Guharura 30:1-16
30 Hanyuma Musa abwira abakuru+ b’imiryango y’Abisirayeli ati: «Ibi ni vyo Yehova ategetse:
2 umugabo niyagirira indagano+ Yehova canke akarahira+ ko azoshitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka, ategerezwa gushitsa ivyo yavuze+. Ategerezwa gushitsa ivyo yasezeranye vyose+.
3 Umukobwa akiba kwa se niyagirira indagano Yehova canke agasezerana ko azoshitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka,
4 hanyuma se wiwe akumva ko yagize indagano canke ko yasezeranye gushitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka ariko ntamubuze, indagano yose n’isezerano ryose yagize bizogumaho.
5 Ariko se niyumva ko yagize indagano canke ko yasezeranye gushitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka hanyuma agaca amubuza, iyo ndagano ntizoba ikimufashe. Yehova azomubabarira kuko se yavyanse+.
6 Ariko niyarongorwa akigengwa n’iyo ndagano canke iryo sezerano yagize gihutihuti,
7 hanyuma umugabo wiwe akavyumva ariko ntamwankire ku musi avyumviyeko, iyo ndagano canke iryo sezerano yagize ryo gushitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka bizogumaho.
8 Ariko umugabo wiwe niyabimwankira ku musi avyumviyeko, arashobora guhagarika iyo ndagano yiwe canke iryo sezerano yagize gihutihuti+, kandi Yehova azomubabarira.
9 Umupfakazi canke umugore yahukanye niyagira indagano, ategerezwa gushitsa ivyo yasezeranye vyose.
10 Umugore niyagira indagano canke agasezerana ko azoshitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka akibana n’umugabo wiwe,
11 hanyuma umugabo wiwe akavyumva ariko ntamubuze canke ngo avyanke, indagano yose yagize n’isezerano ryose yagize ryo gushitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka bizogumaho.
12 Ariko umugabo wiwe niyabihagarika burundu ku musi avyumviyeko, indagano yose yagize n’isezerano ryose yagize ryo gushitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka ntibizogumaho+. Yehova azomubabarira kuko umugabo wiwe azoba yabihagaritse.
13 Umugabo wiwe ni we akwiye kwemeza canke guhagarika indagano yose yagize canke isezerano ryose yagize ryo gushitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka*.
14 Ariko nihaca imisi umugabo wiwe ataramubuza, na we nyene azoba yemeje indagano yose canke isezerano ryose ryo gushitsa indagano yo kwirinda ibintu kanaka umugore wiwe yagize. Azoba avyemeje kuko atazoba yabimubujije ku musi yavyumviyeko.
15 Ariko niyabihagarika haciye igihe avyumvise, azoca ashikirwa n’ingaruka z’ikosa ry’umugore wiwe+.
16 Ivyo ni vyo Yehova yategetse Musa ku bijanye n’umugabo hamwe n’umugore wiwe, no ku bijanye n’umukobwa hamwe na se wiwe igihe uwo mukobwa akiba kwa se.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «indagano yo kwibabaza.»