Gusubira mu vyagezwe 15:1-23
15 Uko haheze imyaka indwi, mukwiye guhebera abandi amadeni babafitiye+.
2 Uku ni ko muzobigenza: umuntu wese yahaye ideni mugenziwe azorimuhebera. Ntakwiye kwishuza mugenziwe canke mwenewabo, kuko bazoba batangaje uguheberanira amadeni nk’uko Yehova yabitegetse+.
3 Urashobora kurihisha umunyamahanga+, ariko ukwiye guhebera mwenewanyu ideni iryo ari ryo ryose agufitiye.
4 Nta n’umwe muri mwebwe akwiye kuba umukene, kuko Yehova atazobura kubahezagira+ mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo kibe intoranwa yanyu,
5 mukire gusa kugamburukira Yehova Imana yanyu mudaca ku ruhande no kwubahiriza amabwirizwa yiwe yose ndabahaye uyu musi+.
6 Yehova Imana yanyu azobahezagira nk’uko yabibasezeraniye, kandi muzoha ingurane* amahanga menshi, ariko mwebwe nta we muzokwaka ingurane+. Muzoganza amahanga menshi, ariko yoyo ntazobaganza+.
7 Nihagira mwenewanyu akena muri kimwe mu bisagara vyo mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, ntuze ukomantaze umutima canke ngo upfumbate ikiganza cawe imbere ya mwenewanyu akenye+.
8 Ukwiye gupfumbaturura cane ikiganza cawe+, ukamugurana ivyo akeneye vyose canke ivyo abuze vyose.
9 Uraba maso mu mutima wawe ntihaze haze iki ciyumviro kibi, ukibwira uti: “Umwaka ugira indwi, wa mwaka wo guheberanira amadeni uregereje+”, bigatuma wima mwenewanyu w’umukene, ntumuhe ikintu na kimwe. Niyatakambira Yehova akwidogera, uzoca wagirwa n’icaha+.
10 Ukwiye kumuha n’umutima ukunze+, ata kugonanwa*, kuko ivyo bizotuma Yehova Imana yawe ahezagira ivyo ukora vyose n’imigambi yawe yose+.
11 Mu gihugu hazokwamaho abakene+. Ni co gituma ndagutegetse nti: “Ukwiye gupfumbaturura cane ikiganza cawe, ugafasha mwenewanyu yigorewe kandi w’umukene ari mu gihugu cawe+.”
12 Mwenewanyu w’Umuheburayo canke w’Umuheburayokazi niyakwigurishako hanyuma akagukorera imyaka itandatu, ku mwaka ugira indwi ukwiye kumurekura akidegemvya+.
13 Kandi niwamurekura ntuze umurungike iminwe misa.
14 Ukwiye kumutekerera, ukamuha n’umutima ukunze ibivuye mu bitungwa vyawe, mu vyimburwa vyo ku mbuga* yawe no mu mato uganiramwo amavuta n’umuvinyu. Uzomuha bivanye n’ingene Yehova Imana yawe azoba yaguhezagiye.
15 Wibuke ko wabaye umushumba mu gihugu ca Misiri hanyuma Yehova Imana yawe akakurokora. Ni co gituma ndagutegetse kubigenza gutyo uyu musi.
16 Ariko umushumba wawe niyakubwira ati: “Nshaka kugumana nawe!” kubera agukunda mwe n’umuryango wawe, akaba yarahimbawe no kubana nawe+,
17 uzoca utora urushinge* umutoborere ugutwi ku muryango, aheze abe umushumba wawe ubuzima bwiwe bwose. Uzobigenza gutyo nyene no ku mushumba wawe w’umugore.
18 Ntuze ubabazwe n’uko umuretse akagenda, kuko ibikorwa yagukoreye mu myaka itandatu bingana n’ivyo umukozi uhemba yogukorera ubigwije kabiri. Yehova Imana yawe azoba yaguhezagiye mu vyo wakoze vyose.
19 Uzoshirira ku ruhande Yehova Imana yawe ikigabo cose kivutse ubwa mbere mu bitungwa vyawe+. Ntuzokoreshe igikorwa na kimwe inka* ivutse ubwa mbere, canke ngo umwe* ubwoya intama ivutse ubwa mbere.
20 Buri mwaka, mwe n’umuryango wawe muzokwama mubirira imbere ya Yehova Imana yanyu, ahantu Yehova azoba yatoye+.
21 Ariko nimba gifise akanenge, ni ukuvuga gicumbagira, gihumye canke gifise akandi kanenge gakomeye, ntimuze mugishikanire Yehova Imana yanyu+.
22 Muzokirira mu bisagara* vyanyu. Uwuhumanye n’uwudahumanye barashobora kukirya, nka kurya murya ingeregere canke impongo+.
23 Ariko ntimuze murye amaraso yaco+. Mukwiye kuyasesa hasi nka kurya kw’amazi+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «muzofata ingwati.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umutima wawe utagonanwa.»
^ Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
^ Canke «uruhindu.»
^ Canke «ukemure.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ishuri.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «amarembo.»