Itanguriro 19:1-38
19 Ba bamarayika babiri bashika i Sodomu ku mugoroba, kandi Loti yari yicaye kw’irembo rya Sodomu. Ababonye aca arahaguruka aja kubasanganira, arunama mu maso hashika hasi+.
2 Ababwira ati: «Batungwa, ndabasavye muce ku muhana w’umusavyi wanyu, muharare bongere baboze ibirenge. Muzoheza muvyuke kare mubandanye urugendo rwanyu.» Na bo bamwishura bati: «Oya, turara mu kibanza rusangi*.»
3 Mugabo arabinginga ku buryo bajana muhira iwe. Aca abategurira imfungurwa zidasanzwe, abokereza n’imikate itarimwo umwambiro, baraheza barafungura.
4 Imbere y’uko baja kuryama, abagabo bose bo mu gisagara ca Sodomu, uhereye ku gahungu gatoyi gushika ku mutama, baza ari isinzi maze bakikuza iyo nzu.
5 Baguma basemerera babwira Loti bati: «Ba bagabo baza ng’aha ku mugoroba bari hehe? Basohore turyamane na bo+.»
6 Loti aca arasohoka aja iyo bari, mugabo asiga yugaye umuryango.
7 Ababwira ati: «Ndabinginze benewacu, ntimukore ico kibi.
8 Umve, ndafise abakobwa babiri batarigera baryamana n’umugabo. Reka ndababazanire mubakorere ivyo mushaka. Ariko ntihagire ico mugira aba bagabo, kuko ari abashitsi banje*+.»
9 Bamwishura bati: «Tuve imbere!» Bongerako bati: «Uyu munyamahanga yaje kuba ino, none ariko yigira umucamanza wacu! Ubu rero tugira tugukorere ikibi kuruta ico twari kubakorera.» Baca baramusunura* maze begera umuryango kugira bawubomore.
10 Ba bagabo babiri baca barakwega Loti bamwinjiza iyo bari mu nzu maze bugara umuryango.
11 Baca bahuma amaso* abo bagabo bari imbere y’umuryango, kuva ku muto gushika ku mukuru, baguma barondera umuryango ariko barawubura.
12 Ba bagabo babiri babwira Loti bati: «Hari iyindi ncuti ufise ng’aha? Fata abakwe bawe, abahungu bawe, abakobwa bawe n’abandi bose ufise muri iki gisagara, ubakure aha hantu.
13 Tugira tuhahonye, kuko induru y’abidogera ababa muri iki gisagara yabaye nyinshi imbere ya Yehova+. Ni co gituma Yehova yaturungitse kugihonya.»
14 Loti aca arasohoka aja kubibwira abakwe biwe, ni ukuvuga abahungu bari bimirije gutwara abakobwa biwe. Aguma ababwira ati: «Nyarutsa muve aha hantu, kuko Yehova agira ahonye iki gisagara!» Ariko kuri bo wamengo ariko arifyinira+.
15 Butaraca neza, ba bamarayika batangura kwihutisha Loti bati: «Nyarutsa utore umugore wawe n’abakobwa bawe babiri muri kumwe maze muhunge kugira ntimupfe kubera ikosa ry’iki gisagara+.»
16 Akiriko arateba, ba bagabo baca bafata ukuboko kwiwe n’ukw’umugore wiwe n’amaboko y’abakobwa biwe babiri, bamusohora hanze y’igisagara+, kuko Yehova yari yamugiriye impuhwe+.
17 Bakimara gusohoka igisagara, umwe muri bo amubwira ati: «Hunga unyage amagara! Nturabe inyuma+ kandi ntuhagarare ahantu na hamwe muri iyi ntara+. Hungira hariya mu misozi kugira ntupfe!»
