Imigani 29:1-27

29  Umuntu akosorwa kenshi ariko ntiyumve*+azovunika bukwi na bukwi kandi ntazokira+.   Iyo abagororotsi babaye benshi, abantu barahimbarwa.Ariko iyo umubisha aganje, abantu baraboroga+.   Umuntu akunda ubukerebutsi anezereza se+,ariko uwugendana n’abamaraya asesagura ubutunzi bwiwe+.   Umwami akurikiza ubutungane atuma igihugu gitekana+,ariko umuntu aguma arondera ibiturire aragisambura.   Umuntu asiga inkore ku maso mugenziweaba ateze urusenga ibirenge vyiwe+.   Umuntu mubi agwa mu mutego w’ibicumuro vyiwe+,ariko umugororotsi aranezerwa kandi akavuza impundu+.   Umugororotsi aritaho uburenganzira bw’abakene+,ariko umubisha ntabwitaho+.   Abantu birata batuma igisagara kigumuka+,ariko abanyabwenge* barahwamika ishavu+.   Iyo umunyabwenge ariko aburana n’ikijuju,humvikana induru n’agatwengo, kandi umunyabwenge nta co ashikako+. 10  Abanyotewe gusesa amaraso baranka umuntu w’intungane*+,kandi baguma barondera kwica umugororotsi*. 11  Ikijuju kirasuka ishavu ryaco ryose+,ariko umunyabwenge aguma atekanye, akigumya+. 12  Igihe umutware yumviriza ibinyoma,abasuku biwe bose baca baba ababisha+. 13  Umukene n’uwuhahaza abandi bahuriye kuri iki kintu: Yehova ni we atuma bose babona umuco*. 14  Igihe umwami acira abakene imanza zigororotse+,intebe yiwe y’ubwami yama ikomeye+. 15  Inkoni* n’ugukosorwa ni vyo bituma umwana aca ubwenge+,ariko umwana barekerana amaramaza nyina. 16  Iyo ababisha babaye benshi, n’ibicumuro biba vyinshi,ariko abagororotsi bazobona ingene batemba+. 17  Kosora umwana wawe, na we azokuruhurirakandi azotuma uhimbarwa cane+. 18  Ahatagira ukuyoborwa n’Imana* abantu barirekura+,ariko abagamburuka amategeko barahiriwe+. 19  Umusuku ntiyemera gukosorwa n’amajambo gusa,kuko naho aba yayatahuye ntagamburuka+. 20  Woba umaze kubona umuntu ahuruduka mu vyo avuga+? Ikijuju kiramurusha kazoza keza+. 21  Igihe umusuku afyinishijwe kuva mu buto,amaherezo acika intashima. 22  Umuntu akaza ishavu avyura amahane+,kandi umuntu akunda kuraka acumura kenshi+. 23  Ubwishime bw’umuntu buzomucisha bugufi+,ariko uwicisha bugufi mu mutima azoninahazwa+. 24  Uwushigikira igisuma ntaba yikunda. Yoshobora kwumva bahamagara uwoza kuba icabona*, ariko akinumira+. 25  Gutinya abantu* ni ukwitega umutego*+,mugabo uwizigira Yehova azokingirwa+. 26  Abasaba umubonano* ku mutegetsi ni benshi,ariko Yehova ni we atuma umuntu atunganirizwa+. 27  Umugororotsi aranka umuntu arenganya abandi+,kandi n’umubisha aranka umugororotsi+.

Utujambo tw'epfo

Canke «akadadaza izosi.»
Canke «inkerebutsi.»
Canke «atagirako umugayo.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ariko abagororotsi baguma barondera gukingira ubuzima bwiwe.»
Ni ukuvuga ko ari we abaha ubuzima.
Canke «gutozwa indero», «igihano.»
Canke «iyerekwa», «uguhishurirwa.»
Canke «kwumva indahiro irimwo umuvumo.»
Canke «kujugumira imbere y’abantu.»
Canke «ni umutego.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «abarondera gushimwa.» Mu giheburayo havuga ngo «abarondera mu maso.»