Guharura 7:1-89
-
Amashikanwa yo gushikiriza Imana ihema ryeranda (1-89)
7 Umusi Musa arangiza kwubaka rya hema ryeranda+, yaciye arisukako amavuta*+, araryeza n’ibikoresho vyaryo vyose hamwe n’igicaniro n’ibikoresho vyaco vyose+. Amaze gusuka amavuta kuri ivyo bintu vyose akavyeza+,
2 abakuru b’Abisirayeli+ n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango yabo baciye batanga ishikanwa. Abo bakuru b’imiryango ni bo bari bahagarikiye ca gikorwa co kwandika abantu.
3 Nuko bazana imbere ya Yehova ishikanwa ryabo rigizwe n’imikogote itandatu ipfutse hamwe nʼimpfizi 12: abakuru babiribabiri ku mukogote umwe, n’impfizi kuri umwumwe wese. Babizana imbere y’ihema ryeranda.
4 Yehova aca abwira Musa ati:
5 «Niwakire ivyo bintu bazanye, kuko bizokoreshwa mu bikorwa vyo kw’ihema ry’ibonaniro. Uzobiha Abalewi wisunze ibikorwa umwe wese ajejwe.»
6 Musa aca yakira iyo mikogote n’izo nka, abiha Abalewi.
7 Abagerushoni abaha imikogote ibiri nʼimpfizi z’inka zine yisunze ibikorwa bajejwe+,
8 Abamerari na bo abaha imikogote ine n’impfizi umunani yisunze ibikorwa bajejwe. Itamari umuhungu wa Aroni umuherezi ni we yari ahagarikiye ibikorwa vyabo+.
9 Ariko Abakohati nta na kimwe yabahaye kuko bakora ibikorwa vy’ahantu heranda+, bakaba batwara ibintu vyeranda ku rutugu+.
10 Abo bakuru batanze ishikanwa ryabo umusi igicaniro casukwako amavuta kigashikirizwa* Imana+. Igihe bazana iryo shikanwa imbere y’igicaniro,
11 Yehova yaciye abwira Musa ati: «Buri musi, umukuru umwumwe ni we azoza aratanga ishikanwa ryo gushikiriza Imana igicaniro.»
12 Uwatanze ishikanwa ku musi wa mbere yari Nahashoni+ umuhungu wa Aminadabu wo mu muryango wa Yuda.
13 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli* 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda*+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+;
14 igikombe* c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu;
15 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama* umaze umwaka umwe canke udashika;
16 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+
17 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama* itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Nahashoni umuhungu wa Aminadabu+.
18 Ku musi ugira kabiri, Netaneli+ umuhungu wa Zuwari, umukuru w’abakomoka kuri Isakari ni we yatanze ishikanwa.
19 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+;
20 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu;
21 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika;
22 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+
23 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Netaneli umuhungu wa Zuwari.
24 Ku musi ugira gatatu, hari haramukiwe Eliyabu+ umuhungu wa Heloni, umukuru w’abakomoka kuri Zabuloni.
25 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+;
26 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu;
27 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika;
28 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+
29 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Eliyabu+ umuhungu wa Heloni.
30 Ku musi ugira kane, hari haramukiwe Elizuri+ umuhungu wa Shedeyuri, umukuru w’abakomoka kuri Rubeni.
31 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+;
32 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu;
33 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika;
34 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+
35 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Elizuri+ umuhungu wa Shedeyuri.
36 Ku musi ugira gatanu, hari haramukiwe Shelumiyeli+ umuhungu wa Zurishadayi, umukuru w’abakomoka kuri Simeyoni.
37 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+;
38 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu;
39 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika;
40 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+
41 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Shelumiyeli+ umuhungu wa Zurishadayi.
42 Ku musi ugira gatandatu, hari haramukiwe Eliyasafu+ umuhungu wa Duweli, umukuru w’abakomoka kuri Gadi.
43 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+;
44 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu;
45 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika;
46 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+
47 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Eliyasafu+ umuhungu wa Duweli.
48 Ku musi ugira indwi, hari haramukiwe Elishama+ umuhungu wa Amihudi, umukuru w’abakomoka kuri Efurayimu.
49 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+;
50 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu;
51 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika;
52 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+
53 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Elishama+ umuhungu wa Amihudi.
