Guharura 27:1-23

  • Abakobwa ba Zelofehadi (1-11)

  • Yosuwa agenwa ngo asubirire Musa (12-23)

27  Abakobwa ba Zelofehadi+ baca baraza. Zelofehadi yari umuhungu wa Heferi, Heferi umuhungu wa Gileyadi, Gileyadi umuhungu wa Makiri, Makiri umuhungu wa Manase. Zelofehadi yari uwo mu miryango ikomoka kuri Manase umuhungu wa Yozefu. Abo bakobwa biwe bari Mahila, Nowa, Hogula, Milika na Tiruza.  Bahagarara imbere ya Musa na Eleyazari umuherezi n’imbere y’abakuru+ be n’ishengero ryose ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro, maze bavuga bati:  «Data yapfiriye mu bugaragwa, ariko nta bahungu yari afise. Ntiyari muri ka kagwi k’abashigikiye Kora+ kagarariza Yehova, ahubwo yahitanywe n’igicumuro ciwe.  Kubera iki none izina rya data ryozimangana mu muryango wiwe ngo ni uko atavyaye abahungu? Nuduhe itongo muri benewabo na data.»  Musa aca ashikiriza Yehova ikibazo cabo+.  Maze Yehova abwira Musa ati:  «Ivyo abakobwa ba Zelofehadi bavuga ni vyo. Utegerezwa kubaha itongo cokimwe na benewabo na se, ubashikirize intoranwa ya se wabo+.  Kandi uce ubwira Abisirayeli uti: “Umugabo niyapfa atavyaye umuhungu, intoranwa yiwe muzoca muyiha umukobwa wiwe.  Nimba ata mukobwa afise, intoranwa yiwe muzoca muyiha benewabo. 10  Nimba ata benewabo afise, intoranwa yiwe muzoca muyiha benewabo na se. 11  Nimba se wiwe ata benewabo afise, intoranwa yiwe muzoca muyiha incuti yiwe ya hafi basangiye amaraso, ibe rwiwe. Iyo ngingo ni itegeko Abisirayeli bazokwama bisunga nk’uko Yehova yabitegetse Musa.”» 12  Hanyuma Yehova abwira Musa ati: «Duga kuri uyu musozi uri mu karere ka Abarimu+, urabe igihugu nzoha Abisirayeli+. 13  Niwamara kukibona, na wewe uzoca upfa, uhamvye ab’iwanyu*+ nka Aroni mwene wanyu+, 14  kuko mwagararije itegeko ryanje ca gihe ishengero ryanshwanira mu bugaragwa bwa Zini. Ntimwerekanye ko ndi mweranda imbere y’ishengero igihe nabaha amazi+. (Ayo ni ya mazi y’i Meriba+ i Kadeshi+ mu bugaragwa bwa Zini+.)» 15  Musa aca abwira Yehova ati: 16  «Ewe Yehova, Mana uha ubuzima abantu bose, nugene umuntu azoyobora iri shengero, 17  umuntu azosohoka akongera akinjira imbere yabo, akabasohora akongera akabinjiza, kugira ishengero rya Yehova ntirimere nk’intama zitagira umwungere.» 18  Yehova yishura Musa ati: «Tora Yosuwa mwene Nuni, umugabo abishoboye*, uheze umurambikeko ibiganza+. 19  Uzoca umuhagarika imbere ya Eleyazari umuherezi n’imbere y’ishengero ryose, umugene abe indongozi bose babona+. 20  Uze umuheko ku bubasha* bwawe+, kugira ishengero ryose ry’Abisirayeli rimwumvire+. 21  Azohagarara imbere ya Eleyazari umuherezi, na we amusigurize Yehova akoresheje Urimu+. We hamwe n’Abisirayeli bose, ni ukuvuga ishengero ryose, bazosohoka bongere binjire kw’itegeko ryiwe.» 22  Musa araheza akora ivyo Yehova yari yamutegetse. Afata Yosuwa, amuhagarika imbere ya Eleyazari umuherezi n’imbere y’ishengero ryose. 23  Aca amurambikako ibiganza, aramugena ngo abe indongozi+ nk’uko Yehova yari yabimubwiye+.

Utujambo tw'epfo

Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.
Mu giheburayo havuga ngo «arimwo impwemu.»
Canke «ku cubahiro.»