18 Mugabo Loti ababwira ati: «Oya Yehova sinoja hariya!
19 Wakoze kungirira imbabazi n’ubuntu bwinshi*, urandokora+ jewe umusavyi wawe, ariko sinoshobora guhungira hariya mu misozi, kuko ntinya ko icago cohava kinshikira ngapfa+.
20 Hariho agasagara gatoyi kari hafi nohungiramwo. Ndagusavye unyemerere mpungireyo, mbone kubaho. Ni agasagara gatoyi.»
21 Na we amubwira ati: «Sawa, ndabikwemereye+. Sinzohonya ico gisagara uvuze+.
22 Hungirayo ningoga, kuko ata co nshobora gukora utarashikayo+.» Ni co gituma ico gisagara ciswe Zowari*+.
23 Nuko Loti ashika i Zowari izuba rimaze guseruka.
24 Yehova aca atiburira kuri Sodomu na Gomora amazuku* n’umuriro, bikoroka bivuye kuri Yehova mw’ijuru+.
25 Ukwo ni ko yatikije ivyo bisagara, emwe iyo ntara yose n’ababa muri ivyo bisagara bose n’ivyatsi vyose vyari muri ako karere+.
26 Ariko muka Loti yariko agendera inyuma y’umugabo wiwe. Nuko atangura kuraba inyuma, aca ahinduka inkingi y’umunyu+.
27 Aburahamu avyuka kare mu gitondo, aja ha hantu yari ahagaze ariko avugana na Yehova+.
28 Aravye i Sodomu n’i Gomora no muri iyo ntara yose, abona ibintu biteye ubwoba: umwotsi mwinshi cane umeze nk’umwotsi uva mw’ifuru* wariko uraduga uva muri iyo ntara+!
29 Igihe Imana yatikiza ibisagara vyo muri iyo ntara, yarazirikanye Aburahamu mu gukura Loti muri ivyo bisagara, kuko ari ho yari asanzwe aba+.
30 Mu nyuma, Loti ava i Zowari ari kumwe n’abakobwa biwe babiri, aja kuba mu misozi+ kuko yatinya kuba i Zowari+. Aba mw’isenga ry’ibuye ari kumwe n’abakobwa biwe babiri.
31 Maze umukobwa w’imfura abwira mutoyi wiwe ati: «Data arashaje, kandi nta mugabo ari muri aka karere ngo adutware nk’uko bigenda kw’isi yose.
32 Ingo tumuhe umuvinyu hanyuma turyamane na we kugira turonke uruvyaro.»
33 Baguma baha se umuvinyu muri iryo joro. Maze umukobwa w’imfura arinjira aryamana na we, ariko se ntiyamenya igihe yaryamiye n’igihe yavyukiye.
34 Bukeye, umukobwa w’imfura abwira mutoyi wiwe ati: «Naraye ndyamanye na dawe. Tuze kumwongera umuvinyu no muri iri ijoro, hanyuma ugende uryamane na we kugira turonke uruvyaro.»
35 Baguma baha se umuvinyu no muri iryo joro. Maze umukobwa mutoyi arinjira aryamana na we, ariko se ntiyamenya igihe yaryamiye n’igihe yavyukiye.
36 Nuko abo bakobwa bose ba Loti batwara inda ya se.
37 Umukobwa w’imfura avyara umuhungu maze amwita Mowabu+. Ni we sekuru w’Abanyamowabu gushika n’uyu musi+.
38 Umukobwa mutoyi na we nyene avyara umuhungu maze amwita Beni-Ami. Ni we sekuru w’Abamoni+ gushika n’uyu musi.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «kuko ari jewe njejwe kubakingira.» Mu giheburayo havuga ngo «kuko bari mu gitutu c’inzu yanje.»
^ Canke «baca barundana kuri Loti.»
^ Canke «bateza uruhumyi.»
^ Canke «n’urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Iryo zina risobanura ngo «gitoyi.»
^ Ni ibintu bimeze nk’ifu vyaka cane. Mu gifaransa bavyita soufre.
^ Canke «itanure.»