Gusubira mu vyagezwe 2:1-37

  • Bamara imyaka 38 bayerera mu bugaragwa (1-23)

  • Batsinda Sihoni umwami wa Heshiboni (24-37)

2  Twaciye dusubira inyuma maze twerekeza mu bugaragwa duciye mu nzira ija ku kiyaga Gitukura nk’uko Yehova yari yabintegetse+, kandi twamaze imisi myinshi tugendagenda mu micungararo y’umusozi Seyiri.  Yehova yahavuye ambwira ati:  “Igihe mumaze mu micungararo y’uyu musozi kirahagije. Ubu rero fata inzira muje mu buraruko.  Tegeka abantu uti: ‘Mugira muce hafi y’urubibe rwa benewanyu bakomoka kuri Esawu+ baba i Seyiri+ kandi bazobatinya+. Mubwirizwa kwiyubara cane.  Ntimubasomborotse kuko ntazobaha ku gihugu cabo. Nta n’aho guhonyoza ikirenge nzobaha, kuko umusozi Seyiri nawuhaye Esawu ngo ube rwiwe+.  Ibifungurwa vyose muzorya muzobiriha kandi n’amazi yose muzonywa muzoyariha+.  Yehova Imana yanyu yarabahezagiye mu vyo mwakoze vyose. Yabagumijeko ijisho mu rugendo rwose mwagize muri ubu bugaragwa bunini. Muri iyi myaka 40 yose, Yehova Imana yanyu yagumanye namwe kandi nta na kimwe mwabuze+.’”  Twaciye duca iruhande ya benewacu bakomoka kuri Esawu+ baba i Seyiri, tuguma kure y’inzira ija muri Araba, kure ya Elati na Eziyoni-Geberi+. Hanyuma twarakase dufata inzira ija mu bugaragwa bwa Mowabu+.  Yehova yaciye ambwira ati: “Ntimusomborotse Abanyamowabu canke ngo murwane na bo, kuko ntazobaha ku gihugu cabo. Ari* nayihaye abakomoka kuri Loti ngo ibe rwabo+. 10  (Kera cabamwo Abemimu+. Bari abantu benshi, bakomeye kandi bari barebare nk’abakomoka kuri Anaki. 11  Kubera yuko Abarefayimu+ na bo nyene basa n’abakomoka kuri Anaki+, Abanyamowabu bahora babita Abemimu. 12  Imbere y’aho Abahori+ ni bo baba i Seyiri. Ariko abakomoka kuri Esawu barabomoye, barabatikiza maze baba mu kibanza cabo+, nk’uko nyene Abisirayeli bazogira igihugu cabo, ico Yehova azobaha ata kabuza.) 13  Ubu rero nimujabuke umwonga* wa Zeredi.” Twaciye tujabuka umwonga wa Zeredi+. 14  Ikiringo twamaze tugenda kuva i Kadeshi-Baruneya gushika tujabutse umwonga wa Zeredi yabaye imyaka 38. Ico gihe urunganwe* rwose rw’abagabo bageze kuja ku rugamba rwari rwaraherengeteye, nk’uko Yehova yari yarabibarahiye+. 15  Ukuboko kwa Yehova kwagumye kubarwanya gushika baherengeteye mw’ikambi+. 16  Abagabo bose bageze kuja ku rugamba bamaze gupfa bagahera+, 17  Yehova yaciye ambwira ati: 18  “Uyu musi mugira muce iruhande y’akarere ka Mowabu kitwa Ari. 19  Nimwaca iruhande y’Abamoni, ntimuze kubatoteza canke ngo mubasomborotse kuko ntazobaha ku gihugu cabo. Naramaze kugiha abakomoka kuri Loti ngo kibe rwabo+. 20  Na co nyene cahora gifatwa nk’igihugu c’Abarefayimu+. (Kera cabamwo Abarefayimu, kandi Abamoni bahora babita Abazamuzumimu. 21  Bari abantu benshi, bakomeye kandi bari barebare nk’abakomoka kuri Anaki+. Ariko Yehova yarafashije Abamoni kubatikiza, barabomora maze baba mu gihugu cabo. 22  Ivyo ni vyo yari yaragiriye abakomoka kuri Esawu baba i Seyiri+. Yarabafashije gutikiza Abahori+, baca baba mu gihugu cabo gushika n’uno musi. 23  Abavimu na bo bari bahoze baba mu bigwati vyo mu karere ka Gaza+, gushika Abakafutorimu+ babatikije baca baba mu kibanza cabo. Abakafutorimu bari baje bava i Kafutori*.) 24  Nimufate inzira mujabuke umubande wa Arunoni+. Raba ndabahaye Sihoni+ Umwamori umwami wa Heshiboni. Nimuhaguruke mumurwanye, mwigarurire igihugu ciwe. 25  Uyu musi ngira ntangure gutera ubwoba amahanga yose ari munsi y’ijuru azokwumva ibiberekeye. Bazohagarika umutima, bajugumire* kubera mwebwe+.” 26  Turi mu bugaragwa bwa Kedemoti+, naciye ndungikana abantu ubutumwa bw’amahoro kuri Sihoni umwami wa Heshiboni+ nti: 27  “Tureke duce mu gihugu cawe. Tuzoguma mw’ibarabara, ntituzokatira iburyo canke ibubamfu+. 28  Ibifungurwa tuzorya n’amazi tuzonywa tuzobikugurira. Tureke gusa twirenganire n’amaguru, 29  gushika tujabutse uruzi Yorodani tukinjira mu gihugu Yehova Imana yacu agira aduhe. (Abakomoka kuri Esawu baba i Seyiri n’Abanyamowabu baba i Ari na bo nyene baraturetse turarengana.)” 30  Ariko Sihoni umwami wa Heshiboni ntiyatwemereye kurengana, kuko Yehova Imana yanyu yamuretse acika intumva+ yongera arakomantaza umutima wiwe kugira amubahe mumutsinde nk’uko yabikoze+. 31  Yehova yaciye ambwira ati: “Raba namaze kubaha Sihoni n’igihugu ciwe. Nimutangure kucigarurira+.” 32  Igihe Sihoni yaza kudutera i Yahazi ari kumwe n’ingabo ziwe zose+, 33  Yehova Imana yacu yaramuduhaye, turamutsinda n’abana biwe hamwe n’ingabo ziwe zose. 34  Ico gihe twaciye dufata ibisagara vyiwe vyose, dutikiza ibisagara vyose, abagabo, abagore hamwe n’abana. Nta n’umwe yarokotse+. 35  Twasahuye ibitungwa gusa hamwe n’ibintu vyari mu bisagara twari twafashe. 36  Kuva i Aroweri+ ku nkengera y’umubande wa Arunoni gushika i Gileyadi (harimwo n’igisagara kiri muri uwo mubande), nta gisagara na kimwe tutafashe. Yehova Imana yacu yarabiduhaye vyose+. 37  Ariko ntimwegereye igihugu c’Abamoni+, inkengera yose y’umwonga wa Yaboki+, ibisagara vyo mu karere k’imisozi canke ikindi kibanza cose Yehova Imana yacu yari yababujije.

Utujambo tw'epfo

Ni igisagara c’i Mowabu. Gishobora kuba ari umurwa mukuru.
Canke «umubande.»
Canke «iyaruka.»
Hitwa kandi Kirete.
Canke «bagire ububabare nk’ubw’umugore ariko aribaruka.»