwe kwari gutangaje. Ntagira uwumuhoza.
Ewe Yehova, raba amarushwa yanje, kuko umwansi yigize agahambaye+.
י [Yodi]
10 Uwumurwanya yashoreye amaboko ku butunzi bwiwe bwose arabusahura+.
Yeruzalemu yabonye amahanga yinjira ahantu hiwe heranda+,amwe wategeka ko adakwiye kwinjira mw’ishengero ryawe.
כ [Kafu]
11 Abantu biwe bose baraniha. Barondera ivyo kurya+.
Batanze ibintu vyabo vy’agaciro kugira gusa baronke utwo batamira, barabe ko boba barabayeho*.
Ewe Yehova, raba, witegereze ingene nsigaye meze nk’umugore* ata co amaze.
ל [Lamedi]
12 Mbe nta co bibabwiye mwebwe mwese muhita ku nzira?
Nimwitegereze, murabe.
Mbega hari umubabaro uriho umeze nk’umubabaro natejwe,umubabaro Yehova yatumye ngira ku musi w’ishavu ryiwe rirurumba+?
מ [Memu]
13 Ari iyo hejuru yarungitse umuriro mu magufa yanje+, rimwerimwe ryose ararinesha.
Yateze ibirenge vyanje urusenga, atuma nsubira inyuma.
Yatumye mba umugore w’inyakamwe.
Umusi wose nirirwa ndwaye.
נ [Nuni]
14 Ibicumuro vyanje bitekewe nk’igiti bikoreza imizigo*. Yabifatanije akoresheje amaboko yiwe.
Yabinteretse kw’izosi, nsigara ata nkomezi mfise.
Yehova yantanze mu maboko y’abo ntashobora gutsinda+.
ס [Sameki]
15 Yehova yashibuye abagabo bose b’abanyenkomezi bari iwanje+.
Yatumyeko ishengero ryo kundwanya ngo risavye imisore yanje+.
Yehova yahonyangiye mu ruganiro rw’umuvinyu+ umukobwa w’isugi w’Ubuyuda.
ע [Ayini]
16 Ivyo bintu ni vyo biriko birandiza+. Amaso yanje atemba amosozi.
Uwo wese yari kumpoza canke kumpembura ari kure yanje.
Abana banje nta cizigiro bafise kuko umwansi yatsinze.
פ [Pe]
17 Siyoni yashanje amaboko atabaza+. Ntagira uwumuhoza.
Yehova yategetse abansi bose ba Yakobo bamukikuje ngo bamurwanye+.
Yeruzalemu isigaye ibashisha+.
צ [Tsade]
18 Yehova aragororotse+ kuko nagararije amabwirizwa yiwe*+.
Nimwumvirize yemwe mahanga mwese, murabe umubabaro wanje.
Abigeme banje b’isugi* n’imisore yanje bajanywe kugirwa imbohe+.
ק [Kofu]
19 Nahamagaye abakunzi banje mugabo barampemukiye+.
Abaherezi banje n’abashingantahe banje bapfiriye mu gisagarabarondera utwo batamira, ngo barabe ko boba barabayeho*+.
ר [Reshi]
20 Ewe Yehova, raba, kuko ngeze habi cane.
Mu nda* haradobanganye.
Umutima wanje wacuramiye muri jewe kuko nagararije+ ndaherezako.
Hanze inkota irahekura+, mu nzu na ho ni urupfu.
ש [Shini]
21 Abantu bumvise ingene niha. Nta wumpoza ariho.
Abansi banje bose bumvise ivyago vyanje.
Bafise umunezero kuko wanteje ivyago+.
Mugabo uzozana umusi wavuze ko uzobazanako+. Uwo musi bazomera nkanje+.
ת [Tau]
22 Ikibi cabo cose kize cibonekeze imbere yawe, ubamerere nabi+,nk’uko wamereye nabi kubera ibicumuro vyanje vyose.
Kuko iminiho yanje ari myinshi, n’umutima wanje ukaba urwaye.
Utujambo tw'epfo
^ Ikigabane ca 1-4 ni indirimbo z’intimba zigizwe n’imirongo yanditswe hisunzwe uko indome z’igiheburayo zikurikirana.
^ Canke «abo mu Buyuda.»
^ Canke «abamuhama.»
^ Canke «inkumi ziwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ari umutwe wiwe.»
^ «Umukobwa wa Siyoni» ni amajambo ndyoshamvugo kenshi asigura igisagara ca Yeruzalemu canke abakibamwo.
^ Canke «abaganwa.»
^ Canke «barigina.»
^ Canke «bohembuka.»
^ Uwo mugore agereranya Yeruzalemu.
^ Canke «nk’ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
^ Mu giheburayo havuga ngo «akanwa kiwe.»
^ Canke «inkumi zanje.»
^ Canke «bohembuka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «amara yanje.»