Itanguriro 15:1-21
15 Inyuma y’ivyo, Yehova abwira Aburamu mw’iyerekwa ati: «Ntutinye+ Aburamu. Ndi inkinzo yawe+. Impembo yawe izoba nini cane+.»
2 Aburamu amwishura ati: «Mukama Segaba Yehova, uzompa iki ko gushika n’ubu ata kana ndaronka, kandi uwuzotorana ivyo mu rugo rwanje akaba ari Eliyezeri+ umuntu w’i Damasiko?»
3 Yongerako ati: «Raba nta ruvyaro*+ wampaye, kandi umukozi* wo mu rugo rwanje ni we azotorana ivyanje.»
4 Ariko Yehova amwishura ati: «Uyo si we azotorana ivyawe. Umuhungu wawe bwite ni we azobitorana+.»
5 Imana ica imusohora hanze imubwira iti: «Ndagusavye urabe mu kirere, uharure inyenyeri nimba wobishobora.» Yongerako iti: «Ukwo ni ko uruvyaro* rwawe ruzongana+.»
6 Nuko Aburamu yizera Yehova+, na we aca abona ko ari umugororotsi*+.
7 Imana imubwira kandi iti: «Ndi Yehova, uwagukuye mu gisagara ca Uri c’Abakaludaya kugira ndaguhe iki gihugu ngo kibe rwawe+.»
8 Aburamu yishura ati: «Mukama Segaba Yehova, nokwemezwa n’iki ko kizoba rwanje?»
9 Imana ica imubwira iti: «Tora inka y’ishashi y’imyaka itatu, impene ivyara y’imyaka itatu, impfizi y’intama y’imyaka itatu, intunguru hamwe n’inuma ikiri nto.»
10 Aburamu aca atora ivyo bintu vyose, abikatamwo kubirikubiri araheza apanga ibihimba vyavyo kimwe kirabana n’ikindi*, ariko inyoni ntiyazikata.
11 Ibisiga biguma bimanuka kurya iyo mivyimba, mugabo akaguma avyirukana.
12 Izuba rigira rirenge, Aburamu afatwa n’itiro ryinshi maze umwijima uteye ubwoba uramuhwikira.
13 Imana ica imubwira iti: «Umenye neza ko abagukomokako* bazoba abanyamahanga mu gihugu atari rwabo, kandi abantu bo muri ico gihugu bazobagira abaja bongere babatoteze imyaka 400+.
14 Mugabo nzocira urubanza iryo hanga rizobagira abaja+, kandi inyuma y’aho bazovayo bafise ibintu vyinshi+.
15 Nayo wewe, uzohamvya ba sokuruza bawe amahoro, uzohambwa wisaziye neza+.
16 Ariko bazogaruka hano+ mu gihe c’urunganwe* rugira kane, kuko igihe co guhana Abamori kitaragera*+.»
17 Izuba rimaze kurenga, bumaze kwira cane, aza abona ifuru ifumba umwotsi, maze igishirira kirurumba gica hagati ya vya bihimba.
18 Kuri uwo musi Yehova agirana isezerano na Aburamu+, avuga ati: «Iki gihugu+ nzogiha uruvyaro* rwawe, kuva ku ruzi rwa Misiri gushika kuri rwa ruzi runini ari rwo Efurate+.
19 Nzobaha akarere k’Abakeni+, ak’Abakenizi, Abakadimoni,
20 Abaheti+, Abaperizi+, Abarefayimu+,
21 Abamori, Abanyakanani, Abagirugashi n’Abayebusi+.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umuhungu wo mu rugo rwanje.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Canke «abimuharurako nk’ubugororotsi.»
^ Canke «ku buryo kimwekimwe gihura na kigenzi caco.»
^ Canke «uruvyaro rwawe.»
^ Canke «iyaruka.»
^ Canke «kuko ikosa ry’Abamori ritaruzura.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»