Imigani 14:1-35
14 Umugore w’ubwenge* vy’ukuri yubaka inzu yiwe+,ariko umugore w’ikijuju ayisambuza amaboko yiwe.
2 Uwugendera mu bugororotsi bwiwe aratinya Yehova,ariko uwugendera mu nzira zigoramye aramusuzugura.
3 Amajambo y’ubwibone ikijuju kivuga ameze nk’inkoni,ariko akanwa k’abanyabwenge karabakingira.
4 Ahatagira inka ubwato bw’ibitungwa buba busukuye,ariko inguvu z’impfizi z’inka zituma haboneka umwimbu mwinshi.
5 Icabona cizigirwa ntikibesha,ariko icabona c’ikinyoma kivuga* ububeshi gusa+.
6 Umuntu w’ikigaba ararondera ubukerebutsi akabubura,ariko umuntu afise ugutegera aronka ubumenyi bitagoranye+.
7 Nuce kure umuntu w’ikijuju,kuko ata bintu birimwo ubwenge yigera avuga+.
8 Ubukerebutsi bw’umuntu yiyubara butuma amenya inzira acamwo,ariko ibijuju bihendwa n’ubujuju bwavyo*+.
9 Ibijuju birasuzugura amakosa yavyo*+,ariko abagororotsi baripfuza gusubiza hamwe.
10 Umuntu ni we ashobora gutahura umubabaro wiwe,kandi n’umunezero wiwe nta wundi ashobora kuwutahura.
11 Inzu y’ababisha izosamburwa+,ariko ihema ry’abagororotsi rizosagamba.
12 Hari inzira umuntu yibwira ko igororotse+,ariko amaherezo igashikana ku rupfu+.
13 Umuntu arashobora gutwenga ariko ababaye mu mutima,kandi umunezero urashobora kurangirira mu mubabaro.
14 Umuntu w’umutima w’umuhemu azobona ingaruka z’ingeso ziwe+,ariko umuntu mwiza azoronka impembo y’ibikorwa vyiwe+.
15 Umuntu atagira ubwenge* yemera ivyo bamubwiye vyose,ariko umuntu yiyubara aritondera intambuko ziwe+.
16 Umunyabwenge* ariyubara kandi agaca kure ikibi,ariko ikijuju nta co kinezwe* kandi kiriyizigira birenze.
17 Umuntu ashavura ningoga akora ivy’ubupfu+,ariko umuntu azirikana yitonze* baramwanka.
18 Abantu batagira ubwenge* batorana ubupfu,ariko abantu baciye ubwenge bambikwa urugori rw’ubumenyi+.
19 Abantu babi bazokwunamira abantu beza,kandi ababisha bazokwunama ku marembo y’abagororotsi.
20 Mbere n’ababanyi b’umukene baramwanka+,ariko umutunzi agira abagenzi benshi+.
21 Uwusuzugura mugenziwe aba acumuye,ariko uwugirira ubuntu abantu batobato arahiriwe+.
22 Mbega abategura imigambi mibi ntibazozimira?
Ariko abiyemeje gukora ivyiza barakundwa kandi bakizigirwa+.
23 Akigoro kose umuntu agize karavamwo ivyiza,ariko uwishinga akarimi gusa atahira ubukene+.
24 Urugori rw’abantu b’abanyabwenge* ni itunga ryabo,ariko ibijuju bizotahira ubupfu bwavyo+.
25 Icabona c’ukuri kirarokora ubuzima,ariko icabona c’ikinyoma kivuga* ububeshi gusa.
26 Umuntu atinya Yehova aramwizigira cane+,kandi ivyo bizobera ubuhungiro abana biwe+.
27 Gutinya Yehova ni isoko ry’ubuzima.Birarinda umuntu kugwa mu mitego y’urupfu.
28 Abanyagihugu benshi batuma umwami agira iteka+,ariko umutegetsi atagira abo atwara aba atemvye.
29 Uwuteba gushavura aba afise ugutahura kwinshi+,ariko uwutihangana ashira ahabona ubupfu bwiwe+.
30 Umutima utekanye utuma umubiri ugira amagara meza,ariko ishari ni nk’indwara ituma amagufa abungwa+.
31 Uwuzuruma* umuntu mutoyi aba asuzuguye Uwamuremye+,ariko uwugirira akagongwe umukene aba aninahaje Imana+.
32 Umubisha azotembagazwa n’ikibi ciwe,ariko umugororotsi azokizwa n’ugutungana kwiwe+.
33 Ubukerebutsi bwihishije mu mutima w’umunyabwenge*+,ariko mu bijuju butegerezwa kwiyerekana.
34 Ubugororotsi butuma igihugu gishirwa hejuru+,ariko igicumuro gituma ihanga rimaramara.
35 Umwami ahimbarwa n’umusuku akorana ubwenge*+,ariko uwukora ibintu biteye isoni aramushavuza+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «w’inkerebutsi.»
^ Canke «gihema.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ibijuju bihenda abandi.»
^ Canke «ntivyitaho gukosora ivyo vyononye.»
^ Canke «atazi utuntu n’utundi.»
^ Canke «inkerebutsi.»
^ Canke «kirashavura.»
^ Canke «umuntu afise ubushobozi bwo kwiyumvira.»
^ Canke «batazi utuntu n’utundi.»
^ Canke «b’inkerebutsi.»
^ Canke «gihema.»
^ Canke «uwugunga.»
^ Canke «w’umuntu afise ugutegera.»
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»