54 Ku musi ugira umunani, hari haramukiwe Gamaliyeli+ umuhungu wa Pedazuri, umukuru w’abakomoka kuri Manase.
55 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+;
56 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu;
57 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika;
58 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+
59 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Gamaliyeli+ umuhungu wa Pedazuri.
60 Ku musi ugira icenda, hari haramukiwe Abidani+ umuhungu wa Gideyoni, umukuru+ w’abakomoka kuri Benyamini.
61 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+;
62 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu;
63 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika;
64 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+
65 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Abidani+ umuhungu wa Gideyoni.
66 Ku musi ugira cumi, hari haramukiwe Ahiyezeri+ umuhungu wa Amishadayi, umukuru w’abakomoka kuri Dani.
67 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+;
68 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu;
69 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika;
70 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+
71 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Ahiyezeri+ umuhungu wa Amishadayi.
72 Ku musi ugira 11, hari haramukiwe Pagiyeli+ umuhungu wa Okirani, umukuru w’abakomoka kuri Asheri.
73 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+;
74 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu;
75 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika;
76 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+
77 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Pagiyeli+ umuhungu wa Okirani.
78 Ku musi ugira 12, hari haramukiwe Ahira+ umuhungu wa Enani, umukuru w’abakomoka kuri Nafutali.
79 Ishikanwa ryiwe ryari rigizwe n’ibi: isahani y’ifeza ipima shekeli 130 n’ibakure y’ifeza ipima shekeli 70 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+, vyose vyuzuye ifu inoze ivanze n’amavuta y’ishikanwa ry’intete+;
80 igikombe c’inzahabu gipima shekeli 10 cuzuye imibavu;
81 ishikanwa riturirwa+ rigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’umwagazi w’intama umaze umwaka umwe canke udashika;
82 umwagazi w’impene w’ishikanwa ry’igicumuro+
83 n’ikimazi co gusangira+ kigizwe n’inka zibiri, impfizi z’intama zitanu, amasuguru y’impene atanu n’imyagazi y’intama itanu, umwe wose umaze umwaka umwe. Iryo ni ryo ryari ishikanwa rya Ahira+ umuhungu wa Enani.
84 Iri ni ryo shikanwa abakuru b’Abisirayeli batanze umusi igicaniro casukwako amavuta kigashikirizwa Imana+: amasahani 12 y’ifeza, amabakure 12 y’ifeza n’ibikombe 12 vy’inzahabu+.
85 Isahani imwimwe yose yapima shekeli 130, ibakure na yo shekeli 70. Ivyo bikoresho vyose vyari bikozwe mw’ifeza zingana na shekeli 2.400 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda+.
86 Kimwe cose muri ivyo bikombe vy’inzahabu 12 vyuzuye imibavu, capima shekeli 10 hisunzwe shekeli y’akarorero y’aheranda. Ivyo bikombe vyose vyari bikozwe mu nzahabu zingana na shekeli 120.
87 Ishikanwa riturirwa ryari rigizwe n’ishuri 12, impfizi z’intama 12, imyagazi y’intama 12, umwe wose umaze umwaka umwe be n’ishikanwa ry’intete bijana, hamwe n’imyagazi y’impene 12 y’ishikanwa ry’igicumuro.
88 Ikimazi co gusangira na co cari kigizwe n’ishuri 24, impfizi z’intama 60, amasuguru y’impene 60 n’imyagazi y’intama 60, umwe wose umaze umwaka umwe. Ivyo ni vyo vyari bigize ishikanwa batanze umusi igicaniro casukwako amavuta+ kigashikirizwa Imana+.
89 Igihe cose Musa yinjiye mw’ihema ry’ibonaniro kuvugana n’Imana+, yarumva ijwi ryayo rivugana na we rivuye hejuru y’umufuniko+ wa ya sandugu y’isezerano*, hagati ya ba bakerubi babiri+. Imana yaravugana na we.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «yaciye arirobanura.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Canke «kikegurirwa.»
^ Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «shekeli nyeranda.»
^ Canke «akabakure.»
^ Wari umwagazi w’isuguru.
^ Yari imyagazi y’amasuguru.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ya sandugu y’icabona.»