Indirimbo ya Salomo 8:1-14
-
Umukobwa (1-4)
-
«Ese iyaba wari nka musazanje» (1)
-
-
Basaza b’umukobwa (5a)
-
«Uwo ni nde yegamiye umukunzi wiwe?»
-
-
Umukobwa (5b-7)
-
«Urukundo rukomeye nk’urupfu» (6)
-
-
Basaza b’umukobwa (8, 9)
-
«Niyaba ari uruhome, . . . mugabo niyaba ari umuryango, . . .» (9)
-
-
Umukobwa (10-12)
-
«Ndi uruhome» (10)
-
-
Umwungere (13)
-
«Ndashashaye kwumva akajwi kawe»
-
-
Umukobwa (14)
-
«Nyaruka nk’ingeregere»
-
8 Ese iyaba wari nka musazanje,yonse amabere ya mawe!
Nari kugusanga hanze nkagusoma+,kandi nta n’umwe yari kunsuzugura.
2 Nari kukujana,nkakwinjiza mu nzu ya mawe+,uwanyigishije.
Nari kuguha umuvinyu urimwo ibimota,umutobe mushasha w’amakomamanga.
3 Ukubamfu kwiwe kwari kunsegura umutwe,ukuryo kwiwe na kwo kukamfumbatira+.
4 Yemwe bakobwa b’i Yeruzalemu, ndabarahije:
ntimugerageze gukangura canke kuvyura urukundo muri jewe ntararwiyumvamwo+.»
5 «Uwo mukobwa ariko aduga mu bugaragwayegamiye umukunzi wiwe ni nde?»
«Nagukanguye uri munsi y’igiti c’amapome.
Aho ni ho nyoko wawe yafatiwe n’ibise vy’inda yawe.
Aho ni ho uwakwibarutse yafatiwe n’ibise.
6 Nunshire ku mutima wawe nk’ikidodo,nk’ikidodo ku kuboko kwawe,kuko urukundo rukomeye nk’urupfu+,ukudahemuka na kwo kugakomera nk’ukuzimu.
Imbeya zarwo ni umuriro ururumba, urubeya rwa Yehova*+.
7 Amazi asuriranya ntashobora kuzimya urukundo+,kandi n’inzuzi ntizishobora kurutwara+.
Naho umuntu yotanga ubutunzi bwose afise mu nzu yiwe kugira agure urukundo,abantu bobusuzugura* cane.»
8 «Turafise mushiki wacu mutoyi+ataramera amabere.
Tuzomugirira ikiumusi bazomusaba?»
9 «Niyaba ari uruhome,tuzomwubakako umunara w’ifeza.Mugabo niyaba ari umuryango,tuzomuzibiza urubaho rw’isederi.»
10 «Ndi uruhome,kandi amabere yanje ameze nk’iminara.
Ni co gituma igihe andavyeabona ko mfise amahoro.
11 Salomo yari afise umurima w’imizabibu+ i Bayali-Hamoni.
Uwo murima yawujeje abawitwararika,
kandi umwe wese yaza aramuha ifeza igihumbi kubera umwimbu wawo.
12 Ndifitiye umurima wanje w’imizabibu.
Ewe Salomo, izo feza igihumbi* ni rwawe,amajana abiri na zo ni iz’abitwararika umwimbu wawo.»
13 «Ewe muntu wibera mu mirima+,abagenzi barashashaye kwumva akajwi kawe,
kandi na jewe ndashashaye kukumva+.»
14 «Nyaruka mukunzi wanje,wiruke nk’ingeregere+canke impongo ikiri nto,ku misozi imerako ibiterwa bimota neza.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «bomusuzugura.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ico gihumbi.»