Itanguriro 31:1-55
31 Haciye igihe, Yakobo yumva ko abahungu ba Labani baza baravuga ngo: «Yakobo yaratwaye ibintu vyose vya data. Itunga afise ryose yarikuye mu bintu vya data+.»
2 Yakobo aravye mu maso ha Labani, yarabona ko atakimuraba neza nka kera+.
3 Maze Yehova abwira Yakobo ati: «Subira mu gihugu ca ba sokuru bawe no mu ncuti zawe+, nanje nzogumana nawe.»
4 Yakobo aca atumako Rasheli na Leya ngo bamusange mu gahinga aho yari aragiye ibitungwa vyiwe,
5 ababwira ati:
«Ndabona ko so wanyu atakindaba neza+, ariko Imana ya data yagumanye nanje+.
6 Murazi neza ko nakoreye so wanyu n’inguvu zanje zose+.
7 So wanyu yaragerageje kumpenda, ahindura impembo yanje incuro cumi zose, mugabo Imana ntiyamwemereye kungirira nabi.
8 Igihe yaba avuze ngo: “Iz’utudorodonzi ni zo zizoba impembo yawe”, ubusho bwose bwaca buvyara iz’utudorodonzi. Ahinduye na ho akavuga ngo: “Iz’uturongorongo ni zo zizoba impembo yawe”, ubusho bwose bwaca buvyara iz’uturongorongo+.
9 Imana rero yaguma itwara ibitungwa vya so ikabimpa.
10 Umusi umwe ibitungwa vyari mu kiringo co kwima, nca mbona mu ndoto isuguru z’uturongorongo, iz’utudorodonzi n’iz’ibirabagu ni zo zariko zurira ubusho+.
11 Umumarayika w’Imana y’ukuri yaciye ampamagara ndi muri iyo ndoto ati: “Yakobo!” Nanje nti: “Sabwe.”
12 Aca ambwira ati: “Raramura amaso urabe, isuguru zose ziriko zurira ubusho ni iz’uturongorongo, iz’utudorodonzi n’iz’ibirabagu, kuko nabonye ivyo Labani ariko aragukorera vyose+.
13 Ndi Imana y’ukuri yakubonekeye i Beteli+, hamwe wasuka amavuta* ku nkingi y’ibuye ukongera ukangirira indagano+. Ubu rero haguruka uve muri iki gihugu, usubire mu gihugu cawe c’amavukiro+.”»
14 Rasheli na Leya bamwishura bati: «Mbe hari ico tugisigaje gutorana mu rugo kwa data?
15 Ntasigaye atubona nk’abanyamahanga kubera yatugurishije, akaba abeshejweho n’amahera yahawe ku bwacu+?
16 Itunga ryose Imana yatwaye data ni rwacu n’abana bacu+. Nukore rero ikintu cose Imana yakubwiye+.»
17 Yakobo aca arahaguruka, yuriza abana biwe n’abagore biwe ku ngamiya+.
18 Atora ibitungwa vyose yari yaronkeye i Padani-Aramu n’ibintu vyose yari yaregeranije+, aca afata urugendo aja kwa Izahaki se wiwe mu gihugu ca Kanani+.
19 Ico gihe Labani yari yagiye kumwa* ubwoya intama ziwe. Nuko Rasheli yiba ibigirwamana*+ vya se wiwe+.
20 Vyongeye, Yakobo yari yagize amayeri, ahunga atabibwiye Labani Umwaramu.
21 Nuko arahunga maze ajabuka rwa ruzi runini*+, ajabukana n’ivyo yari afise vyose, aja mu misozi ya Gileyadi+.
22 Ku musi ugira gatatu, bamenyesha Labani ko Yakobo yari yahunze.
23 Labani aca atora incuti ziwe* maze bakurikira Yakobo, bagira urugendo rw’imisi indwi, bamuhambiriza mu misozi ya Gileyadi.
24 Ariko mw’ijoro, Imana ibonekera Labani Umwaramu+ mu ndoto+, imubwira iti: «Wiyubare ku vyo ubwira Yakobo, vyaba vyiza canke bibi+.»
25 Yakobo yari yashinze ihema ryiwe mu misozi ya Gileyadi, Labani na benewabo na bo nyene bari bashinze amahema yabo muri ako karere. Nuko Labani yegera Yakobo,
26 amubwira ati: «Ivyo wagize ni ibiki? Kuki wagize amayeri ugatwara abakobwa banje nk’imbohe zafatiwe ku rugamba?
27 Kuki wagize amayeri ugahunga mu mpisho utambwiye? Iyo ubimbwira, sinari kukurungika mu munezero, tukakuririmbira kandi tukakuvugiriza ingoma n’inanga?
28 Ariko ntiwampaye n’akaryo ko gusezera* abuzukuru banje n’abakobwa banje. Ibintu wakoze ntibibaho.
29 Nari mfise ububasha bwo kubagirira nabi, ariko Imana ya so wawe yavuganye nanje mw’ijoro, imbwira iti: “Wiyubare ku vyo ubwira Yakobo, vyaba vyiza canke bibi+.”
30 Ego data wanje wagiye kubera wari ukumbuye gusubira kwa so wawe, ariko ni kubera iki waciye wiba imana zanje+?»
31 Yakobo yishura Labani ati: «Nabitumwe n’ubwoba, kuko nibwiye nti: “Wohava unyaka abakobwa bawe ku nguvu.”
32 Uwo usangana imana zawe ace yicwa. Nusake ivyo mfise vyose abantu bacu bose babona, hanyuma utware ivyo usanga ari rwawe.» Yakobo ntiyari azi ko Rasheli yari yazivye.
