Itanguriro 28:1-22
28 Izahaki aca ahamagara Yakobo, aramuhezagira maze amutegeka ati: «Ntuze uzane umugore wo mu bakobwa b’i Kanani+.
2 Nuje i Padani-Aramu kwa Betuweli se wa nyoko wawe, urondere umugore mu bakobwa ba Labani+ musaza wa nyoko wawe.
3 Imana Mushoboravyose izoguhezagira, itume urondoka yongere ikugwize, kandi uzovamwo ishengero ry’amahanga menshi+.
4 Izoguhezagira mwe n’uruvyaro* rwawe, nk’uko yahezagiye Aburahamu+, ikugabire igihugu wabayemwo uri umunyamahanga, ico yahaye Aburahamu+.»
5 Nuko Izahaki arungika Yakobo, aja i Padani-Aramu kwa Labani umuhungu wa Betuweli Umwaramu+. Labani yari musaza wa Rebeka+ nyina wa Yakobo na Esawu.
6 Esawu amenya ko Izahaki yari yahezagiye Yakobo akamurungika i Padani-Aramu kuronderayo umugore, be n’uko yari yamutegetse ngo ntazane umugore wo mu bakobwa b’i Kanani+.
7 Amenya kandi ko Yakobo yari yagamburukiye se na nyina akaja i Padani-Aramu+.
8 Esawu rero aca abona ko se wiwe Izahaki adakunda abakobwa b’i Kanani+.
9 Aca aja kwa Ishimayeli umuhungu wa Aburahamu maze atwara Mahalati umukobwa wiwe, amwongera ku bandi bagore yari afise+. Mahalati yari mushiki wa Nebayoti.
10 Nuko Yakobo ava i Beri-Sheba, afata urugendo aja i Harani+.
11 Abonye izuba rirenze, aca afata ingingo yo kurara aho yari ageze. Araheza atora rimwe mu mabuye yari aho kugira aryiseguze, aryama ng’aho+.
12 Maze ararota, abona ingazi yava kw’isi igashika kw’ijuru. Abamarayika b’Imana baguma baduga bongera bamanuka kuri yo+.
13 Abona kandi Yehova ari hejuru yayo, maze abwira Yakobo ati:
«Ndi Yehova Imana ya Aburahamu sokuru wawe n’Imana ya Izahaki+. Iki gihugu uryamyeko nzokiguha mwe n’uruvyaro* rwawe+.
14 Uruvyaro* rwawe ruzogwira nk’umukungugu wo kw’isi+. Ruzokwiragira mu burengero, mu buseruko, mu buraruko no mu bumanuko, kandi imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa* vy’ukuri biciye kuri wewe no ku ruvyaro rwawe+.
15 Ndi kumwe nawe, nzogukingira aho uzoja hose kandi nzokugarukana muri iki gihugu+. Sinzoguta kandi nzoshitsa ivyo nagusezeraniye+.»
16 Maze Yakobo arikangura, avuga ati: «Ni ukuri Yehova ari muri iki kibanza, kandi sinari ndabizi.»
17 Aca aratinya, yongerako ati: «Aha hantu harateye ubwoba vy’ukuri! Emwe, iyi ni inzu y’Imana koko+, ni irembo ry’ijuru+.»
18 Hanyuma Yakobo avyuka kare mu gitondo, atora rya buye yari yiseguje, arishinga nk’inkingi maze arisukako amavuta hejuru+.
19 Aho hantu aca ahita Beteli*, ariko ico gisagara kera citwa Luzi+.
20 Yakobo aca agira iyi ndagano ati: «Imana niyagumana nanje, ikankingira mu rugendo rwanje, ikampa ibifungurwa* n’ivyambarwa
21 kandi nkagaruka amahoro mu rugo kwa data, Yehova azoba yerekanye vy’ukuri ko ari Imana yanje.
22 Iri buye nashinze nk’inkingi rizocika inzu y’Imana+, kandi sinzobura guha Imana ic’icumi c’ikintu cose izompa.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Canke «izokwironsa umuhezagiro.»
^ Iryo zina risobanura ngo «inzu y’Imana.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»