33 Nuko Labani yinjira mw’ihema rya Yakobo no mw’ihema rya Leya no mw’ihema rya ba basukukazi babiri+, mugabo ntiyazitora. Aca arasohoka mw’ihema rya Leya yinjira mw’ihema rya Rasheli.
34 Mugabo Rasheli yari yashize ivyo bishusho* mu gasaho k’ikintu bicarako ku ngamiya*, aca avyicarako. Maze Labani asaka ahantu hose muri iryo hema, ariko ntiyabitora.
35 Rasheli aca abwira se wiwe ati: «Ntushavure mukama wanje, sinshoboye guhaguruka kuko ndi muri vya bihe vy’abakenyezi+.» Nuko se wiwe abandanya gusaka yitonze, ariko ntiyatora ivyo bishusho+.
36 Yakobo aca arashavura, atangura gukarira Labani, amubwira ati: «Ikibi nakoze ni ikihe? Icaha nakoze gituma unkurikira warakaye ni ikihe?
37 Ko wasatse mu bintu vyanje vyose, hari ikintu cawe wasanzeyo? Gishire aha imbere y’abantu banje n’abantu bawe hanyuma baducire urubanza.
38 Muri iyi myaka 20 tumaranye, nta ntama yawe canke impene yawe yigeze ivyara icapfuye*+, kandi sinigeze ndya impfizi y’intama yo mu busho bwawe.
39 Sinigeze ndakuzanira igitungwa catabaguwe n’igikoko+, ni je nemera kugihomba. Hagize icibwa ku murango canke mw’ijoro, waruhuka ndakikwishuye.
40 Ku murango izuba ryirirwa rirankubita, mw’ijoro nkarara ndicwa n’imbeho, kandi sinigera ntora agatiro+.
41 Maze imyaka 20 mu rugo rwawe. Nagukoreye imyaka 14 ku bw’abakobwa bawe babiri, n’imyaka 6 ku bw’ibi bitungwa, kandi wahinduye impembo yanje incuro cumi zose+.
42 Iyo Imana ya dawe+, Imana ya Aburahamu, imwe Izahaki yatinya+ itaba ku ruhande rwanje, uba undungitse ngaragara. Imana yarabonye amagorwa yanje n’igikorwa kitoroshe nakoze, ni co gituma yaraye ikugabishije muri iri ijoro+.»
43 Labani aca amwishura ati: «Abo bagore ni abakobwa banje, abo bana na bo ni abazukuru banje. Ivyo bitungwa ni rwanje kandi ibi bintu vyose ubona ni ivyanje n’abakobwa banje. None hari ikibi nobakorera canke ngo ndagikorere abana bavyaye?
44 Ubu rero ingo tugiranire isezerano, jewe nawe, kandi rizoba icabona hagati yacu.»
45 Yakobo aca afata ibuye, arishinga nka kurya kw’inkingi+.
46 Maze abwira abantu bari ng’aho ati: «Nimutore amabuye!» Baca baratora amabuye bayagira ikirundo, baraheza barira kuri nya kirundo c’amabuye.
47 Labani acita Yegari-Sahaduta*, ariko Yakobo acita Galeyedi*.
48 Labani aca avuga ati: «Iki kirundo c’amabuye ni icabona hagati yanje nawe uno musi.» Ni co gituma yacise Galeyedi+.
49 Yacise kandi Umunara w’Inderetsi, kuko yavuze ati: «Yehova azogume atureretse jewe nawe, igihe ata wuzoba akibona uwundi.
50 Niwafata nabi abakobwa banje, ugatangura kuzana abandi bagore biyongera kuri bo, naho ata muntu n’umwe yobibona, wibuke ko Imana yoyo izoba ibibona kuko ari yo cabona cacu.»
51 Abandanya kubwira Yakobo ati: «Raba iki kirundo c’amabuye n’iyi nkingi nashinze hagati yawe nanje.
52 Iki kirundo c’amabuye n’iyi nkingi, ni icabona+ c’uko jewe ntazobirengana nje kukugirira nabi be n’uko nawe utazobirengana uje kungirira nabi.
53 Imana ya Aburahamu+ na Nahori ikaba n’Imana ya se wabo, niducire urubanza.» Yakobo na we aca amurahira akoresheje izina ry’Imana se wiwe Izahaki yatinya+.
54 Inyuma y’ivyo, Yakobo ashikana ikimazi kuri uwo musozi, aca atumira izo ncuti* ziwe ngo basangire ibifungurwa*. Nuko bararya maze barara kuri uwo musozi.
55 Labani avyuka kare mu gitondo, asezera* abuzukuru biwe+ n’abakobwa biwe yongera arabahezagira+. Aca afata urugendo asubira muhira iwe+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «hamwe warobanura.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Canke «gukemura.»
^ Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).
^ Ni uruzi Efurate.
^ Canke «benewabo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «gusoma.»
^ Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).
^ Canke «mu gasaho k’itandiko ry’ingamiya.»
^ Canke «yigeze iramburura.»
^ Ni imvugo y’igiharameya isobanura ngo «ikirundo c’icabona.»
^ Ni imvugo y’igiheburayo na yo nyene isobanura ngo «ikirundo c’icabona.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «benewabo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «asoma.»